Kubera ko Yehova yatugaragarije urukundo biciye ku vyaremwe, twokwizigira ko yiteguriye kuturonsa imihezagiro myinshi kubera twinanata tukamukorera
UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene ivyaremwe bihishura urukundo rw’Imana
Turashobora gutwarwa n’udukorwa twa misi yose ku buryo twibagira kuzirikana ukuntu ivyaremwe bihishura ko Yehova adukunda be n’uko atanga cane. Ariko Yezu aturemesha kwihweza ivyaremwe no kuzirikana ku co bitwigisha ku vyerekeye Yehova.—Mt 6:25, 26.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO IVYAREMWE BIRAHISHURA URUKUNDO RWA YEHOVA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Twigira iki ku kuntu Yehova adukunda tuzirikanye . . .
uruvange rw’ibintu biri mu bidukikije?
ikirere?
ivyatsi?
ukuntu ibikoko biremwe?
umubiri wacu?
ubwonko bwacu?