ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g17 no. 6 rup. 10-11
  • Tuje muri Nouvelle-Zélande

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Nouvelle-Zélande
  • Be maso!—2017
Be maso!—2017
g17 no. 6 rup. 10-11
Milford Sound, Nouvelle-Zélande

Milford Sound

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Nouvelle-Zélande

Ikarata ya Nouvelle-Zélande

HARAHEZE nk’imyaka 800 abantu bo mu bwoko bwitwa Maori bagerereye muri Nouvelle-Zélande. Bagize urugendo rwo mu mazi rw’ibilometero ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu mazinga ashushe yo muri Polineziya. Bashitseyo, basanze ari akarere k’ibisozi n’ibibarafu, karangwamwo amashuha y’amazi n’ay’ivyondo, hamwe na shelegi. Inyuma y’ibinjana bitanu hari abandi bantu bagerereyeyo bavuye kure cane i Buraya. Muri iki gihe, abanya Nouvelle-Zélande nka bose barasonera imico kama y’iyo migwi yompi. Ibice nka 90 kw’ijana vy’abanyagihugu baho baba mu bisagara. Umurwa mukuru ari wo Wellington, ni co gisagara kiri hepfo cane kw’isonga ry’isi kuruta ibindi vyose.

Ivyondo biriko birabiragira mu gice co mu buraruko bwa Nouvelle-Zélande

Ivyondo biriko birabiragira mu gice co mu buraruko

Naho umengo ico gihugu kirirebanga, ubwiza bwaco bw’agatangaza butuma ingenzi nk’imiliyoni zitatu zija kukiratira ijisho buri mwaka.

Igiti gishobora gukura gushika ku metero zirenga 10

Iki giti kirashobora gukura gushika ku metero zirenga 10

Inyoni itaguruka yitwa takahe

Gushika mu 1948, vyiyumvirwa ko inyoni zitaguruka zitwa takahe zazimanganye

Ico gihugu kirimwo ibikoko vyinshi cane, kandi ni co ca mbere kw’isi kirimwo ubwoko bwinshi bw’inyoni zitaguruka. Turahasanga kandi ubwoko bw’ikiburuburu citwa tuatara gishobora kubaho imyaka ishika 100. Mu binyabuzima vyahabaye kuva kera harimwo ibihungarema vy’ubwoko butandukanye be n’ibifi vyo mu bwoko bw’ibimizi.

Ivyabona vya Yehova bamaze imyaka nka 120 bakorera muri ico gihugu. Barigisha abantu Bibiliya n’imiburiburi mu ndimi 19. Aho harimwo n’indimi zo muri Polineziya, nk’izitwa niue, rarotonga, igisamowa n’igitonga.

Abo mu bwoko bwitwa Maori bariko bararirimba

Abo mu bwoko bwitwa Maori bariko bararirimba bambaye impuzu kama

WARI UBIZI?

Izina Nouvelle-Zélande riva mw’ijambo Zeeland, kakaba ari akarere ko mu Buholande. Izina Aotearoa ryo mu kimawori (Maori) risobanura ngo “Igihugu c’igicu kirekire cera.”

Naho abenshi muri Nouvelle-Zélande bavuga icongereza, ururimi kavukire rw’ikimawori ruriko rurakomera kuko ubu rwigishwa no mu mashure. Urubuga rw’Ivyabona vya Yehova jw.org, ruraboneka mu kimawori.

  • ABANYAGIHUGU: 4.700.000

  • UMURWA MUKURU: WELLINGTON

  • IGIHUGU: MU BURARUKO HARI IBIRUNGA N’AMASHUHA. MU BUMANUKO HARI IBIBARAFU VYINSHI

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika