Intangamarara y’igihimba ca 1
Bibiliya itangura itwiganira ingene Imana yaremye ibintu biboneka. Ivyo bituma dutahura ibintu vyiza igitangaza Yehova yaremye mw’ijuru no kw’isi. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura ibintu bitandukanye Yehova yaremye. Numwereke ko Imana yaremye abantu mu buryo butandukanye cane n’ibikoko, kuko twebwe dushobora kuvuga, kwiyumvira, gukora ibintu bishasha, kuririmba no gusenga. Numufashe gutahura ububasha bwa Yehova n’ubwenge bwiwe, na canecane urukundo akunda ibiremwa vyiwe, na twebwe turimwo.