19 YEFUTA N’UMUKOBWA WIWE
Barashikije indagano igoye cane
IBINTU vyarasubiye kugora muri Isirayeli kubera ko abantu bari barasubiriye guheba Yehova. Ivyo vyatumye Yehova areka Abamoni bamara imyaka nka 18 babacinyiza. (Abac. 10:8) Amaherezo, abasavyi b’Imana barigaye ibicumuro vyabo, baritandukanya n’imana z’ikinyoma maze baragaruka kuri Yehova. Ariko ata gihe kirekire kihaciye, Abamoni barakoraniye i Gileyadi baza gutera Isirayeli.
Abashingantahe b’i Gileyadi barasavye umugabo yitwa Yefuta ngo aze abaje imbere mu rugamba. Benewabo na Yefuta basangiye se bari baramufashe nabi i Gileyadi aca arahunga. None yoba yarababikiye inzika? Habe namba! Yaremeye kugaruka no kuja ku rugamba. Ariko yabanje gusaba Abamoni ko bogiranira amahoro. Yaratumye intumwa ngo zije gusigurira umwami w’Abamoni igituma ata burenganzira yari afise bwo kwigarurira akarere ka Isirayeli yashaka. Yefuta yarerekanye ko azi neza ivyo Yehova yagiye arakorera abasavyi biwe n’amahanga abakikuje. Ariko umwami w’Abamoni yaranse kwumviriza ivyo izo ntumwa zimubwiye. Yari yiyemeje kurwana!
Igihe Yefuta yari yiteguriye kuja ku rugamba, impwemu ya Yehova yaraje kuri we. Rero indagano Yefuta yagiriye Yehova ntiyayigize mu kutamenya. Yamusezeraniye ati: «Niwamfasha gutsinda Abamoni nkagaruka amahoro mvuye kurwana na bo, uwuzova mu nzu yanje aje kunsanganira azoba uwa Yehova. Nzomutanga nk’ishikanwa riturirwa.»
None aho Yefuta yoba yashaka kuvuga ko yoturiye umuntu nka kurya baturira ishikanwa? Eka da! Umugenzo wo gutanga ibimazi vy’abantu Yehova yarawanka kandi yari yarawubujije. (Gus. 18:10, 12) Ahubwo Yefuta yashaka kuvuga ko umuntu yoje ubwa mbere kumusanganira avuye mu nzu yiwe, yociye aba «uwa Yehova» mu buryo bw’uko yociye yihebera igikorwa ca Yehova, kumbure agakorera kw’ihema ryeranda i Shilo. Yefuta yari azi ko gushitsa iyo ndagano bitomworoheye. Yari afise umwana umwe gusa, umukobwa yakunda cane. Birashoboka cane ko ari we yoje kumusanganira agarutse.
Yefuta ahejeje kugira iyo ndagano yaciye aja ku rugamba. Abigiranye umutima rugabo yarayoboye izindi ngabo kandi Yehova yarabahezagiye cane! Baratsinze abo bansi babo, baca barasambura ibisagara 20 vy’Abamoni, barabica «inganda ziratikira.»
Yefuta yagarutse muhira ahimbawe cane. Ashobora kuba yari yizeye ko umusuku wiwe ari we yoje ubwa mbere kumusanganira. Nimba ari vyo yari yiteze ntiyatevye kwibonera ko ivyo yari yiteze bitari vyo. Umuntu wa mbere yaje kumusanganira yari umukobwa wiwe yaje aratamba yongera avuza akagoma. Amubonye yaciye yitaburirako impuzu akoma induru ati: «Yoo, ewe mukobwa wanje urambabaje, kuko uwo nemeye gutanga abaye wewe!»
Hari indagano Yefuta n’umukobwa wiwe babwirizwa gushitsa, ariko vyabasaba kugira ikintu kinini bahevye
Umukobwa wa Yefuta yaratahura ko ubuzima bwiwe bugiye guhinduka cane kubera iyo ndagano ya se wiwe. Yociye aja gukorera Yehova igikorwa ceranda ubuzima bwiwe bwose. Ntiyokwubatse urwiwe canke ngo yibaruke abana, kandi ku Bisirayelikazi ico cari ikintu kibabaje cane. Ariko uwo mukobwa yakuye amazinda se wiwe abigiranye umutima rugabo ati: «Ko wabisezeraniye Yehova, nungire nk’uko wabisezeranye.» Yasavye gusa ko yomureka akaja kumara imisi ari kumwe n’abagenzi biwe aririra ubusugi bwiwe kuko atokwigeze yubaka urwiwe canke ngo avyare abana.
Abantu bararemesheje umukobwa wa Yefuta bongera baramukeza. Buri mwaka, abigeme bo muri Isirayeli baraja kumara imisi ine bakeza uwo mwigeme atagira ubwikunzi kandi w’umutima rugabo! Kari agateka kuri we gukorera kw’ihema ryeranda rya Yehova. Birashoboka ko muri ico gihe agahungu Samweli ari ho kaba. Umukobwa wa Yefuta yoba yarafashije kurera ako gahungu no kukaremesha uko kagenda karakura? Nta vyo tuzi. Nimba yarabikoze, bishobora kuba vyatumye anezerwa cane kuko ata mwana yari afise. Ariko ico tuzi ni uko muri ico gihe hari ikibazo c’ubuhumbu bwariko burakorerwa kw’ihema ryeranda. (1 Sam. 2:22) Umukobwa wa Yefuta yoba yarisutse muri iyo ngeso mbi? Habe namba. Inkuru yahumetswe igira iti: «Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo.»
Intumwa Pawulo yarashize Yefuta mu rutonde rw’abagabo n’abagore bari bafise ukwizera gukomeye. (Heb. 11:32) Yefuta n’umukobwa wiwe baradusigiye akarorero kadasanzwe k’umutima rugabo. Yefuta yararwaniye abasavyi b’Imana, umukobwa wiwe na we aramushigikira n’umutima wiwe wose. Bompi uko ari babiri barashikije indagano igoye cane!
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Yefuta n’umukobwa wiwe berekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni igiki cerekana ko Abamoni batariko barwanya Abisirayeli gusa ariko ko bariko barwanya n’ugusenga kw’ukuri? (it «Yiphtah» No. 1 ing. 5-wcgr) A
Ifoto A: «Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova.»—Abac. 10:16.
2. Ukuntu Yefuta yavyifashemwo bifitaniye isano irihe n’ukuntu Yakobo yavyifashemwo igihe yagirira indagano Yehova? (it «Yiphtah» No. 1 ing. 10-wcgr)
3. Kubera iki kugira Yefuta ashitse indagano yiwe vyasaba ko agira ikintu kinini ahevye? (w17.04 4 ing. 6)
4. Umuhanuzi Samweli yavutse nko mu 1180 imbere ya Kristu. Ni igiki cerekana ko umukobwa wa Yefuta na Samweli bashobora kuba barakoreye kw’ihema ryeranda mu gihe kimwe? (it «Yiphtah» No. 1 ing. 1-wcgr; raba igicapo kivuga ngo «Kuva mu gihe ca ba sekuruza b’imiryango gushika mu gihe c’abacamanza.»)
Rondera ivyigwa wohakura
Igihe abavyeyi bagize umutima rugabo nk’uwa Yefuta, vyofasha gute abana babo?
Abakirisu muri iki gihe bokwigana gute ba bigeme bakeza umukobwa wa Yefuta bakamufasha kugumana umutima rugabo? B
Ifoto B
Wokwigana gute umutima rugabo wa Yefuta n’umukobwa wiwe?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Yefuta n’umukobwa wiwe nibazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Akarorero k’umukobwa wa Yefuta kofasha gute abakirisu batubatse?
Raba ukuntu Yefuta n’umukobwa wiwe batwigisha ingene twoguma turi intahemuka kuri Yehova.