ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kp rup. 9-11
  • Ubuzima bwawe buriko bwerekeza he?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima bwawe buriko bwerekeza he?
  • Mwame Mugavye!
Mwame Mugavye!
kp rup. 9-11

Ubuzima bwawe buriko bwerekeza he?

• Abantu benshi batwawe n’ibintu vyo mu buzima bwa misi yose ku buryo batitaho iyo bariko barerekeza.

• Bibiliya iratumenyesha ko hari ibintu vyiza igitangaza turindiriye. Irabura kandi ivy’ihinduka rikomeye ryimirije kuba kw’isi yose mu bijanye n’inzego z’abantu. Kugira ngo ivyo ivuga tuvyungukireko maze twirinde gushikirwa n’icago, birihutirwa ko tugira ico dukoze tubigiranye umwiyemezo ukomeye.

• Hari abantu bamwebamwe bazi ico Bibiliya ivuga kandi bagerageza kuyikurikiza mugabo ugasanga barareka imyitwarariko y’ubuzima ikabasamaza.

• Woba uhimbarwa n’inzira ubuzima bwawe buriko bwerekezamwo? Igihe utegekanya ivyo ukora, woba uzirikana ukuntu ivyo bikorwa bizoshobora kugira ico bikoze ku mahangiro yawe y’igihe kirekire mu buzima?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]

Ni igiki gihambaye kuruta ibindi vyose kuri wewe?

Wotondekanya gute ibi bintu bikurikira? Bishireko inomero.

Vyinshi muri vyo birafise ikibanza kibereye mu buzima, mugabo igihe bibaye ngombwa ko uhitamwo, ni ikihe kiza ubwa mbere? ubwa kabiri? gutyo gutyo.

― Ukwinezereza/Ukwiruhura

― Akazi kanje canke umwuga wanje

― Amagara yanje

― Agahimbare kanje bwite

― Uwo twubakanye

― Abavyeyi banje

― Abana banje

― Inzu nziza, impuzu nziza

― Kuba uwa mbere mu vyo nkora vyose

― Gusenga Imana

[Uruzitiro ku rup. 10, 11]

Amahitamwo yawe yoba ariko akwerekeza aho ushaka vy’ukuri kuja?

RIMBURA IBI BIBAZO

UKWINEZEREZA/UKWIRUHURA: Ukwinezereza mpitamwo kwoba kunduhura? Kwoba kurimwo ibintu vy’ukwiryohera vyoshobora gushira mu kaga amagara yanje, mbere bikananteza ubumuga nzogumana mu buzima bwanje bwose? Bwoba ari uburyo bwo “kwiryohera” burimwo ukunezerwa kumbure kw’amasaha makeyi mugabo gushobora gutuma ngira umubabaro w’igihe kirekire? Naho ukwinezereza mpitamwo ata co kwoba gutwaye, noba ndakumaramwo umwanya munini ku buryo gutwara umwanya w’ibintu bihambaye kuruta ibindi?

AKAZI KANJE CANKE UMWUGA WANJE: Noba ndagakora kugira ngo nibesheho, canke noba mu vy’ukuri ndi umuja wako? Koba kansaba umwanya munini be n’inguvu nyinshi ku buryo amagara yanje ariko arahabonera? Mbega nohitamwo kumara umwanya wiyogereye ku kazi kanje canke kumara umwanya ndi kumwe n’uwo twubakanye be n’abana banje? Hamwe umukoresha wanje yonsaba gukora igikorwa gihungabanya ijwi ryanje ryo mu mutima canke kizokwama kinyoha ivy’impwemu, noba nzokora ico gikorwa kugira ngo sintakaze akazi kanje?

AMAGARA YANJE: Noba ndayanjanjwako, canke noba nama nitaho kuyabungabunga? Yoba ari yo nkunda gushira mu biyago vyanje? Uburyo ndayafata, bwoba bwerekana ko nitwararika umuryango wanje?

AGAHIMBARE KANJE BWITE: Koba ari ko niyumvira ubwa mbere na mbere? Koba ari ko nshira imbere kuruta agahimbare k’uwo twubakanye canke k’umuryango wanje? Uburyo ndakarondera bwoba buhuye n’ukuba ndi umusavyi w’Imana y’ukuri?

UWO TWUBAKANYE: Noba mbona uwo twubakanye nk’umugenzi wanje igihe gusa bimpimbaye? Uwo twubakanye noba ndamufatana icubahiro, nk’umuntu akwiriye iteka? Ukuba nemera Imana, vyoba bigira ico bikoze ku kuntu mbona uwo twubakanye?

ABAVYEYI BANJE: Nimba nkiri umwana, noba ngamburukira abavyeyi banje, nkabishura mu buryo buranga icubahiro, ngakora ivyo banshinze gukora, ngataha igihe ico ari co cose bansaba gutahirako, nkirinda abagenzi be n’ibikorwa bambuza? Niba maze kugera mu bigero, noba numviriza abavyeyi banje ndabigiranye icubahiro, nkabafasha mu buryo bukwiriye igihe bikenewe? Uburyo ndabafata bwoba bugengwa n’ivyo jewe ngomba canke n’impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana?

ABANA BANJE: Noba numva ko ari jewe mfise ibanga ryo kwigisha abana banje ingingo mfatirwako zijanye n’inyifato runtu canke noba niteze ko ishure ari ryo ribigira? Noba marana umwanya n’abana banje, canke noba niteze ko ibikinisho, televiziyo canke orodinateri ari vyo bibamara irungu? Noba ntoza abana banje indero igihe cose birengagije ivyibutswa vy’Imana, canke noba ndabigira canecane igihe banshavuje?

INZU NZIZA, IMPUZU NZIZA: Ni igiki kigenga uburyo nitwararika ukuntu mboneka be n’ivyo ntunze? Mbega ni uburyo nshaka ko ababanyi banje bambona? ni ukumererwa neza kw’umuryango wanje? ni ukuba ndi uwusenga Imana?

KUBA UWA MBERE MU VYO NKORA VYOSE: Noba mbona ko bihambaye gukora ibintu neza? Noba nkiranira kuba uwa mbere? Noba mbabara iyo hagize uwundi muntu akora ikintu neza kundusha?

GUSENGA IMANA: Kwemerwa n’Imana coba ari co kintu gihambaye kuri jewe kuruta kwemerwa n’uwo twubakanye, abana banje, abavyeyi banje canke umukoresha wanje? Kugira ngume ndi umuntu abayeho neza, vyoba vyonsaba ko nshira umurimo ndangurira Imana mu kibanza ca kabiri?

RIMBURA WITONZE IMPANURO BIBILIYA ITANGA

Imana ifise ikibanza ikihe mu buzima bwawe?

Umusiguzi 12:13: “[Utinye] Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese”.

NIWIBAZE UTI: Ubuzima bwanje bwoba bwerekana yuko mbona ibintu muri ubwo buryo? Ukugamburuka amabwirizwa y’Imana kwoba ari kwo kugenga ukuntu nitwararika amabanga y’i muhira, yo ku kazi canke yo kw’ishure? Canke ibindi bintu nitwararika kibure imikazo yo mu buzima vyoba ari vyo vyerekana niba nshira ku ruhande umwanya uheberwa Imana?

Ni ubucuti bwoko ki mfitaniye n’Imana?

Imigani 3:5, 6: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.

Matayo 4:10: “Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene”.

NIWIBAZE UTI: Ukwo kwoba ari ko niyumva ku vyerekeye Imana? Ibikorwa vyanje vya misi yose be n’uburyo mpangana n’ingorane, vyoba vyerekana ko nizigira kandi nkubaha Imana muri ubwo buryo?

Gusoma Bibiliya no kuyiga bihambaye ukungana iki kuri wewe?

Yohana 17:3: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.

NIWIBAZE UTI: Ikibanza mpa ugusoma Ijambo ry’Imana be n’ukuzirikana mu buryo bugera ibwina, vyoba vyerekana ko ivyo ndavyemera vy’ukuri?

Kwitaba amakoraniro y’ishengero rya gikirisu bihambaye ukungana iki kuri wewe?

Abaheburayo 10:24, 25: “Twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, . . . kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo”.

Zaburi 122:1: “Naranezerewe hamwe bambgira, bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho”.

NIWIBAZE UTI: Uburyo mbayeho bwoba bugaragaza ko nkenguruka ubwo buyobozi bwo mw’Ijambo ry’Imana? Mu kwezi guheze, noba narasivye ikoraniro na rimwe rigirwa ku bwo gusenga bivanye n’uko narisubirije ikindi kintu?

Woba ugira uruhara n’umwete mu kuyagira abandi ivyerekeye Imana be n’imigambi yayo?

Matayo 24:14: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube . . . icabona, . . . maz’umuhero uzoca uza”.

Matayo 28:19, 20: “Nuko ni mugende, muhindure [abantu bo mu] mahanga yose abigishwa, . . . mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose”.

Zaburi 96:2: “Muririmbire Uhoraho, mushemagize izina ryiwe: mumenyekanishe agakiza kiwe uko bukeye”.

NIWIBAZE UTI: Ico gikorwa coba vy’ukuri gifise ikibanza kibereye mu buzima bwanje? Uruhara ndakigiramwo rwoba rugaragaza ko najijutse yuko ibihe tubayemwo bihambaye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika