ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 4 rup. 16
  • Ubuzima bw’iminzerere y’imbonekarimwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima bw’iminzerere y’imbonekarimwe
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
Be maso!—2016
g16 no. 4 rup. 16

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubuzima bw’iminzerere y’imbonekarimwe

KU MIGABANE yose y’isi, ukuyemwo umugabane witwa Antarctique, harabayo ubwoko butandukanye bw’iminzerere. Ariko mu buraruko bushira ubuseruko bwa Amerika, harabayo umunzerere w’imbonekarimwe wamye ujoreza abahinga b’ibinyabuzima.

Umunzerere

Rimbura iki kintu: Mu mpeshi, iminzerere y’imbonekarimwe uza ubona yadutse ikamara indwi nkeyi gusa. Mu kiringo gitoyi imara ku zuba, iriyambura urukoba rwo mu bwana, ikaririmba n’ijwi rimena amatwi, ikaguruka, ikarondoka hanyuma igapfa. Ariko igitangaje ni uko urundi runganwe rw’iyo minzerere rusubira kuboneka haciye imyaka 13 canke 17 bivanye n’ubwoko bwayo. None iba iri hehe muri iyo myaka yose?

Kugira twishure ico kibazo, dukeneye gutahura ubuzima budasanzwe bw’iyo minzerere. Haciye nk’indwi iyo minzerere isubiye kuboneka, ingabo n’ingore birabonana maze ingore igata amagi ava ku 400 gushika ku 600 ikayashira mu dushami tw’ibiti. Inyuma y’ivyo, iminzerere ikuze ica ipfa. Haciye indwi nkeyi, ivyana birava mu magi bigakorokera hasi, bikinjira mu kuzimu bikamarayo imyaka itari mike bitunzwe n’ukununuza imizi y’ibiti n’ibindi bimera. Ya myaka 13 canke 17 iheze, uza ubona urunganwe rushasha rw’iminzerere ikuze rwadutse, rukazokurikirwa n’urundi gutyogutyo.

Ikinyamakuru kimwe c’ibidukikije, kivuga ko ubuzima budasanzwe bw’iyo minzerere “bumaze imyaka amajana ari akananirabahinga. . . . N’ubu abahinga mu vy’udukoko ntibarashobora gusigura ukuntu ubuzima busiga ubwenge bw’iyo minzerere bwoba bwariyadukije.” Utwo dukoko ni amayobera koko.

Uvyibazako iki? Ukuntu iyo minzerere ibayeho, coba ari ikintu capfuye kwiyadukiza? Canke hariho uwabikoze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika