ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gf icig. 4 rup. 6-7
  • Uburyo Ushobora Kwiga Ivyerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo Ushobora Kwiga Ivyerekeye Imana
  • Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Ivyo bijanye
  • Imana Ni Nde?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ikete ryavuye ku Mana y’urukundo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Imana ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Imana Ni Nde?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
gf icig. 4 rup. 6-7

ICIGWA CA 4

Uburyo Ushobora Kwiga Ivyerekeye Imana

Urashobora kwiga ivyerekeye Yehova mu gusoma Bibiliya. Kera cane Imana yaratoye abantu bamwebamwe ngo bandike ivyiyumviro vyayo. Ivyo vyanditswe vyitwa Bibiliya. Muri iki gihe turiga ivyerekeye Imana mu gusoma Bibiliya. Kubera ko Bibiliya irimwo ijambo rya Yehova canke ubutumwa bwiwe, yitwa kandi Ijambo ry’Imana. Turashobora kwemera ivyo Bibiliya ivuga kubera ko Yehova atigera abesha. ‘Imana ntibasha kubesha.’ (Abaheburayo 6:18) Ijambo ry’Imana ririmwo ukuri.—Yohana 17:17.

Bibiliya ni imwe mu ngabirano z’igiciro Imana yaduhaye. Imeze nk’ikete umuvyeyi w’urukundo yandikiye abana biwe. Iratubwira ivyerekeye isezerano Imana yatanze ryo guhindura isi ahantu heza cane ho kuba, h’iparadizo. Iratubwira ivyo Imana yakoze kera, ivyo iriko irakora ubu, hamwe n’ivyo izokorera abantu bayo b’abizigirwa muri kazoza. Iradufasha kandi gutunganya ingorane zacu no kugira agahimbare.—2 Timoteyo 3:16, 17.

Ivyabona vya Yehova ni abakunzi b’Imana; bazogufasha gutahura ivyo Bibiliya yigisha. Pfa gusa kubabwira yuko ushaka kwiga Bibiliya. Nta mahera basaba kuri ico. (Matayo 10:8) Turetse ivyo, urashobora kwitaba amakoraniro y’Abakirisu. Ayo agirirwa ahantu h’ugusengera hitwa Ingoro z’Ubwami. Mu gihe witaba amakoraniro y’Abakirisu, ntuzoteba gukura mu bumenyi bwerekeye Imana.

Urashobora kwiga ivyerekeye Imana ufatiye ku bintu yaremye. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga iti: “Imana yaremye ijuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Igihe Yehova yarema “ijuru,” yararemye izuba. None ivyo bitubwira iki ku vyerekeye Imana? Bitubwira yuko Yehova afise ububasha buhambaye. Ni we musa yoshoboye kurema ikintu gikomeye nk’izuba. Itubwira kandi yuko Imana ari inyabukerebutsi, kubera ko vyasavye ubukerebutsi kugira ngo ireme izuba, ari ryo ritanga ubushuhe n’umuco kandi ntiryigere riturira.

Ivyo Yehova yaremye biragaragaza yuko adukunda. Iyumvire ubwoko butandukanye bwose bw’ivyamwa biri kw’isi. Yehova yari gushobora kuduha ubwoko bumwe gusa bw’icamwa, canke ntaduhe na kimwe. Aho kugira gutyo, Yehova yaduhaye ubwoko bwinshi bw’ivyamwa bitandukanye mu mero, mu bunini, mu mabara, no mu kanovera. Ivyo vyerekana ko Yehova ari Imana ituzuye urukundo gusa, ariko kandi itanga cane, izirikana, kandi y’ubugwaneza.—Zaburi 104:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika