ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/1 rup. 3-4
  • Ni imihango ya nde wokwizigira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni imihango ya nde wokwizigira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibisezeranwa ntibishitswe biruzuye
  • Imihango ishitswa
  • Imihango wokwizigira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Irashitsa ivyo isezerana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Yehova yama ashitsa ivyo asezerana
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Woba ushitsa ivyo usezerana?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/1 rup. 3-4

Ni imihango ya nde wokwizigira?

“IMIHANGO yiwe yari ikomeye, nk’uko na we nyene ico gihe yari akomeye; mugabo ivyo yakoze vyabaye ubusa, nk’uko na we nyene ubu ari ubusa”.—King Henry the Eighth, canditswe na William Shakespeare.

Iyo mihango ikomeye Shakespeare yavuga yari imihango y’umukaridinali w’Umwongereza Thomas Wolsey, uwagize ububasha bukomeye mu vya politike mu Bwongereza mu kinjana ca 16. Hari abovuga yuko ayo majambo ya Shakespeare ahuye kandi n’imihango myinshi mu yo bumva itangwa muri iki gihe. Abantu baguma basezeranirwa ibintu vyinshi mugabo bakaronka bike. Ku bw’ivyo, ntibigoye gutahura igituma baca bagira amakenga ku mihango iyo ari yo yose.

Ibisezeranwa ntibishitswe biruzuye

Nk’akarorero, mu gihe ca ya matati akomeye yaba mu bihugu vyo mu karere ka Balkans mu myaka ya 1990, Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano yamenyesheje yuko igisagara Srebrenica co muri Bosiniya ari “akarere gakingiwe”. Amakungu yabona ko ivyo ari ivyo kwizigirwa. Ukwo ni ko n’impunzi z’abisilamu ibihumbi n’ibihumbi zari i Srebrenica ziyumvira. Ariko rero, uwo muhango amaherezo nta co wavuyemwo na gato (Zaburi 146:3). Muri Mukakaro 1995, ingabo zariko zigaba ibitero nta kindi zagize atari ukwigiza inyuma gusa inteko za ONU, maze zica zirigarurira ico gisagara. Abisilamu barenga 6.000 baromotse, n’imiburiburi abanyagihugu b’abisilamu 1.200 na bo baricwa.

Imice yose y’ubuzima yuzuyemwo imihango idashitswa. Abantu babona ko bahendwa n’‘irata ry’ibidandazwa ry’uruhendo kandi riyovya ryama ryagizwe, iryo usanga ryeze muri iki gihe. Baravunwa umutima n’“imihango abanyapolitike ibihumbi n’ibihumbi batanga mu gihe c’ukwiyamamaza ariko ntibayishitse” (The New Encyclopædia Britannica, imbumbe ya 15, urupapuro rwa 37). Indongozi zizigiwe z’amadini zisezerana kwitaho ubusho bwazo, zirabukorera amabi mu buryo buteye ikinya. Eka no mu buzi nk’indero n’ubuvuzi, ubwitwa ko burangwamwo imbabazi no kwitaho abandi, bamwebamwe barahemukiye abari babizigiye bongera bararya imitsi canke mbere barica abo bari bajejwe kwitaho. Ntibitangaje kubona Bibiliya itugabisha kutizera ijambo ryose rivuzwe!—Imigani 14:15.

Imihango ishitswa

Ariko ntiwumve, abantu benshi barashitsa ivyo basezerana, rimwe na rimwe bakabishitsa bibatwaye vyinshi (Zaburi 15:4). Barumira ku vyo basezeranye, kandi bakabishitsa. Abandi baripfuza bimwe bivuye ku mutima gushitsa imihango batanga babitumwe n’intumbero nziza. Bariteguye kandi barashaka gukora ivyo basezeranye mugabo bakaba badafise ubushobozi bwo kubigira. Uko ibintu vyifashe vyoshobora gutuma mbere n’imigambi myiza cane itaranguka.—Umusiguzi 9:11.

Vyaba bivuye ku mvo iyihe, ikizwi coco ni uko abantu benshi basanga bigoye cane kwizera imihango itangwa n’umuntu uwo ari we wese. Ikibazo rero gica kivyuka ni iki: Hoba hariho imihango twokwizigira? Egome. Turashobora kwizigira imihango iri mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Kubera iki utosuzuma ico ikiganiro gikurikira kivuga kuri ivyo? Ushobora gushika ku ciyumviro nk’ico abantu amamiliyoni bamaze gushikako c’uko dushobora kwizigira koko imihango y’Imana.

[Abo dukesha ifoto ku rup. 3]

AP Photo/Amel Emric

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika