ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kr rup. 220-221
  • Imihango y’Ubwami—Gutuma ibintu vyose biba bishasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imihango y’Ubwami—Gutuma ibintu vyose biba bishasha
  • Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ivyo bijanye
  • Imihango wokwizigira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ni imihango ya nde wokwizigira?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ubwami bw’Imana bushitsa kw’isi ivyo Imana igomba
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ubwami bw’Imana buraganza!
kr rup. 220-221
1. Mushiki wacu akiri muto ariko ariyuha iryosozi iruhande ya nyina wiwe ahejeje gucikana; 2. Wa mwigeme nyene ariko yimbura ivyamwa ari kumwe na nyina wiwe yazutse yasubiranye ingoga zo mu buto

Woba ushashaye kubona imihango y’Ubwami yarangutse?

IGIHIMBA CA 7

Imihango y’Ubwami​—Gutuma ibintu vyose biba bishasha

URAMUYE icamwa c’ipome kiryoheye ijisho kandi kiryoshe. Uracimotereje imbere yo kugishira mu bindi vyamwa vyinshi biri mu giseke. Umaze amasaha n’amasaha ukora yamara nturaruha, wumva witeguriye kuguma ukora. Nyoko wawe ari ku kindi giti hafi yawe, akora aryohewe kandi ayaga n’abandi bo mu muryango be n’abagenzi bariko babafasha kwimbura. Aboneka nk’agakumi: asa nk’uko umwibuka asa ukiri umwana, hakaba haciye imyaka myinshi cane. Biragoye kwemera ko ari wa wundi wabona ariko arasaza muri ya si haciye igihe kirekire ivuyeho. Waramubonye akikwa n’amagara, waramufashe ukuboko igihe yacikana, kandi waramuririye igihe bamushira mu mva. Yamara ng’uyo muri kumwe, be n’abandi benshi, yarasubiye kuba muzima kandi afise amagara meza!

Turazi ko ivyo bihe bizoshika. Tubizi kubera ko ivyo Imana isezerana vyama biranguka. Muri iki gihimba, tuzokwihweza ukuntu imihango imwimwe y’Ubwami igiye kuzoranguka muri kazoza ka vuba, bidushikane kuri Harumagedoni. Tuzokwihweza kandi imwe mu mihango y’Ubwami iteye akamwemwe izoranguka inyuma y’aho. Tuzohimbarwa koko no kwibonera igihe Ubwami bw’Imana buzoganza iyi si yose, butume ibintu vyose biba bishasha!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika