ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • T-34 rup. 1-4
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
  • Ivyo bijanye
  • Ubona gute kazoza?
    Ubona gute kazoza?
  • Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
    Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Ubwami bw’Imana ni iki?
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
    Ni nde vy’ukuri aganza isi?
Ibindi
Imibabaro yoba izoteba igahera?
T-34 rup. 1-4

Imibabaro yoba izoteba igahera?

Woba wokwishura ngo . . .

  • egome?

  • oya?

  • kumbure?

IVYO BIBILIYA IVUGA

“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.

ICO VYOKUMARIRA

Urahera amazinda ko Imana atari yo iduteza ingorane.​—Yakobo 1:13.

Urahumurizwa no kumenya ko Imana itwumvira impuhwe igihe dushikiwe n’imibabaro.​—Zekariya 2:8.

Urizigira ko imibabaro yose igiye guhera.​—Zaburi 37:9-11.

Umugabo ariko asoma Bibiliya ariha ishusho imibabaro n’akarenganyo biri mw’isi vyarangiye

TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?

Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:

  • Imana iranka imibabaro n’akarenganyo. Rimbura ukuntu Yehova Imana yumvise amerewe igihe abasavyi biwe bo mu bihe vya kera bafatwa bunyamaswa. Bibiliya ivuga ko yatuntura kubera “ababaturubika.”​—Abacamanza 2:18, NW.

    Imana iranka urunuka abantu bagirira nabi abandi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko “amaboko asesa amaraso y’intungane” ayishisha.​—Imigani 6:16, 17.

  • Imana iratubabara umwe wese ku giti ciwe. Umuntu si we wenyene azi “icago ciwe n’ububabare bwiwe” mugabo na Yehova arabizi.​—2 Ngoma 6:29, 30.

    Yehova abicishije ku Bwami bwiwe, agiye gukuraho imibabaro ishikira umuntu umwumwe wese. (Matayo 6:9, 10) Mu kurindira, arahoza abigiranye ikibabarwe abamurondera ata buryarya.​—Ivyakozwe 17:27; 2 Abakorinto 1:3, 4.

ZIRIKANA KURI IBI BINTU

Abagore babiri bariko bariga Bibiliya

Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?

Bibiliya irishura ico kibazo mu BAROMA 5:12 no muri 2 PETERO 3:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika