Ukutabesha—Biza ku Gihamana Canke ku Guhitamwo?
“NAHO nsanzwe ndi umubeshi, rimwe na rimwe ndaba intabesha ku gihamana.” Ivyo vyavuzwe n’umuhumvyi Autolycus mu gitabu The Winter’s Tale canditswe na William Shakespeare. Ivyo biragereranya ubugoyagoye nyamukuru bw’umuntu, ni ukuvuga agatima kerekera ku gukora ikibi kavá ku ‘mutima wibesha.’ (Yeremiya 17:9; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12) Ariko none vyoba bisobanura yuko muri ivyo ata hitamwo twogira? Ukwigenza runtu kwoba gusa ari ikintu kiza ku gihamana? Eka sigaho!
Imbere y’uko abana ba Isirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, Musa yabashikirije ijambo bakambitse ku biyaya vy’i Mowabu. Yabashize imbere amahitamwo abiri atomoye. Bari kugamburuka amabwirizwa y’Imana hanyuma bakaronka umuhezagiro wayo, canke bakayiyama hanyuma bakimbura ivyamwa vy’umururazi bivuye ku caha. (Gusubira mu vyagezwe 30:15-20) Ihitamwo ryari rwabo.
Kubera ko turi abantu bashoboye kwifatira ingingo, na twebwe nyene turi n’ihitamwo twogira. Nta n’umwe—dushizemwo n’Imana—aduhatira ku kugira iciza canke ikibi. Ariko, bamwe boshobora kubaza, kandi si bibi, bati ‘Niba umutima wacu ubogamiye ku gukora ikibi, twoshobora gute gukora iciza?’ Urabona, umuganga w’amenyo arasuzuma yitonze amenyo kugira amenye aharwaye canke ahononekaye imbere yuko amazi arenga inkombe. Na twebwe nyene turakeneye gucukura mu mutima wacu w’ikigereranyo turondera ubugoyagoye hamwe n’ubwononekare bwo mu vy’ukwigenza runtu. Kuki? Kuko, nk’uko Yezu yabivuze, “mu mutima havamw’ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.”—Matayo 15:18-20.
Kugira umuganga w’amenyo azigurize iryinyo, ategerezwa kurandurana n’imizi ubwononekare ubwo ari bwo bwose asanzeho. Ni na kwo bimeze, birakenewe ko tugira ikintu dukoze ata gukina, kugira duhanagure “ivyiyumviro bibi” hamwe n’ivyipfuzo bibi biva mu mutima. Mu gusoma Ijambo ry’Imana Bibiliya no mu kurizirikanako, ico tuhakǔra si ukumenya inzira z’Umuremyi wacu vyonyene, ariko turamenya kandi gukora ivyiza.—Yesaya 48:17.
Umwami Dawidi wa Isirayeli yarungukiye ku yindi mfashanyo ya nkenerwa mu rugamba rwo gukora ivyiza. Yasenze ati: “Mana, ndemamw’umutima utunganye: unsubizemw’umutima uhamye.” (Zaburi 51:10) Egome, na twebwe nyene twishimiye Yehova Mana tugasenga, turashobora kwiyuburura imbogamiro y’ugukora ikibi hanyuma tugatsimbataza ‘umutima mushasha’ w’ugukora iciza. Muri ubwo buryo, ntituzoreka ngo ukutabesha kuze ku gihamana. Kizoba ikintu tugira ku guhitamwo.
[Ifoto ku rup. 19]
Nk’uko vyagenze kuri Dawidi, ugusenga Yehova kurashobora kudufasha tugakora iciza