Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
Hoba ari . . .
mu bijanye n’ubuhinga?
mu vyiyumviro vy’abantu?
muri Bibiliya?
UMWANDITSI UMWE WA BIBILIYA YABWIYE IMANA NGO
‘Nuntahuze. Ijambo ryawe ni ukuri.’—Zaburi 119:144, 160, Bibiliya y’isi nshasha.
Bibiliya iriko iraronsa abantu amamiliyoni inyishu.
Urashaka kuba umwe muri bo?
Umuhora wo kuri Internet jw.org urashobora kugufasha.
SOMA ibiri kuri uwo muhora
Bibiliya mu ndimi amajana
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Icofasha imiryango
RABA amavidewo ashingiye kuri Bibiliya
Ivyigwa be n’indirimbo bigenewe abana
Impanuro ku miyabaga
Ukwizera kugaragazwa mu bikorwa
VOMA ibitabu
Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!
MURI IBI BIBAZO BIHAMBAYE NI IKIHE KIKURAJE ISHINGA CANE?
Intumbero y’ubuzima ni iyihe?
Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?
Iyo umuntu apfuye bimugendera gute?
Raba inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo kuri jw.org.
(Ja ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA)