Urukundo Rwawe rwa Kivukanyi Nirubandanye!
‘Urukundo rwanyu rwa kivukanyi nirubandanye.’—ABAHEBURAYO 13:1.
1. Wogira iki ngo umuriro ugume waka mw ijoro hakanye, kandi ni ibanga irihe rimeze nk’iryo twese dushinzwe?
DUFATE ko hanze hakanye biteye ubwoba, igikonyozi kikaba kiguma congerekana. Aho ushobora kwikorako ngo wote mu nzu ni ku gacanwa kariko karaka ku ziko. Kugirango abantu babeho uguma ukegenyeza. Ubwo none worera amaboko gusa wirabira ingene imbeya zidegera hanyuma n’amakara yari urubengebenge akazima agacika umunyota? Birumvikana ko ivyo utobigira. Uguma uwongeramwo inkwi udahengeshanya kugirango ugume waka. Mu nsiguro imwe, umwe wese muri twebwe afise igikorwa ku vyerekeye “umuriro” uhambaye kuruta—uwukwiye kwaka mu mitima yacu. Uwo muriro ni urukundo.
2. (a) Ni kuki vyoshobora kuvugwa yuko urukundo rwatimvye muri iyi misi y’iherezo? (b) Urukundo ruhambaye ku rugero rungana iki ku Bakirisu b’ukuri?
2 Nk’uko Yezu yari yarabivuze kuva kera, ubu turi mu gihe urukundo ruriko ruratimba mu biyita Abakirisu hirya no hino kw isi. (Matayo 24:12) Yezu yariko avuga urukundo ruhambaye kuruta zose, ugukunda Yehova Imana n’ugukunda Ijambo ryiwe Bibiliya. Ayandi moko y’urukundo na yo nyene atera aja hasi. Bibiliya yari yaravuze yuko mu “misi y’iherezo,” benshi bobaye “badakunda ababo.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ese ukuntu ivyo ari ivy’ukuri! Urugo rukwiye kuba ubwugamo burangwamwo ugukundana kw’abarugize, ariko no muri rwo, ubukazi n’ugukorerwa amabi bisigaye bigwiriye, rimwe na rimwe hakabamwo uburyagumvyi buteye ubwoba. Ariko, muri iyi si iguye urukanya, Abakirisu ntibabwirizwa gukundana gusa, ariko gukundana urw’ukwihebera abandi, bagashira abandi imbere. Dukwiye kwerekana urwo rukundo ku mugaragaro ku buryo rwibonekeza kuri bose, rugacika ikimenyamanya kiranga ikorane ry’Abakirisu.—Yohana 13:34, 35.
3. Urukundo rwa kivukanyi ni iki, kandi kureka rukabandanya bisobanura iki?
3 Intumwa Paulo yarahumekewe ngo abwirize ati: ‘Urukundo rwanyu rwa kivukanyi ni rubandanye.’ (Abaheburayo 13:1) Dukurikije uko igitabu kimwe c’umuhanga cabivuze, ijambo ry’Ikigiriki rihibanurwa ngaha ngo “urukundo rwa kivukanyi” (phi·la·del·phiʹa) “ryerekeza ku rukundo rurimwo igishika, rugaragaza ubuntu, ikibabarwe, rurondera gufasha.” None Paulo yashaka kuvuga iki igihe yagira ngo dukwiye kureka urukundo mwene urwo rukabandanya? Ico gitabu nyene kivuga yuko “rudakwiye kwigera rutimba.” Urumva rero ko bidahagije kwumva dufitiye abavukanyi bacu igishika; dukwiye kureka bikibonekeza. Ikindi, dukwiye gutuma urwo rukundo ruramba, ntitwigere tureka ngo rutimbe. Vyoba bigoye? Egome, mugabo impwemu ya Yehova irashobora kudufasha tugatsimbataza igishaka ca kivukanyi kandi tukakizigama. Reka turabe uburyo butatu bwo kwegenyeza umuriro w’urwo rukundo mu mitima yacu.
Nimubabarane
4. Ukubabarana ni iki?
4 Niba ushaka kugirira abavukanyi n’abavukanyikazi bawe b’Abakirisu urukundo rwinshi kuruta, hari aho woba ukeneye kubanza kubumvira imbabazi, kubabarana na bo mu bigeragezo n’ingorane bahangana na vyo mu buzima. Intumwa Petero yasaba nk’ivyo nyene igihe yandika ibi: “Ibisigaye, mwese muhūze imitima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima.” (1 Petero 3:8) Ijambo ry’Ikigiriki ngaha rikoreshwa ngo ‘kubabarana’ ririmwo ‘ukubabarizwa hamwe n’umuntu.’ Hari umuhanga umwe mu Kigiriki ca Bibiliya iryo jambo arivugako ibi: “Ridondora irya mero y’umuzirikanyi ihaba igihe twinjiye mu nyiyumvo z’abandi nka kumwe zoba ari zo natwe ubwacu dufise.” Ni co gituma impuhwe zikenewe. Umusavyi umwe wa Yehova ageze mu zabukuru igihe kimwe yavuze ati: “Impuhwe ni akababaro kawe mu mutima wanje.”
5. Tumenya dute yuko Yehova agira imbabazi?
5 Yehova yoba ababarana gutyo? Ego cane. Nk’akarorero, ku vyerekeye ugucumukura kw’igisata ciwe Isirayeli dusoma ibi: “Yarababaranye na bo mu mibabaro yabo yose.” (Yesaya 63:9) Yehova ico yabona ntizari ingorane barimwo gusa; yarumviye imbabazi abantu biwe. Ukuntu nyene yumva amerewe kurabonekera mu majambo Yehova ubwiwe yabariye abantu biwe, yashizwe mu nyandiko muri Zakariya 2:8, uku: ‘Ubakorako aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje.’a Hariho umusasanuzi avuga ibi kuri uwo murongo: “Ijisho ni kimwe mu vyubake binyuranganye cane kandi biryohoye biri mu rukanka rw’umuntu; imbone y’ijisho na yo ikaba ari co gihimba gishikirwa kandi gihambaye birushirije c’ico cubake, ari na yo umuco wo hejuru winjiramwo kugira umuntu abone. Nta kintu na kimwe gishobora gushikiriza neza cane iciyumviro c’ukuntu Yehova abungabungana ikibabarwe kinonosoye abo afitiye urukundo.”
6. Yezu Kirisitu yerekanye imbabazi gute?
6 Yezu na we nyene yamye nantaryo yerekana ko ababarana mu buryo bushika kure. Kenshi yama ‘aterwa akagongwe’ n’ukuntu abantu nka we baba bamerewe, barwaye canke baruhijwe. (Mariko 1:41; 6:34) Yarerekanye yuko mu gihe hagize uwunanirwa no kugirira ubuntu abayoboke biwe basīzwe, yumva ko ari we ubwiwe yoba abikorewe. (Matayo 25:41-46) Muri iki gihe na ho ari we “muherezi mukuru” wacu mw ijuru, arashoboye “kubabarana natwe mu ntege nke zacu.”—Abaheburayo 4:15.
7. Imbabazi zishobora gute kudufasha igihe umuvukanyi canke umuvukanyikazi adushavuje?
7 “Kubabarana natwe mu ntege nke zacu”—ico none si iciyumviro gihumuriza? Vy’ukuri dushaka rero kugiriranira nk’ukwo nyene. Birumvikana ko kurondera ubugoyagoye bw’uwundi vyoroshe cane kuruta. (Matayo 7:3-5) Ariko ubutaha ni hagira umuvukanyi canke umuvukanyikazi agushavuza, ni kuki ivyo utobigerageza? Iyumvire hamwe ukuntu ivyiwe vyifashe ari ko na wewe nyene ivyawe biri, hamwe woba wakuriye mu vyo yakuriyemwo, hamwe woba ufise nk’ubwo bumuntu nyene afise, ukaba ufise udusembwa unigana na two tumeze nk’utwiwe. Ubwo urazi neza yuko utokora amakosa nk’ayiwe, canke mbere ko utokora ayayaruta? Mu gishingo c’ukwitega vyinshi birenze urugero ku bandi, dukwiye kubabarana, ari na vyo bizodufasha kuba abagira ibitegereka nka Yehova, we ‘yibuka ko turi umukungugu.’ (Zaburi 103:14; Yakobo 3:17) Arazi aho tugeza. Ntaho yigera adusaba ibiruta ibitegeretse dushobora kugira. (Gereranya na 1 Abami 19:5-7.) Twese nitube tugirira abandi imbabazi.
8. Dukwiye kugira iki igihe hari umuvukanyi canke umuvukanyikazi ariko aca mu magume?
8 Paulo yanditse avuga yuko ikorane rimeze nk’umubiri ugizwe n’ibihimba bitari bimwe bitegerezwa gukora bifatanije mu bumwe. Yongeyeko ati: “Urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo.” (1 Ab’i Korinto 12:12-26) Turakwiye kubabarana n’abariko baca mu magume manaka, canke tukabagirira ikibabarwe. Abakurambere baraja imbere mu kugira ivyo. Paulo yanditse kandi ibi: “Ni nde adakomera, nanje simbe udakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?” (2 Ab’i Korinto 11:29) Abakurambere hamwe n’abacungezi b’ingenzi barigana Paulo muri ivyo. Mu nsiguro bashikiriza, mu gikorwa cabo c’ubwungere, eka no mu kuntu batunganya ivyerekeye imanza, barihata kugira bagire imbabazi. Paulo yabwirije ati: “Murirane n’abarira.” (Abaroma 12:15) Igihe intama ziyumvisemwo ko abungere vy’ukuri bazumvira imbabazi, ko batahura aho zigeza, n’uko bababarana na zo mu magume zihanganye na yo, usanga ubusanzwe zakirana umutima ukunze impanuro, ubuyobozi, n’indero zitozwa. Ziritaba amakoraniro n’ishaka ryinshi, zizigiye yuko zihakura ‘ukuruhurirwa kw’imitima yazo.’—Matayo 11:29.
Ukwerekana Ugushima
9. Yehova yerekana gute ko ashima iciza kiri muri twebwe?
9 Uburyo bugira kabiri bw’ukwegenyeza urukundo rwa kivukanyi ni ukubigira biciye mu gushima. Kugira dushime abandi, dutegerezwa gushimikira kuri kamere nziza bafise hamwe n’utwigoro bagira, kandi tukabiha agaciro. Igihe tubigenjeje dutyo, tuba twiganye Yehova ubwiwe. (Abanyefeso 5:1) Buri musi araduharira ivyaha bitobito vyinshi. Aranaduharira ivyaha bikomakomeye mu gihe hari ukwihana nyakuri. Maze rero igihe aduhariye ivyaha vyacu, ntabigumako. (Ezekiyeli 33:14-16) Umwanditsi w’amazaburi yabajije ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?” (Zaburi 130:3) Ico Yehova ashimangira ni ibintu vyiza tugira mu kumukorera.—Abaheburayo 6:10.
10. (a) Ni kubera iki mu gihe abubakanye babuze ugushimana boba bageramiwe? (b) Uwuriko atakaza ugushima uwo bubakanye yogira iki?
