‘Igihe c’urubanza’ cashitse
IGITABU ca nyuma ca Bibiliya c’Ivyahishuriwe kitumenyesha yuko umumarayika aguruka yatiriye ijuru afise “ubutumwa bgiza butazoshira”. Avuga n’ijwi rirenga ati: ‘Nimutinye Imana, muyihimbaze, kuko igihe c’urubanza rwayo gishitse’ (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Ico “gihe c’urubanza” kirimwo itangazwa be n’ishitswa ry’urubanza rw’Imana. Iryo shitswa ry’urubanza kizoba ari igihe c’agaheta c’iyi “misi y’iherezo” tubayemwo.—2 Timoteyo 3:1.
‘Igihe c’urubanza’ ni inkuru nziza ku bakunda ukugororoka. Ni igihe Imana izozanira ugutabarwa abasavyi bayo bose bacumukujwe n’uru runkwekwe rw’ibintu rurangwa n’ubukazi be n’ukubura urukundo.
Ubu, imbere y’uko ‘igihe c’urubanza’ kirangirana n’isangangurwa ry’uru runkwekwe rubi rw’ibintu, duhimirizwa duti: ‘Mutinye Imana, muyihimbaze’. Woba uriko urabigira? Ivyo bisaba n’ibindi turetse ukuvuga gusa ngo “Ndemera Imana” (Matayo 7:21-23; Yakobo 2:19, 20). Ugutinya Imana kubereye gukwiye gutuma tuyigaragariza icubahiro gishika kure. Gukwiye gutuma duca kure ikibi (Imigani 8:13). Gukwiye kudufasha gukunda iciza no kwanka ikibi (Amosi 5:14, 15). Niba duhimbaza Imana, tuzoyumvira tubigiranye icubahiro cinshi. Ntituzotwarwa n’ibindi bintu ku buryo tudasoma Ijambo ryayo Bibiliya ubudahorereza. Tuzoyizigira ibihe vyose kandi tuyizigire n’umutima wacu wose (Zaburi 62:8; Imigani 3:5, 6). Abayihimbaza vy’ukuri baremera icese yuko, kubera ari Umuremyi w’ijuru n’isi, ari yo Segaba w’ivyaremwe vyose, kandi barayigamburukira babigiranye urukundo nka yo Segaba w’ubuzima bwabo. Niba tubona yuko dutegerezwa kurushiriza kwitwararika ivyo bintu, nimuze tubigire ata gutebagana.
Ca gihe co gushitsa urubanza cavugwa n’umumarayika, kizwi kandi ko ari ‘umusi wa Yehova’. “Umusi” nk’uwo warashitse kuri Yeruzalemu ya kera mu 607 B.G.C. kubera yuko abahaba batumviye imburi Yehova yatanze abicishije ku bamenyeshakazoza biwe. Kubera yuko baguma biyumvira ko umusi wa Yehova wari ukiri kure, barashize rwose ubuzima bwabo mu kaga. Yehova yari yarababuriye ati: “Uri hafi kand’urihuta” (Zefaniya 1:14). Uwundi ‘musi wa Yehova’ warashitse kuri Babiloni ya kera mu 539 B.G.C. (Yesaya 13:1, 6). Kubera yuko Abanyababiloni bari bizigiye ibihome vyabo birebire be n’imana zabo, barirengagije imburi zatanzwe n’abamenyeshakazoza ba Yehova. Mugabo, mw’ijoro rimwe gusa, Babiloni yari ikomeye yaraguye mu minwe y’Abamedi n’Abaperesi.
Ni ibiki biduhanze muri iki gihe? Ni uwundi ‘musi wa Yehova’ kandi ukomeye cane (2 Petero 3:11-14). Imana yaramaze gucira urubanza “Babuloni Hahambaye”. Twisunze Ivyahishuriwe 14:8, umumarayika avuga ati: “Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni, ca gisagara gihambaye”. Ivyo vyaramaze kuba. Babiloni Hahambaye ntigishobora kuzibira abasenga Yehova. Ukwononekara kwayo be n’ukuja mu ntambara kwayo vyarashizwe ku kabarore. Ubu isangangurwa ryayo rya nyuma riri hafi. Ku bw’ivyo, Bibiliya ihimiriza abantu bo mu mihingo yose iti: “Ni muve i we [Babiloni Hahambaye], kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe. Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe”.—Ivyahishuriwe 18:4, 5.
Babiloni Hahambaye ni iki? Ni urunkwekwe rwo kw’isi yose rw’idini ifise ibiyiranga bisa na bimwe vyaranga Babiloni ya kera (Ivyahishuriwe, ikigabane 17 n’ica 18). Rimbura amasano amwamwe:
• Abaherezi ba Babiloni ya kera barisuka rwose mu bijanye na politike y’igihugu. Ivyo ni ko biri ku madini menshi muri kino gihe.
• Abaherezi ba Babiloni akenshi wasanga bashigikira intambara z’amahanga. Amadini yo mu gihe ca none akenshi yarabaye imboneza mu guhezagira abasoda igihe amahanga yaja mu ndwano.
• Inyigisho be n’imigenzo vya Babiloni ya kera vyatumye ihanga rija mu bushegabo bukomeye. Iyo indongozi z’amadini muri kino gihe zirengagije ingingo mfatirwako za Bibiliya zijanye n’inyifato runtu, ubushegabo buca bwimonogoza mu bakuru b’amadini no mu bayoboke bayo. N’ikindi kintu cibonekeza, ni uko Ivyahishuriwe bidondora Babiloni Hahambaye ko ari maraya kubera yuko asambana n’isi be n’urunkwekwe rwayo rw’ivya politike.
• Bibiliya ivuga kandi yuko Babiloni Hahambaye iba mu “bihinda”. Muri Babiloni ya kera, urusengero rwari rufise itongo rinini kandi n’abaherezi barabaye ba rurangiranwa mu bikorwa bijanye n’ubucuruzi. Muri iki gihe, turetse ibibanza vy’ugusengeramwo, Babiloni Hahambaye irafise urudandaza rukomeye be n’amatungo menshi. Inyigisho zayo be n’imisi mikuru yayo birayironsa amatungo menshi bikongera bikayaronsa n’abandi bagira urudandaza mw’isi.
• Ugukoresha ibishushanyo, amageza be n’ubupfumu vyari vyiraye muri Babiloni ya kera nk’uko biri no mu mihingo myinshi muri kino gihe. Urupfu rwabonwa nk’ikiringo gito umuntu acamwo kugira yimukire mu bundi buzima. Babiloni yari yuzuyemwo insengero be n’udusengero dutoduto vyahebewe imana zayo, mugabo Abanyababiloni bararwanya abasenga Yehova. Ukwo kwemera be n’iyo migenzo ni vyo biranga Babiloni Hahambaye.
Mu bihe vya kera, Yehova yaratumye amahanga akomeye mu vya politike no mu vya gisirikare ahana abantu baguma bamwirengagiza, bakaguma birengagiza n’ivyo agomba. Gutyo, Samariya yarasanganguwe n’Abashuri mu 740 B.G.C. Yeruzalemu yarasanganguwe n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. yongera irasangangurwa n’Abaroma mu 70 G.C. Babiloni na yo yarigaruriwe n’Abamedi n’Abaperesi mu 539 B.G.C. Ku bijanye n’igihe cacu, Bibiliya ibura yuko intwaro z’ivya politike, zimeze nk’igikoko, zizohindukirira “maraya” zikamukoba agasigara ari amenya, gutyo zikazoba zishize ahabona akaranga kiwe. Zizomusangangura buhere.—Ivyahishuriwe 17:16.
Intwaro z’isi zoba koko zizokora ikintu nk’ico? Bibiliya ivuga yuko ‘Imana izoshira mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye’ (Ivyahishuriwe 17:17). Ni ikintu kizoba bukwi na bukwi, gitangaje, kandi kibabaje, si ikintu umuntu ashobora kubona imbere y’igihe canke ikintu kizoba intambwe ku yindi.
Ni igiki ukeneye gukora? Niwibaze uti: ‘Noba ncumiye kw’ishirahamwe ry’ivy’idini ryandujwe n’inyigisho be n’imigenzo biranga ko ari iryo muri Babiloni Hahambaye?’. Naho utoba uri uwo muri Babiloni Hahambaye, woshobora kwibaza uti: ‘Noba nararetse nkoshwa n’agatima kayo?’. Ni agatima bwoko ki? Ni agatima ko kurekerana ivy’ukutigenza runtu, ugukunda amaronko be n’ibihimbaro aho gukunda Imana, kibure ukwirengagiza n’ibigirankana (mbere no mu tuntu dusa n’aho ari dutoduto) Ijambo rya Yehova. Niwiyumvire witonze inyishu wotanga.
Kugira ngo dutoneshwe na Yehova, birahambaye ko tugaragaza mu vyo dukora no mu vyipfuzo vy’umutima wacu ko vy’ukuri tutari abo muri Babiloni Hahambaye. Nta vy’ugutebagana. Mu kutuburira yuko umuhero uzoza giturumbuka, Bibiliya ivuga iti: “Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi”.—Ivyahishuriwe 18:21.
Mugabo hari n’ibindi bizoba. Mu wundi muce w’ico “gihe c’urubanza”, Yehova Imana azocira urubanza urunkwekwe rw’ivya politike rwo kw’isi yose, abategetsi barwo be n’abantu bose birengagiza ugutegeka kwiwe kugororotse biciye ku Bwami bwiwe bwo mw’ijuru buri mu minwe ya Yezu Kirisitu (Ivyahishuriwe 13:1, 2; 19:19-21). Iyerekwa menyeshakazoza ryanditswe muri Daniyeli 2:20-45 ridondora ubutegetsi bw’ivya politike bwo guhera kuri Babiloni ya kera gushika ku bwo muri iki gihe mu buryo bw’igishusho amahero gikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu muringa, mu vyuma no mw’ibumba. Ku bijanye n’igihe cacu, ubwo buhanuzi bwabuye buti: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra”. Ku bijanye na ho n’ico ubwo Bwami buzokora mu ‘gihe c’urubanza’ rwa Yehova, Bibiliya ivuga iti: “Buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.—Daniyeli 2:44.
Bibiliya igabisha abasavyi b’ukuri ko batokunda “ibiri mw isi”, ni ukuvuga uburyo bwo kubaho iyi si yiyonkoye ku Mana y’ukuri ishira imbere (1 Yohana 2:15-17). Ingingo ufata be n’ibikorwa vyawe, vyoba vyerekana yuko ushigikiye udahemuka Ubwami bw’Imana? Woba vy’ukuri ubushira mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe?—Matayo 6:33; Yohana 17:16, 17.
[Uruzitiro ku rup. 14]
Umuhero uzoshika ryari?
“Umwana w’umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye”.—Matayo 24:44.
“Mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha”.—Matayo 25:13.
‘Ntuzoteba’.—Habakuki 2:3.
[Uruzitiro ku rup. 14]
Iyo uza kuba uzi ico gihe hari ico vyohinduye ku buzima bwawe?
Hamwe woba uzi neza yuko urubanza rw’Imana rwimirije rutazoshitswa mu myaka nk’ingahe iri imbere, ivyo vyoba vyohindura uburyo uriko ukoresha ubuzima bwawe? Nimba ubona umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu rushaje umaze guteba ntushike vuba nk’uko wari uvyiteze, ivyo vyoba vyaciye bituma ugabanya umwete wari ufise mu murimo wa Yehova?—Abaheburayo 10:36-38.
Kuba tutazi igihe nyezina biraturonsa akaryo ko kugaragaza ko dusukurira Imana tubitumwe n’imvo nziza. Abazi Yehova baratahura yuko umwete umuntu azogaragaza ku munuta wa nyuma ata co uzoba uvuze ku Mana, yo ibona ibiri mu mutima.—Yeremiya 17:10; Abaheburayo 4:13.
Abakunda Yehova vy’ukuri, ni we bama bashira imbere. Cokimwe n’abandi bantu, abakirisu b’ukuri barashobora gukora akazi ko mw’isi. Ariko rero, intumbero yabo si iyo gucika abatunzi ariko ni iyo kugira baronke utwo bifashisha duhagije no kugira baronke utwo basabikanya n’abandi (Abanyefeso 4:28; 1 Timoteyo 6:7-12). Ikindi kandi, bariruhura mu buryo bwiza, bakanacishamwo bagahindura imirimo yabo ya misi yose, mugabo icipfuzo cabo ni ico kwiruhura, si ico gupfa kugira ivyo abandi bagira (Mariko 6:31; Abaroma 12:2). Nka kumwe kwa Yezu Kirisitu, bahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba.—Zaburi 37:4; 40:8.
Abakirisu b’ukuri bashaka kubaho no gusukurira Yehova ibihe bidahera. Ico cizigiro ntigita agaciro ngo ni uko bategerezwa kumara ikindi gihe barindiriye ko imihezagiro imwimwe iranguka, kuruta uko bamwebamwe bashobora kuba bari bavyiteze.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 15]
Ca kibazo c’ubusegaba
Kugira dutahure igituma Imana ireka hakaba ugucumukura kwinshi cane, turakeneye gutahura ca kibazo c’ubusegaba. None ubusegaba ni iki? Ni ubukuru buri hejuru ya vyose.
Kubera ko Yehova ari Umuremyi, arafise uburenganzira bwo gutegeka isi n’abayibako bose. Ariko rero, Bibiliya isigura yuko mu ntango ya kahise k’abantu, ubusegaba bwa Yehova bwahigishijwe. Shetani wa Mucokoranyi yivugishije yuko Yehova yazitiye abantu mu buryo burenze urugero, yuko yari yarabeshe abavyeyi bacu ba mbere ku bijanye n’ivyoshitse baramutse birengagije amategeko y’Imana hanyuma bagakora ibintu nk’uko bashaka, be n’uko ivyabo vyogenze neza baramutse biyoboye ubwabo batarinze kuyoborwa n’Imana.—Itanguriro, ikigabane ca 2 n’ica 3.
Iyo Imana ica isangangura abo bagarariji ubwo nyene, ivyo vyari kugaragaza ububasha bwayo, mugabo ntivyari gutorera umuti ibibazo vyavyuwe. Aho guca asangangura abo bagarariji ubwo nyene, Yehova yararetse kugira ngo ibiremwa vyose bifise ubwenge bibone ingaruka y’ubugarariji. Naho ivyo vyatumye abantu bacumukura, vyatumye kandi dushobora kuvuka.
Vyongeye, Yehova bimutwaye ikintu kinini cane, yarashizeho intunganyo yuko abantu bomugamburukiye kandi bakizera inkuka y’incungu y’Umwana wiwe boshoboye kubohorwa mu caha n’ingaruka zaco hanyuma bakaba mw’Iparadizo. Biramutse bibaye nkenerwa, ivyo vyobaye biciye ku kuzuka mu bapfuye.
Kureka hagaca umwanya wo gutorera umuti nya kibazo, vyararonkeje kandi abasavyi b’Imana akaryo ko kugaragaza ko bashoboye kugira ico bakoze ku bijanye n’urukundo rw’Imana no kugaragaza ukutadohoka kwabo kuri Yehova uko ibintu vyoba vyifashe kwose. Ugutorera umuti ico kibazo c’ubusegaba bw’Imana be n’ikibazo kijanye na co c’ukutadohoka kw’abantu, ni ntahara kugira ngo habe ukwubaha amategeko mw’isi no mw’ijuru. Ukwo kwubaha amategeko kutahari, amahoro nyakuri ntiyokwigera ashobokaa.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyo bibazo be n’ico bishaka kuvuga biraganirwako mu buryo bw’ido n’ido mu gitabu Niwiyegereze Yehova, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto]
Urunkwekwe rw’ivya politike rwo kw’isi yose ruzovaho