Sentare Ntahinyuzwa y’i Connecticut Ishigikira Uburenganzira bw’Umurwayi
Ku wa 16 Ndamukiza 1996, Sentare Ntahinyuzwa y’i Connecticut muri Reta Zunze Ubumwe yarashigikiye uburenganzira Ivyabona vya Yehova bafise bwo kwanka guterwa amaraso. Iyo ngingo yafashe yahinduye ingingo yari yafashwe na sentare y’intango imbere yaho.
Muri Myandagaro 1994, uwitwa Nelly Vega, umwe mu Vyabona vya Yehova, yatanguye kuvirirana bikomeye ahejeje kwibaruka ikibondo ciwe ca mbere. Haragizwe utwigoro kugirango bahagarike ukwo kuvirirana biba ivy’ubusa. Aho ivy’uwo mupfasoni Vega vyunyukiye, ivyo bitaro vyarituye Sentare kugira bahabwe itegeko ritanga uruhusha rwo kumutera amaraso. Umupfasoni Vega yari yamaze gutera umukono ku cete gituma abaganga badakurikiranwa, kivuga ko mu gihe yobaye ari mu bitaro ata maraso canke ibindi bintu bikozwe mu maraso bomuha, aba yemeye ko ivyoshika vyose kubera ingingo yafashe bitazoharurwa ku bitaro, ariko biri ku gatwe kiwe. Mugabo ibitaro vyatanze ivyiyumviro ngo ukumutera amaraso ku nguvu kwoba ari ku neza nyayo y’ico kibondo ngo gikeneye umuvyeyi. Ikindi cari kiraje ishinga iyo sentare, ngo ni kuko turetse ukuva amaraso kw’uwo mupfasoni Vega, yari umukenyezi akiri muto kandi afise amagara meza. Kubera ico, naho umucance w’umupfasoni Vega be n’umuburanizi wiwe bavyanse, iyo sentare yaratanze nya tegeko, hanyuma baramutera amaraso.
Hashize igihe, urwo rubanza rwarungururijwe muri Sentare Ntahinyuzwa y’i Connecticut. Aho ni ho ingingo yafatirwa hamwe yuko ico ivyo bitaro vyakoze carenze ku burenganzira Umukenyezi Vega yari yifitiye. Iyo ngingo yavuze iti: “Urwo rubanza rwumvirijwe na sentare y’intango mw ijoro hagati, igihe ibintu vyari vyihutirwa cane rwose, ntivyaha n’umwe mu baburana ubushobozi bwo gusigura ivyo bireguza mu buryo bukwiye.”
Iyo ngingo yafashwe na Sentare Ntahinyuzwa y’i Connecticut iri n’ico ivuze ku bantu bandi batari Ivyabona vya Yehova. “Irahambaye ku barwayi bose vyoshika ntibemere ingingo abaganga bafashe,” ivyo bivugwa n’Umuburanizi w’umupfasoni Vega, Donald T. Ridley. Arongerako, ati: “Iyi ngingo izotuma ibitaro bitarenga ku nguvu ku migenzo y’abarwayi, yaba iy’idini canke iyo mw isi.”