10 Birahambaye canecane gukurikira ako karorero mu rugo. Mu gihe abavyeyi berekana yuko bashimana, baba bashiriyeho akarorero abo mu rugo. Muri iki kiringo c’imibano y’ababiranye itaramba, biroroshe cane ko umuntu afata uwo bubakanye uko abonye kandi agashira hejuru udusembwa twiwe, utugeso twizatwiza na two akadusuzugura. Ukwo kwiyumvira ibintu nabi kurakuguta umubano w’ababiranye, kukawuhindura umutwaro utazana umunezero. Niba ugushima uwo mwubakanye kwawe kugeze ahatemba, niwibaze uti ‘Uwo twubakanye yoba vy’ukuri ata kamere nziza nziza afise?’ Kubitiza agatima mpembero ku mpamvu yatumye mukundana hanyuma mukubakana. None ubwo izo mpamvu zose zatumye ukunda uwo muntu umwe gusa zoba zaragiye? Birumvikana ko zitagiye; kora rwose rero kugira ushime iciza kiri mu wo mwubakanye, hanyuma ugushima kwawe ugushire mu mvugo.—Imigani 31:28.
11. Niba ababiranye bashaka ko urukundo rwabo rutabamwo uburyarya, ni ingeso izihe bategerezwa kwirinda?
11 Ugushima kandi kurafasha ababiranye gukingira urukundo rwabo ngo rugume rutagiramwo uburyarya. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 6:6; 1 Petero 1:22.) Urukundo mwene urwo, urwegenyezwa n’ugushima kuvuye ku mutima, ntirwemera ko hagira uburyagumvyi bugirwa inzugi zugaye, ntirwemera ko havugwa amajambo ababaza kandi atetereza, ntirwemerera umuntu kwirengagiza uwo bubakanye ngo imisi irengane ata kajambo k’ubuntu canke k’urupfasoni kavuzwe, kandi vy’ukuri ntirwemera ko haba ivy’ukumukubagura ku mubiri. (Abanyefeso 5:28, 29) Umugabo n’umugore bashimana vy’ukuri barubahana. Ivyo ntibabigira gusa igihe bari mu bantu, ariko barabigira igihe cose bari mu nyonga za Yehova—tubivuze ukundi, ni igihe cose.—Imigani 5:21.
12. Ni kuki abavyeyi bakwiye guserura ko bashima iciza kiri mu bana babo?
12 Abana na bo nyene barakeneye kwumva ko bashimwa. Si ukuvuga ko abavyeyi bakwiye kwama babamijagira amajambo atagira mvura y’ukubaryohereza, ariko bakwiye kuvuga neza kamere zibereye kuyagwa neza z’abana babo hamwe n’iciza nyakuri bakora. Nimwibuke akarorero Yehova yatanze mu guserura ukugene ashima Yezu. (Mariko 1:11) Nimwibuke kandi akarorero Yezu yatanze ari we “shebuja” mu mugani. Yaravuze neza ‘abashumba b’abizigirwa’ babiri mu buryo bungana, naho nyene hariho itandukaniro mu vyo umwe wese yari yahawe, n’itandukaniro rijanye na vyo mu vyo umwe wese yimbuye. (Matayo 25:20-23; gereraya na Matayo 13:23.) Abavyeyi b’inkerebutsi na bo nyene bararonka uburyo bw’uguserura ugushima kamere buri mwana afise, ubushobozi afise hamwe n’ivyo arangura, bidasa n’ivy’uwundi. Ubwo nyene, baragerageza kudatsindagirira cane ku vyo nya bana babo barangura ku buryo boguma bumva bohiganwa. Ntibarondera ko abana babo bakura baturubikwa canke bavunwa umutima.—Abanyefeso 6:4; Ab’i Kolosayi 3:21.
13. Ni bande baja imbere mu vyo kwerekana ugushima uwuri mw ikorane wese?
13 Mw ikorane ry’Abakirisu, abakurambere n’abacungezi b’ingenzi baraja imbere mu vy’ukugaragaza ugushima uwuri mu busho bw’Imana wese ukwiwe. Ikibanza barimwo si icoroshe, uko bongera kandi bakikorera ibanga riremereye bashinzwe ry’ugutoza indero mu bugororotsi, kugarura abahuvye hakoreshejwe umutima w’ubugwaneza, no guha impanuro ikomeye abo bikenewe ko bayihabwa. Ayo mabanga atandukanye bayarimbanya bate?—Ab’i Galatiya 6:1; 2 Timoteyo 3:16.
14, 15. (a) Paulo yerekana gute uburimbane mu vy’ugutanga impanuro ikomeye? (b) Abakirisu b’abacungezi bashobora gute kurimbanya ikenerwa ry’ukugorora ibigoramye n’ikenerwa ry’ukuvuga ikorane neza? Tanga akarorero.
14 Akarorero ka Paulo karafasha cane. Yari umwigisha, umukurambere n’umwungere yibonekeje. Yabwirizwa kuraba amakorane yari afise ingorane zikomakomeye, kandi ntiyigeze atinya ngo yirinde gutanga impanuro ikomeye igihe vyaba ari nkenerwa. (2 Ab’i Korinto 7:8-11) Urabiye muri rusangi igikenurwa ca Paulo usanga atakunda gukankamira, atari igihe gusa ibintu vyaba bitumye kuba nkenerwa canke bigatuma vyoba vyiza gukoreshejwe. Muri ivyo yaragaragaje ubukerebutsi buva ku Mana.
15 Mu gihe igikenurwa umukurambere akorera imbere y’ikorane cogereranywa n’ururirimbo, ugukankamira n’ugukangiīra rero vyomera nk’inuta ry’umuziki riri ukwa ryonyene ryinjira muri nya ruririmbo. Iryo nuta ni ryiza mu kibanza caryo. (Luka 17:3; 2 Timoteyo 4:2) Iyumvire ururirimbo rurimwo iryo nuta ryonyene, rukaguma rusubirwamwo kenshikenshi. Ntirwoteba gukwaruza mu matwi yacu. Muri ubwo buryo nyene, Abakirisu b’abakurambere baragerageza kunonosora inyigisho batanga, bakayishiramwo ibintu binyuranye. Ntibayigarukiriza gusa ku kugorora ibigoramye. Ahubwo, ukuntu itangwa kwose ni ukuremesha. Nka kumwe kwa Yezu Kirisitu, abakurambere buzuye urukundo bahera ku kurondera iciza bovuga neza, ntibarondera agasembwa banegura. Barashima igikorwa kitoroshe Abakirisu bagenzi babo bakora. Barizigiye yuko muri rusangi umwe wese agira uko ashoboye kwose ngo akorere Yehova. Vyongeye abakurambere bama bagabirije gushira iyo nyiyumvo mu mvugo.—Gereranya 2 Ab’i Tesalonike 3:4.
16. Inyifato Paulo yari afise y’ugushima n’ukugira impuhwe yakoze iki ku Bakirisu nka we?
16 Nta woharira, benshi mu Bakirisu Paulo yakenuriye bariyumvamwo yuko abashima n’uko abumvira imbabazi. Ivyo tubimenya dute? Ihweze ukuntu bamererwa ku vyerekeye Paulo. Ntibamutinya, naho nyene yari afise ubukuru buhambaye. Oyaye, yarakundwa cane kandi akaba uwegereka. Mbere igihe yava ahantu hamwe, abakurambere ‘baramuguye mw izosi baramugumbira.’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:17, 37) Ese ukuntu abakurambere na twebwe twese hamwe dukwiye gukura ubwatsi kubera ko dufise ako karorero ka Paulo twokwigana! Egome, nitube dushimana.
Ibikorwa Biranga Ubuntu Mvarukundo
17. Ingaruka nziza ziva ku bikorwa biranga ubuntu mw ikorane ni izihe?
17 Kimwe mu vyokwegenyeza urukundo rwa kivukanyi ni igikorwa atari na kinini kiranga ubuntu. Nk’uko Yezu yabivuze, “gutanga kuzana [agahimbare], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe n’intumwa 20:35) Twaba dutanga mu vy’impwemu, mu vy’umubiri canke ku mwanya n’inkomezi vyacu, ntituba dutumye abandi bahimbarwa ari bo bonyene gusa, ariko na twebwe nyene. Mw ikorane, ubuntu burandukira. Igikorwa kiranga ubuntu kimwe kiraheza kikavyara ibikorwa nk’ivyo nyene mu nyuma. Bidatevye, igishika ca kivukanyi kirasagarara!—Luka 6:38.
18. “Imbabazi” zivugwa muri Mika 6:8 ni ukuvuga iki?
18 Yehova yabwirije igisata ca Isirayeli kugaragaza ubuntu. Muri Mika 6:8, dusoma ibi: “Yakweretse iciza ic’ari co, ga yewe muntu: mbega har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?” “Gukunda kugira imbabazi” bisobanura iki? Ijambo ry’Igiheburayo ryakoreshejwe ngaha ngo “imbabazi” (cheʹsedh) ryahibanuwe kandi mu Congereza ngo “ikigongwe.” Nk’uko bivugwa n’igitabu The Soncino Books of the Bible, iryo jambo “ryerekana ikintu gikora kuruta ijambo ry’Icongereza mercy (ikigongwe) rivuga ibidafadika. Risobanura ‘ikigongwe cerekanirwa mu bikorwa,’ ibintu birangurwa n’ibikorwa umuntu akora bivuye ku buntu mvarukundo, atari ibigirirwa abakene canke abatishoboye gusa, ariko ivyo umuntu agirira abantu nka we bose.” Gutyo hari uwundi muhanga avuga yuko cheʹsedh risobanura “urukundo rwerekanirwa mu ngiro.”
19. (a) Ni mu buryo ubuhe twoshobora kwibwiriza kugirira abandi imbabazi mw ikorane? (b) Tanga akarorero k’ukuntu wewe wagiriwe urukundo rwa kivukanyi?
19 Urukundo rwacu rwa kivukanyi si urwo mu ciyumviro gusa canke ikintu kidafadika. Ni ikintu c’ukuri cibonekeza. Nuko rero, rondera uburyo wogirira abavukanyi n’abavukanyikazi bawe ibintu biranga ubuntu. Numere nka Yezu, uwutama imisi yose arindira ko abantu bamwegera ngo bamusabe kubafasha, ahubwo kenshi yavyibwiriza. (Luka 7:12-16) Iyumvire canecane abo babikeneye cane kuruta. Hoba hari uwugeze mu zabukuru canke uwumugaye akeneye uwumugarukirako canke uwumugira gusuma? Hoba hari “impfumvyi” ikeneye guheberwa umwanya n’ukwitabwaho? Hoba hariho umuntu yadendebukiwe akeneye gutegwa ugutwi kwumviriza canke amajambo manaka amuhoza? Igihe tubishoboye, niturondere igihe co gukora mwene ivyo bikorwa biranga imbabazi. (Yobu 29:12; 1 Ab’i Tesalonike 5:14; Yakobo 1:27) Ntiwigere wibagira yuko mw ikorane ryuzuye abantu b’abanyagasembwa kimwe mu bikorwa bikomeye kuruta biranga ubuntu ari uguharira—ukurekura akababaro kakagenda bitagoranye, no mu gihe hariho impamvu yumvikana y’ukugira umwikomo. (Ab’i Kolosayi 3:13) Ukuba ugabirije guharira birafasha kugirango ikorane rigume ritagiramwo amacakubiri, imijinya, ata wandya wangura, ivyo bikaba bimeze nk’uburengeti bujovye buzimya umuriro w’urukundo rwa kivukanyi.
20. Twebwe twese dukwiye kubandanya kwisuzuma mu biki?
20 Twese rero nitwiyemeze kuzigama uwo muriro uhambaye w’urukundo rwa kivukanyi ugume waka mu mitima yacu. Nitugume twisuzuma. Twoba tugirira abandi imbabazi? Twoba dushima abandi? Twoba dukorera abandi ibikorwa biranga ubuntu? Uko tubibakorera kwose, wa muriro w’urukundo uzosusurutsa ubuvukanyi bwacu naho iyi si yoba iguye urukanya kandi ikaba ibuze imbabazi bimwe bikomeye gute. Koresha uburyo bwose rero “ugukunda bene Data kugumeho”—ubu no mu bihe bidashira.—Abaheburayo 13:1.
[Akajambo k’epfo]
a Impibanuro zimwezimwe ngaha zirashiramwo iciyumviro c’uko uwukora ku bantu b’Imana ataba akoze mw ijisho ry’Imana, ariko aba akoze mu rya Isirayeli canke mbere ngo mu ryayo bwite. Iryo kosa ryavuye ku banyabwenge b’ivyanditswe bo mu Bihe Ncahagati (vyo hagati y’500 n’1500 A.D.), bahinduye ukundi uwo murongo bariko bagira akigoro katari ko ngo bakosore ibisomwa babona ko bitaranga urupfasoni. Ivyo vyatumye rero batwikira ukuboneka kw’impuhwe za Yehova ubwiwe.
Ibi Uvyibazako Iki?
◻ Urukundo rwa kivukanyi ni iki, kandi ni kuki dutegerezwa kurureka rukabandanya?
◻ Ni kuki ukubabarana kudufasha kuzigama urukundo rwacu rwa kivukanyi?
◻ Ugushima kurangura uruhara ki mu vy’urukundo rwa kivukanyi?
◻ Ni gute ibikorwa biranga ubuntu bituma urukundo rwa kivukanyi rusagarara mw ikorane ry’Abakirisu?
[Uruzitiro ku rup. 28]
Urukundo mu Bikorwa
Haraciye imyaka itari mike, hari umugabo yari amaze igihe yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova yari akigonanwa ku vyerekeye urukundo rwa kivukanyi. Yari azi ko Yezu yari yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35) Ariko yasanze bigoye kwemera. Umusi uri izina yarahavuye aribonera urukundo rwa gikirisu mu bikorwa.
Naho atava kw ikinga ry’ibimuga, uwo mugabo yari ku rugendo kure y’i muhira. I Betelehemu muri Isirayeli, yaritavye ikoraniro ry’ikorane. Ngaho hari Icabona w’Umwarabo yasavye ashimitse yuko ikindi Cabona w’ingenzi agumana n’abo mu rugo rwiwe iryo joro, uwo mwigishwa wa Bibiliya na we nyene akaba yari yahawe ubwo butumire. Imbere yuko uwo mwigishwa aja kuryama, yasavye uwamwakiriye uruhusha rw’uko yoja hanze mw ibaraza mu gitondo kurorera ukuntu izuba riseruka. Uno nyene kumwakira yamuburiye ashimitse yuko ivyo atohirahira ngo abigire. Bukeye bwaho uwo muvukanyi w’Umwarabo yarasiguye impamvu. Akoresheje umuhinduzi, yavuze yuko ababanyi bamenye yuko yari afise abashitsi b’Abayahudi—nk’uwo mwigishwa wa Bibiliya—boturiye inzu yiwe gushika hasi kw ivu, bakayimutuririramwo hamwe n’abiwe. Uno mwigishwa wa Bibiliya abuze uko abifata aramubaza ati: “Ni kuki none witaye mu kaga gutya?” Uno muvukanyi w’Umwarabo ata muhinduzi akoresheje, yaramuravye mu maso hanyuma yivugira gusa ati: “Yohana 13:35.”
Uno mwigishwa wa Bibiliya yarajorejwe rwose n’ukuntu urukundo rwa kivukanyi atari umugani. Mu nyuma haciye igihe yarabatijwe.
[Ifoto ku rup. 31]
Agatima Paulo yari afise k’ubugenzi n’ugushima karatuma aba uwegereka