Ubuyobozi bwa Gitewokarasi mu Kiringo c’Abakirisu
“Vya[ra]yihimbaye, . . . gukoraniriza vyose muri Kristo, ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi.”—ABANYEFESO 1:9, 10.
1, 2. (a) Ikorakoranywa ry’“ibiri mw ijuru” ryagenze gute, guhera mu 33 G.C.? (b) Abakirisu basīzwe berekanye bate ka gatima ka Musa na Eliya kuva mu 1914?
UKWO gukorakoranya “ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi” kwatanguye mu 33 G.C., igihe “Isirayeli y’Imana” yavuka. (Ab’i Galatiya 6:16, NW; Yesaya 43:10; 1 Petero 2:9, 10) Inyuma y’ikinjana ca mbere G.C., iryo korakoranya ryarahororotse uko Abakirisu nyakuri (abo Yezu yise “uburo”) bǎzingamishwa n’“urwamfu” rubibwe na Shetani. Ariko uko “igihe c’iherezo” caja kiregereza, Isirayeli nyakuri y’Imana yarasubiye kuboneka hanyuma mu 1919 iragenwa kuraba ivyo Yezu afise vyose.a—Matayo 13:24-30, 36-43; 24:45-47; Daniyeli 12:4.
2 Mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, Abakirisu basīzwe bararanguye ibikorwa vy’igitangaza, nk’uko nyene Musa na Eliya bari baragize.b (Ivyahishuriwe Yohana 11:5, 6) Kuva mu 1919 barakwiririje inkuru nziza mw isi y’inyankanyi, ivyo babigirana bwa burindutsi bwa Eliya. (Matayo 24:9-14) Kuva mu 1922 na ho baramamaje imanza Yehova acira abantu, nk’uko nyene Musa yazanye kuri Misiri ya kera ivyago bivuye ku Mana. (Ivyahishuriwe Yohana 15:1; 16:2-17) Amasigarira y’abo Bakirisu basīzwe kino gihe ni yo agize intimatima y’ikibane c’ab’isi nshasha kigizwe n’Ivyabona vya Yehova.
Inama Nyobozi Itareze Amaboko
3. Ni ibintu biki vyabaye vyerekana yuko ikorane ry’Abakirisu rya kare ryari ryungunganijwe neza?
3 Guhera mu ntango, abigishwa ba Yezu basīzwe bari bungunganijwe. Uko igitigiri c’abigishwa caja kiragwira, amakorane nya hantu yarashingwa n’abakurambere bakagenwa. (Tito 1:5) Inyuma yo mu 33 G.C., za ntumwa 12 zakora bwa nama nyobozi nkuru, ifise ububasha. Uko bǎri ukwo, baragiye imbere badatinya mu gikorwa c’ugushinga intahe. (Ivyakozwe n’intumwa 4:33, 35, 37; 5:18, 29) Barungunganije ivy’ukugabanganya imfungurwa ku bazikenye, kandi bararungitse Petero na Yohani i Samariya gukurikirana ugushimishwa kwahavugwa. (Ivyakozwe n’intumwa 6:1-6; 8:6-8, 14-17) Barunaba yaratwaye Paulo kuri bo kugira vyemezwe ko uwo yari yahoze ari umuhamanyi ico gihe yari umwigishwa wa Yezu. (Ivyakozwe n’intumwa 9:27; Ab’i Galatiya 1:18, 19) Inyuma y’aho Petero akwiririje kuri Koruneliyo n’urugo rwiwe na ho, uno yarasubiye i Yeruzalemu hanyuma asigurira intumwa n’abandi bavukanyi b’i Yudaya ukugene impwemu yera yerekanye ukugomba kw’Imana kuri ivyo ukwo ari kwo.—Ivyakozwe n’intumwa 11:1-18.
4. Bǎgerageje gute kwica Petero, ariko ubuzima bwiwe bwakijijwe gute?
4 Maze nya nama nyobozi yarashikiwe n’igitero kitoroshe. Petero yarapfunzwe, ubuzima bwiwe bugarukirwa gusa n’ugutabarwa kuvuye ku mumarayika. (Ivyakozwe n’intumwa 12:3-11) Ico gihe bwari bwo bwa mbere haseruka umuntu wundi ahambaye i Yeruzalemu, atari uwo muri izo ntumwa 12. Igihe Petero yapfungurwa akava mw ibohero, yabwiye umugwi wari ukoraniye mu nzu ya nyina wa Yohani Mariko, ati: “Ivyo mubibarire Yakobo [mwenewabo na Yezu basangiye nyina] na bene Data bandi.”—Ivyakozwe n’intumwa 12:17.
5. Ivyerekeye abagize inama nyobozi vyahinduwe gute inyuma y’aho Yakobo yiciwe?
5 Imbere yaho, inyuma y’aho Yuda Isikaryota wa mwigishwa w’umuguranyi amariye kwiyahura, vyarabonywe ko bikenewe yuko “ububgiriza bgiwe” bw’ukuba intumwa bwohabwa umuntu yari yabaye kumwe na Yezu mu gihe c’igikenurwa ciwe kandi yashingiye intahe urupfu rwiwe n’izuka ryiwe. Ariko rero, aho Yakobo mwenewabo na Yohani yiciwe, nta muntu yamusubiriye ngo abe uwo muri abo 12. (Ivyakozwe n’intumwa 1:20-26; 12:1, 2) Naho atasubiriwe, amajambo akurikira yo mu Vyanditswe yerekeza ku nama nyobozi arerekana yuko yǎguwe. Igihe havyuka ibihari ku biraba ivy’uko Abapagani bǎkurikiye Yezu boba canke batoba bakwiye kuyobokera Amateka ya Musa, ico kibazo caratuwe ‘intumwa n’inararibonye b’i Yeruzalemu’ ngo gifatirwe ingingo. (Ivyakozwe n’intumwa 15:2, 6, 20, 22, 23; 16:4) Ni kuki ico gihe ‘abagabo b’inararibonye’ bisa n’uko bari mu nama nyobozi? Bibiliya nta vyo ivuga, ariko hǎrimwo inyungu yibonekeza. Urupfu rwa Yakobo hamwe n’ugupfungwa kwa Petero vyari vyerekanye yuko intumwa umusi umwe zohava zipfungwa canke zikicwa. Kubera ivyo vyohavuye biba, ukuhaba kw’abandi bakurambere babishoboye, baciye uruma mu vy’uburyo inama nyobozi itunganya ibintu, kwotumye ubucungezi búbandanya buri ku rupange.
6. Ni mu buryo ki inama nyobozi yabandanije ikora i Yeruzalemu, n’igihe nyene abayigize ba mbere batari bakiri muri ico gisagara?
6 Igihe Paulo yaza i Yeruzalemu nko mu mwaka wa 56 G.C., yariganiye Yakobo ivyabaye, kandi nk’uko Bibiliya ibivuga, ‘abagabo b’inararibonye bose ni ho bari.’ (Ivyakozwe n’intumwa 21:18) Ni kuki hatavuzwe ko intumwa zari kuri iryo hwaniro? N’ibi nyene Bibiliya nta vyo ivuga. Ariko umutohozakahise Eusèbe mu nyuma yavuze yuko ku gihe kinaka mu 66 G.C., “intumwa zisigaye, kubera zama zigeramiwe n’imigambi y’ukugandagurwa, zari zasohowe zikurwa i Yudaya. Ariko kugira bigishe ubutumwa bwabo, baragira ingendo mu gihugu ico ari co cose mu bubasha bwa Kirisitu.” (Eusebius, Igitabu ca III, V, v. 2) Ego ni ko, amajambo ya Eusèbe ntarimwo mu vyanditswe vyahumetswe, ariko arahuye n’ico ivyo vyanditswe bivuga. Nk’akarorero, nko mu 62 G.C., Petero yari i Babiloni—kure ya Yeruzalemu. (1 Petero 5:13) Mugabo mu 56 G.C., kumbure kandi kubandanya gushika mu 66 G.C., biraboneka neza ko inama nyobozi yakora i Yeruzalemu.
Ubuyobozi mu Bihe vya None
7. Tugereranije n’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere, ni itandukaniro irihe ryibonekeje rihari mu vyerekeye abagize Inama Nyobozi muri iki gihe?
7 Guhera mu 33 G.C. gushika ku marushwa yo kuri Yeruzalemu, inama nyobozi bisa n’uko yari igizwe n’Abakirisu b’Abayuda. Mu gihe c’urugendo rwa Paulo mu 56 G.C., uno yaramenye yuko Abakirisu benshi b’Abayuda i Yeruzalemu, naho bari ‘bafise ukwizera Umukama Yezu Kirisitu,’ bari bagifitiye ‘umwete Amateka [ya Musa].’c (Yakobo 2:1; Ivyakozwe n’intumwa 21:20-25) Abayuda mwen’abo bishobora kuba vyarabagoye kwiyumvira ukuntu mu nama nyobozi hobamwo uwuva mu Bapagani. Mugabo mu bihe vya none, harabaye irindi hinduka mu vy’abagize iyo nama. Muri iki gihe, yose uko ingana igizwe n’Abakirisu basīzwe bǎvuye mu Bapagani, kandi Yehova yarahezagiye cane ubucungezi bwabo.—Abanyefeso 2:11-15.
8, 9. Ni ibintu biki vyabaye mu Nama Nyobozi mu gihe ca none?
8 Guhera mu 1884 aho ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society ry’i Pennsylvania ryemerwa n’amategeko, gushika mu 1972, perezida w’Ishirahamwe yari afise ububasha bukomeye mw iyungungane rya Yehova, Inama Nyobozi na yo ikaba yakorana rwose n’umugwi w’abarongozi b’Ishirahamwe. Imihezagiro yahabaye muri iyo myaka iragaragaza ko Yehova yemeye iyo ndinganizo. Hagati yo mu 1972 no mu 1975, Inama Nyobozi yaraguwe gushika ku bantu 18. Ibintu vyararushirijeho kwegereza uko vyari mu kinjana ca mbere, igihe ububasha buhambaye kuruta bwahabwa iyo nama yaguwe, bamwe muri bo bakaba ari abarongozi ba Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania.
9 Guhera mu 1975, muri abo 18 hariho abǎrangije ubuzima bwabo kw isi. Baranesheje isi hanyuma ‘bicarana na Yezu ku ntebe yiwe y’icubahiro yo mw ijuru.’ (Ivyahishuriwe Yohana 3:21) Kubera iyo mpamvu hamwe n’izindi nyene, Inama Nyobozi ubu igizwe n’abantu cumi, dushizemwo umwe yongeweko mu 1994. Benshi usanga barugenze koko mu myaka. Ariko rero, abo bavukanyi basīzwe barahabwa insahirizo nziza uko bashitsa amabanga yabo atoroshe. Iyo nsahirizo iva hehe? Dukubitije akajisho ku biba mu gihe ca none mu gisata c’Imana, ico kibazo turakironkera inyishu.
Insahirizo Ihabwa Isirayeli y’Imana
10. Ni bande biyunze ku basīzwe mu busuku bwa Yehova muri iyi misi y’iherezo, kandi ivyo vyari vyaramenyeshejwe gute?
10 Mu 1884, abifatanije na Isirayeli y’Imana nka bose bari Abakirisu basīzwe. Ariko rero bukebuke, uwundi mugwi waratanguye guseruka, hanyuma mu 1935 uwo mugwi ugenekerezwa ko ari rya “shengero ryinshi” ryo mu Vyahishuriwe Yohana ikigabane c’7. Abo bafise icizigiro co kw isi, bakaba bagize vya ‘bintu biri kw isi’ Yehova agomba gukoraniriza hamwe muri Kirisitu. (Abanyefeso 1:10) Bagereranya za “zindi ntama” zo muri wa mugani wa Yezu werekeye impongore. (Yohana 10:16) Guhera mu 1935, izindi ntama zarakinkinyutse ziza mw iyungungane rya Yehova. Abo baje “baguruka nk’igicu, kandi nk’inuma zisubira mu turyango tw’ivyari vyazo.” (Yesaya 60:8) Kubera iyongerekana riri mu zindi ntama n’igabanuka riri mu mugwi w’abasīzwe uko benshi barangiza ubuzima bwabo kw isi bagasandaba, abo mu zindi ntama bakwiza ibisabwa ubu bararangura uruhara ruguma ruba runini mu mirimo ya gikirisu. Mu buryo ki?
11. Ni uduteka utuhe ubwa mbere twari dufiswe gusa n’Abakirisu basīzwe twahawe izindi ntama?
11 Ugutangaza mu makungu ivyiza bihebuje vya Yehova nantaryo kwamye ari ibanga ridasanzwe rishinzwe “ihanga ryera.” Paulo yavuze ko iryo banga ari inkuka y’urusengero, Yezu na we ibanga ry’ugukwiririza n’ukwigisha akaba yarihaye abobaye “abami n’abaherezi.” (Kuvayo 19:5, 6; 1 Petero 2:4, 9; Matayo 24:14; 28:19, 20; Abaheburayo 13:15, 16) Mugabo rero, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Myandagaro 1932 waremesheje canecane abagereranywa na Yonadabu ngo baje muri uwo murimo. Si ivy’imbeshere, benshi muri mwen’izo zindi ntama ivyo bari basanzwe babigira. Muri iki gihe, igikorwa c’ubukwiririji nka cose gikorwa n’izindi ntama, kandi kikaba ari igihimba nyawibonekeza c’igikorwa bakora c’ ‘ugukorera [Imana] igikorwa ceranda mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro.’ (Ivyahishuriwe Yohana 7:15) Nk’ukwo nyene, mu gice ca kare c’inkuru y’ivyabaye y’igisata ca Yehova, abakurambere b’ikorane bari Abakirisu basīzwe, “inyenyeri” mu kuboko kw’iburyo kwa Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe Yohana 1:16, 20) Ariko Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Rusama 1937, waratangaje yuko abo mu zindi ntama bakwiza ibisabwa boshobora kuba abasuku b’imigwi (abacungezi bahagarikizi). Naho nyene abagabo basīzwe bari bahari, izindi ntama zarashoboye gukoreshwa mu gihe abagabo basīzwe bashoboye kwiremeka iryo banga batahari. Muri iki gihe abakurambere b’amakorane nka bose ni abo mu zindi ntama.
12. Ni ibiki bivugwa mu Vyanditswe vyerekana yuko izindi ntama zikwije ibisabwa zihabwa amabanga aremereye yo mu vy’iyungungane?
12 Guha amabanga aremereye nk’ayo izindi ntama vyoba ari bibi? Oya, vyisunga ivyabaye kera. Abakebanuke bamwebamwe b’abanyamahanga (inyambukira) bari bafise amabanga akomakomeye muri Isirayeli ya kera. (2 Samweli 23:37, 39; Yeremiya 38:7-9) Aho ukwangarizwa i Babiloni kurangiriye, Abanetinimu (abasuku bo mu rusengero batari Abisirayeli) bakwiza ibisabwa barashinzwe uduteka tw’ubusuku bwo mu rusengero twari twahoze ari utw’Abalewi bonyene. (Ezira 8:15-20; Nehemiya 7:60) Vyongeye, Musa umwe yabonwa muri kwa guhinduka ukundi ari kumwe na Yezu, yaremeye impanuro ahawe n’Umunyamidiyani Yetiro. Mu nyuma, yarasavye umuhungu wa Yetiro Hobabu kubayobora mu bugaragwa.—Kuvayo 18:5, 17-24; Guharūra 10:29.
13. Mu kwicisha bugufi bagashinga amabanga izindi ntama zikwiza ibisabwa, ni agatima keza ka nde abasīzwe biganye?
13 Amaja mu mpera ya ya myaka 40 mu bugaragwa, Musa, kubera yari azi ko atogiye mu Gihugu c’Isezerano, yarasenze asaba yuko Yehova yomuronsa umusubirizi. (Guharūra 27:15-17) Yehova yamubwiye gushinga iryo banga Yosuwa imbere y’abantu bose, hanyuma Musa agira kuno, naho nyene yari agikomeye ku mubiri kandi akaba ataciye areka gusukurira Isirayeli. (Gusubira mu Vyagezwe 3:28; 34:5-7, 9) Abasīzwe baragize umutima w’ukwicisha bugufi umeze nk’uwo, bakaba bamaze gushinga uduteka twinshi abagabo bakwiza ibisabwa bo mu zindi ntama.
14. Ni ibimenyeshakazoza ibihe bidoma urutoke ku ruhara ruja rurakura rw’izindi ntama mu vy’iyungungane?
14 Uruhara rutera rukura rw’izindi ntama mu vy’iyungungane na rwo nyene ni ikintu cavuzwe mu bimenyeshakazoza. Zekariya yaramenyesheje yuko Abafilisitiya batari Abisirayeli bobaye ‘nk’umusheki w’i Buyuda.’ (Zekariya 9:6, 7) Abasheki bari abatware b’imiryango, Zekariya rero akaba yariko avuga yuko abari bahoze ari abansi ba Isirayeli bokwemeye insengo y’ukuri hanyuma bagacika nk’abatware b’imiryango mu Gihugu c’Isezerano. Vyongeye kandi, igihe Yehova yariko abwira Isirayeli y’Imana, yavuze ati: “Abanyamahanga bazohagarara ngaho babaragirire imikuku, kand’abanyamahanga ni bo bazokora mu mirima yanyu no mu nzabibu zanyu. Ariko mweho muzokwitwa abaherezi b’Uhoraho, abantu bazobita abasavyi b’Imana yacu.” (Yesaya 61:5, 6) “Abanyamahanga” ni izindi ntama. Abo barashinzwe amabanga kugira biremeke igikorwa kija kirarushiriza kuba kinini uko amasigarira y’abasīzwe bashaje barangiza ubuzima bwabo bwo kw isi hanyuma bakaja gusukura mu buryo bushitse ari ‘abaherezi ba Yehova’ bo mw ijuru, bakikuje intebe y’ubwami ya Yehova y’icubahiro bwa “basavyi b’Imana yacu.”—1 Ab’i Korinto 15:50-57; Ivyahishuriwe Yohana 4:4, 9-11; 5:9, 10.
“Ab’Igihe Kizoza”
15. Muri iki gihe c’iherezo, ni umugwi uwuhe w’Abakirisu bashikiriye “imyaka y’ubusaza,” kandi ni umugwi uwuhe userukira “ab’igihe kizoza”?
15 Amasigarira y’abasīzwe baragize ishaka ry’ukumenyereza izindi ntama ngo zītegurire amabanga yongerekanye. Muri Zaburi 71:18 havuga hati: “Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; ntarabarira ab’igihe kizoza amaboko yawe, ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.” Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 15 Kigarama 1948 hariho ico wavuze kuri uwo murongo, utomora yuko ikorane ry’Abakirisu basīzwe vy’ukuri rishikiriye imyaka y’ubusaza. Wabandanije uvuga yuko abasīzwe bari n’agahimbare k’“ukuraba imbere mu bimenyeshakazoza vya Bibiliya hanyuma bakabona iyaruka rishasha.” Ivyo vyerekeza canecane kuri bande? Nya Munara w’Inderetsi wavuze uti: “Yezu yabavuze ko ari ‘izindi ntama ziwe.’ ” Imvugo ngo “ab’igihe kizoza” yerekeza ku bantu bazobaho bahagarikiwe n’ubuyobozi bw’isi nshasha butwarwa n’Ubwami bwo mw ijuru.
16. Ni imihezagiro miki “ab’igihe kizoza” biteganye icipfuzo kinini?
16 Bibiliya ntivuga itomora igihe Abakirisu basīzwe bose bazosiga abavukanyi babo bo muri abo ‘b’igihe kizoza’ hanyuma ngo babandanye guhabwa ubuninahazwa hamwe na Yezu Kirisitu. Ariko abo basīzwe barizigiye yuko igihe c’ivyo kiriko kiregereza. Ibintu vyoshitse vyari vyaravuzwe mu bimenyeshakazoza bihambaye Yezu yashikirije vyerekeye “igihe c’iherezo” vyarashitse guhera mu 1914, bikaba vyerekana yuko isangangurwa ry’iyi si riri hafi. (Daniyeli 12:4; Matayo 24:3-14; Mariko 13:4-20; Luka 21:7-24) Vuba, Yehova azokwinjiza abantu mw isi nshasha, muri yo “ab’igihe kizoza” bakaba ‘bazoragwa ubwami [akarere ko kw isi] bateguriwe guhera ku kuremwa kw’isi.’ (Matayo 25:34) Barahimbarwa cane n’ukuba baritegurira igarukanwa ry’Iparadizo hamwe n’izurwa ry’amamiliyoni y’abapfuye bakava muri Hadesi. (Ivyahishuriwe Yohana 20:13) Abasīzwe boba bazoba bahari ngo bakire abo bazoba bazutse? Mu 1925, Umunara w’Inderetsi (mu Congereza) wo ku wa 1 Rusama wavuze uti: “Ntidukwiye kuvuga ico Imana izokora canke ico itazokora uko twebwe nyene tuvyiyumvira. . . . [Ariko] hariho ibituma dupfundika iciyumviro c’uko abo muri Ekeleziya [Abakirisu basīzwe] bazohabwa ubuninahazwa imbere y’izuka ry’ababikwiye ba kera [ivyabona b’abizerwa bo mu gihe c’imbere y’Ubukirisu].” Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nyakanga 1989, mu kwongera kuvuga ivyerekeye niba bamwe mu basīzwe boba bazoba ari ho bari ngo bakire abazoba bazutse, wavuze uti: “Ivyo ntivyoba ari ivya nkenerwa.”d
17. Ni uduteka tw’igitangaza utuhe abasīzwe, uko bagize umugwi, basangira n’Umwami yimitswe, Yezu Kirisitu?
17 Ego ni ko, ntituzi ibizoshika mu vyerekeye Umukirisu yasīzwe umwumwe wese. Ariko ukuba Musa na Eliya bari kumwe na Yezu igihe haboneka ukwo guhinduka ukundi, birerekana yuko abazutse b’Abakirisu basīzwe bitezwe kuzoba bari kumwe na Yezu igihe azozira mu buninahazwa ngo “yishur[e] umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze,” mu gihe urubanza aca ruzocibwa kandi rugashitswa. Ikindi kandi, turibuka umuhango Yezu yatanze w’uko Abakirisu basīzwe ‘banesha’ bazosangira na we ‘ukuragiza amahanga inkoni y’icuma’ kuri Harumagedoni. Yezu niyaza mu buninahazwa, bazokwicarana na we “[ba]cire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.” Bari kumwe na Yezu, ‘bazofyonyanga Shetani musi y’ibirenge vyabo.’—Matayo 16:27–17:9; 19:28; Ivyahishuriwe Yohana 2:26, 27; 16:14, 16; Abaroma 16:20; Itanguriro 3:15; Zaburi 2:9; 2 Ab’i Tesalonike 1:9, 10.
18. (a) Ibintu vyifashe gute ku biraba ‘ugukoraniriza muri Kirisitu ibiri mw ijuru’? (b) Twovuga iki ku vyerekeye ‘ugukoraniriza muri Kirisitu’ ibiri mw isi?
18 Yehova, mu kuguma akurikiza ubuyobozi bwiwe bw’ibintu, bukebuke ariko arakora ngo “[asubire] gukoraniriza vyose muri Kristo.” Ku biraba “ibiri mw ijuru,” umugambi wiwe wegereje kunonosorwa. Ukwungāna kwa Yezu hamwe na bamwe 144 000 bose mw ijuru kugirango habe “ubugeni bga wa Mwagazi” kuregereje. Ni co gituma abavukanyi baja barongerekana bamaze igihe kirekire kandi bahūmuye bo mu zindi ntama baserukira “ibiri mw isi” bashinzwe amabanga aremereye kuruta kugira basahirize abavukanyi babo basīzwe. Ese ukuntu igihe tubayemwo ari ic’akanyamuneza! Ese ukuntu bihimbaye cane kubona umugambi wa Yehova uguma wunguruza ngo ushikire iranguka ryawo! (Abanyefeso 1:9, 10; 3:10-12; Ivyahishuriwe Yohana 14:1; 19:7, 9) Kandi ese ukuntu izindi ntama zinezerwa n’ugusahiriza abavukanyi babo basīzwe uko iyo migwi yompi ikorera hamwe nk’“umukuku umwe” irongōwe n’“umwungere umwe,” kandi bayobokera Umwami Yezu Kirisitu ngo biheshe ubuninahazwa Segaba wa vyose ahambaye, Yehova Mana!—Yohana 10:16; Ab’i Filipi 2:9-11.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba insohore y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) yo ku wa 1 Munyonyo 1981, urupapuro 16-26.
b Nk’akarorero, guhera mu 1914, “Foto-Darǎmu y’Ivy’Irema”—yo kurorēra no kwumviriza igizwé n’ibihimba bine—yarerekanywe mu bibanza vy’ibikino vyuzuye abantu, mu Burengero hose.
c Kugira uronke impamvu zishoboka z’igituma Abakirisu b’Abayuda bamwebamwe bari bafitiye umwete Amateka, raba Auxiliaire pour une meilleure intelligence de la Bible, yasohowe na Watchtower Bible and Tract Society of New York, Inc., urupapuro 1521-2.
d Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa), 15 Myandagaro 1990, urupapuro 30-1; 15 Kigarama 1990, urupapuro 30.
Woshobora Kubisigura?
◻ Ni mu buryo ki iyungungane ry’Imana ryiyunguruje rija imbere mu kinjana ca mbere?
◻ Inama Nyobozi yatsimbataye gute mu nkuru y’ivyabaye y’Ivyabona vya Yehova?
◻ Ni ivyanditswe ibihe birekura uguha ububasha izindi ntama mw iyungungane rya Yehova?
◻ Ni mu buryo ki “ibiri mw ijuru” n’“ibiri mw isi” vyakoranirijwe hamwe muri Kirisitu?
[Ifoto ku rup. 15]
Harabandanije gukora inama nyobozi i Yeruzalemu, no mu gihe nyene abari bayigize ubwa mbere atariho bari bakiri
[Amafoto ku rup. 16]
Abakirisu basīzwe bahūmuye barabereye umuhezagiro igisata ca Yehova
C. T. Russell 1884-1916
J. F. Rutherford 1916-42
N. H. Knorr 1942-77
F. W. Franz 1977-92
M. G. Henschel 1992-