ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 99 rup. 230-rup. 231 ing. 4
  • Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umurinzi w’ibohero amenya ukuri
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • «Jabuka uze i Masedwane»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • ‘Amahoro y’Imana ararengeye ukwiyumvira kwose’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Niwamamaze Inkuru Nziza n’Ukujijuka Gukomeye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Muzigame Umunezero Wanyu mu Murimo wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 99 rup. 230-rup. 231 ing. 4
Umurinzi w’ibohero ry’i Filipi asanze imiryango y’ibohero yuguruye ariko imbeho zose ziri ng’aho

ICIGWA CA 99

Umurinzi w’ibohero amenya ukuri

I Filipi hari umukobwa yarimwo idayimoni. Iyo dayimoni yatuma ashobora kubwira abantu ibizobashikira, kandi uwo mukobwa yarinjiriza amahera menshi abo yakorera. Igihe Pawulo na Silasi bashika i Filipi, yamaze imisi abakurikira. Iyo dayimoni yatuma asemerera ati: «Aba bantu ni abashumba b’Imana Musumbavyose.» Pawulo yaratevye abwira iyo dayimoni ati: ‘Mw’izina rya Yezu, muvemwo!’ Yaciye imuvamwo.

Abantu nya mukobwa yakorera barashavuye cane babonye ko atazosubira kubinjiriza amahera. Baratwaye Pawulo na Silasi ku bacamanza, bababwira bati: ‘Aba bantu bariko bararenga ku mategeko kandi bariko baragumura igisagara cose!’ Abo bacamanza baciye bategeka ko Pawulo na Silasi bakubitwa maze bagapfungwa. Umurinzi w’ibohero yaciye abapfungira ahantu habi cane, aca ababohera amaguru n’amaboko mu mbaho.

Igihe Pawulo na Silasi bari mu gasho bararirimbiye Yehova, kandi izindi mbohe zarabumva. Mw’ijoro hagati, bagiye bumva nyamugigima ikomeye iriko iranyiganyiza ibohero. Imiryango y’ibohero yaciye yuguruka, n’iminyororo yari iboshe imbohe iracikagurika. Wa murinzi yaciye yiruka mw’ibohero asanga imiryango iruguruye. Yaciye atora inkota ngo yiyice kuko yibaza ko imbohe zose zatorotse.

Ubwo nyene Pawulo yaciye asemerera ati: ‘Ntiwiyice! Twese turi hano!’ Uwo mugabo yaciye yirukanga aja iyo Pawulo na Silasi bari, arabunamira. Yababajije ati: «Nkore iki kugira nkizwe?» Bamwishuye bati: ‘Wewe n’abo mu rugo rwawe nimwizere Yezu.’ Pawulo na Silasi barabigishije ijambo rya Yehova, uwo mugabo n’abo mu rugo rwiwe bose baca barabatizwa.

«Abantu bazobafata babahame, babashengeze mu masinagogi kandi babate mu mabohero. Bazobarengutsa imbere y’abami na ba buramatari kubera izina ryanje. Ivyo bizobaha akaryo ko gushinga intahe.»​—Luka 21:12, 13

Ibibazo: Kubera iki Pawulo na Silasi batawe mw’ibohero? Umurinzi w’ibohero yamenye ukuri gute?

Ivyakozwe 16:16-34

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika