ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/3 rup. 3
  • Amasengero Yirega

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amasengero Yirega
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe Pāpa Asavye Ikigongwe
  • Mbega Ni Kuki?
  • Ni Kuki Ariko Asaba Ikigongwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/3 rup. 3

Amasengero Yirega

“Pāpa Aburanya Ekeleziya.” “Ivya ya Sentare ya Gatolika Hamwe n’Irwanywa ry’Abayahudi—Isengero Iriko Yitegurira Kugira Mea Culpa.”a “Mea Culpa za kwa Gutikizwa kw’Abayahudi.” “Abametodiste Basaba Imbabazi Abahindi bo Muri Amerika y’Uburengero.”

WOBA urasoma imitwe y’amakuru nk’iyo? Mu buryo burushiriza kwongerekana, bisa n’uko amasengero ariko yemera ikosa akaba kandi ariko asaba imbabazi kubera ivyo yakoze mu binjana n’ibindi. Ibikoresho ntangazamakuru ntibisiba kwerekana izindi mea culpa [soma Meya Kulpa] zigirwa na pāpa.

Igihe Pāpa Asavye Ikigongwe

Hagati y’1980 n’1996, Luigi Accattoli, umusobanuzi w’i Vatikano, mu gitabu ciwe Quando il papa chiede perdono (Igihe Pāpa Asavye Ikigongwe), yavuze yuko Yohani Paulo wa II ‘yemeye amakosa yakozwe na Ekeleziya muri kahise kibure arasaba ikigongwe’ incuro zitari munsi ya 94. Nk’uko uwo Accattoli abivuga, “muri Ekeleziya Gatolika, pāpa wenyene ni we akwiye kugira mea culpa.” Kandi ivyo yarabigize, yerekeza ku nkuru zahaririweko vy’akataraboneka za kahise k’Abagatolika—za Ngamba Ntagatifu, intambara, ugushigikira intwaro z’agahotoro, amacakubiri mu masengero, irwanywa ry’Abayahudi, za Sentare za Gatolika, wa mugwi Mafia w’inkozi z’ikibi, hamwe n’ivangura ry’amoko. Mw ikete ryarungikiwe abakaradinali mu 1994, (iryo bamwe babona ko ari rwo rwandiko ruhambaye kuruta zose rwo kwa pāpa), Yohani Paulo wa II yasavye ko haba “Ukwirega ibicumuro kwa rusangi kw’ivyaha vyakozwe mu myaka igihumbi ishize.”

Abungere ba Ekeleziya benshi barakurikiye akarorero ka pāpa. Muri Kigarama 1994, ikinyamakuru co mu Butaliyano citwa Il Giornale cavuze giti: “Abasenyeri benshi bo muri Amerika baraserutse kuri televiziyo barasaba ikigongwe icese.” Bagisabira iki? Bagisaba kubera ko bafashe minenegwe ya ngorane y’abapadiri bagoka ku bana, ivyo bikaba bigirira nabi abakiri bato benshi babikorerwa. Muri Nzero 1995, ikinyamakuru La Repubblica caravuze ivy’ “ikintu c’akataraboneka mu vyakozwe muri Gatolika y’ubu”—ingorane y’uko Papa Piyo wa XII yinumiye mu vyerekeye kwa Gutikizwa kw’Abayuda yaricariwe. Muri Nzero 1995, ico kinyamakuru nyene cavuze yuko abasenyeri bo mu Budagi basavye imbabazi kubera “amakosa menshi” y’Abagatolika ba Roma bǎshigikiye ubukozi bw’ikibi bw’Abanazi. Amasengero atari amwe y’Abaporotisanti na yo nyene yaragiye aho arisuzuma.

Mbega Ni Kuki?

Bibiliya iraturemesha gusaba ikigongwe igihe twomerwa n’ikosa, kandi abenshi usanga bakomera amashi amasengero igihe agiyemwo akisuzuma. (Yakobo 5:16) Ariko ni kuki amasengero ariko akora ivyo? Ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku buryo tuyabona?

[Akajambo k’epfo]

a Iyo mvugo ni Ikilatini gisobanura ngo “ni ikosa ryanje bwite,” kakaba ari agace k’igisabisho c’Abagatolika (citwa Confiteor, bigasobanura ngo “Ndireze”), muri nya gisabisho umukirisu akaza arasubiramwo iyo mvugo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika