ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 16-17
  • Iyo mbata yo mu mazi ifise ijwi wohora urumviriza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyo mbata yo mu mazi ifise ijwi wohora urumviriza
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ijwi ry’akaborogo, irigomba kumera nk’iry’igihuna, iry’akaruru riduga ryongera rimanuka be n’iryo hejuru rikaze
  • Iraryoheye ijisho, irabangutse mugabo hari ibiyigora
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 16-17

Iyo mbata yo mu mazi ifise ijwi wohora urumviriza

UGUSAMIRA kw’ijwi riteye agahinda ry’iyo mbata ni ikintu uwacumvise adashoka yibagira.a Iryo jwi, iriserura ko ifise irungu mu gahinga, rirashobora kwumvikanira kure cane mu biyaga n’inzuzi vy’amazi meza vyo muri Kanada, mu Buraya no mu buraruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Iyo mbata yo mu mazi nziza igitangaza ni yo igize ikimenyetso kiranga Leta ya Minnesota muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi ishusho yayo iraboneka ku giceri c’idolari ryo muri Kanada ryitwa iluni (loonie). Ariko rero, iyo mbata iguma yimuka, mu bihe vy’urushana ikaba yibera ahanini mu turere turi ku nkengera z’ibiyaga kure cane mu bumanuko. Ni igiki gituma wohora urayumviriza?

Ijwi ry’akaborogo, irigomba kumera nk’iry’igihuna, iry’akaruru riduga ryongera rimanuka be n’iryo hejuru rikaze

Iyo mbata irafise amajwi amwamwe atangaje. Ijwi ryayo ry’akaborogo ry’intibagirwa rirumvikana ku mugoroba canke mw’ijoro kandi rirashika kure cane ku bilometero n’ibindi. Irafise kandi ijwi ridakaze rigomba kumera nk’iry’igihuna, ikaba irikoresha mu kuvugana n’ikigore canke ikigabo cayo, ivyana vyayo be n’izindi mbata ziri kumwe na yo mu kiyaga. Ijwi ry’akaruru riduga ryongera rimanuka irikoresha mu kugabisha. Iryo jwi, irivugwa yuko ari agatwengo karengeje urugero, ni ryo ryonyene ikoresha iriko iraguruka.

Ijwi ryo hejuru rikaze ni iry’imbata y’ikigabo gusa kandi nk’uko ikinyamakuru kimwe (BirdWatch Canada) kibivuga, “isa n’iyirikoresha igihe iriko irarwanira akarere igaba. Ikigabo kimwekimwe cose usanga gifise ijwi cisangije,” kandi “uko iyo mbata irushiriza kuba nini, ni ko irushiriza kuvugira hasi.” Vyongeye, nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, igihe ikigabo “kigiye kuba mu kandi karere, kirahindura ijwi ryaco,” kandi “kikagerageza uko gishoboye kwose gutuma ritandukana n’ijwi ry’icahora kiba ng’aho.”

Iraryoheye ijisho, irabangutse mugabo hari ibiyigora

Iyo mbata ifise umutwe w’ibara rigomba kwirabura ririmwo akantu k’urwatsi rutoto rukayangana, ikagira amaso atukura be n’umunwa wirabura muremure kandi usongoye. Amubi yayo arahinduka bivanye n’ikiringo c’umwaka.

Kubera ko iyo mbata ifise amaguru ariko amano afatanijwe n’ikintu kimeze nk’igishato, iracakira udukoko bitagoranye, irazi kwoga kandi irabanguka mu kwibira mu mazi. Nkako, irashobora kwibira igashika ku metero 60, rimwe na rimwe ikamarayo iminuta itari mike!

Ariko rero, iyo mbata birayigora kuva hasi ngo iguruke no gushika hasi! Kubera ko iremereye, irakenera ahantu ibanza kwirukangira kugira ironke inguvu zo kuguruka, kandi yoshobora gukubitagura amababa no kwiruka ku mazi ahantu hareha n’imetero amajana imbere y’uko iguruka. Ni co gituma ikunda kuba ahantu hari amazi menshi. Igihe iriko irururuka, izanana umuvuduko munini amaguru yayo agoroye kandi araba inyuma, atiteguriye kuyifasha gushika ku mazi. Ica ikubita inda ku mazi maze igaserereka gushika ihagarare.

Naho amaguru yayo atuma biyorohera kwoga, kuba aherereye amaja inyuma ku mutumba wayo biratuma kugendagenda, eka mbere no guhagarara, biyigora. Ni co gituma yubaka icari cayo ahantu ishobora kuja mu mazi bitayigoye.

Ikigore n’ikigabo birakurakuranwa kubundikira amagi (akunda kuba ari abiri) asa n’ivyatsi bigomba kwuma, akaba ariko n’utudomagu tugomba kwirabura. Ziberagura haciye imisi nka 29. Ivyana vyazo bimaze imisi ibiri birashobora kwoga eka mbere bikibira gatoyi. Iyo bikeneye kuruhuka, bica bija ku mugongo wa nyina. Haciye amezi abiri canke atatu, igihe biba bimaze kumenya kuguruka, biraheba abavyeyi bavyo.

Mu bintu bibangamira iyo mbata harimwo inkona, ibisiga vyitwa mouettes, udukoko tumeze nk’utuyabu twitwa raton laveurs, agahebuza muri ivyo akaba ari abantu. Mwene bwa butare bashira kw’igera kugira ngo ryibire be n’ibitoro biseseka mu mazi birica izo mbata. Ibintu bitosekaza ibidukikije bituruka ku mvura y’ubumara biratuma amafi agabanuka, ano akaba ari yo izo mbata zifungura. Imipfunda iturutse ku bwato buriko buragenda iratuma amazi ashwara mu vyari vyazo. Vyongeye, kwubaka ku nkengera y’ibiyaga biratuma iyo mbata ikunda kwibera ukwayo iva aho hantu irondokera.

Naho ari ukwo, izo mbata ntizihona. Ku bw’ivyo, iyo mbata y’akaroruhore ifise amajwi adasanzwe kandi ihimbara abantu, izoshimisha abakunzi b’inyoni mu myaka myinshi iri imbere.

[Akajambo k’epfo]

a Yitwa kandi great northern plongeur na plongeon imbrin.

[Uruzitiro ku rup. 17]

IVYEREKEYE IYO MBATA

Uburebure: Igihe iriko iraguruka, ireha n’imetero nk’imwe kuva ku munwa gushika ku maguru

Amababa ashanje: Areha n’isantimetero nka 140

Uburemere: Ibilo nka 4 mugabo yoshobora gushikana ibilo nka 6,3

Amagufa: Irafise amagufa akomeye atari make (atari nka ya yandi usanga ameze nk’umuringoti), ano akaba yongerereza uburemere bwayo mugabo akayifasha kwibira

Umuvuduko igurukana: Ibilometero nka 120 kw’isaha igihe yimutse

Ivyo irya: Irakunda amafi mugabo irarya n’inkara, ibikere, imisundo canke imiyoka, imiserebanyi yo mu mazi, udukoko tumeze nk’inkara twitwa crevettes, ibifyera be n’utundi dukoko tuba mu mazi

[Ifoto ku rup 16, 17]

[Ifoto ku rup. 17]

Icana c’imbata kiruhukiye ku mugongo wa nyina

[Ifoto ku rup. 17]

Iyo mbata iriko irajwira

[Abo dukesha amafoto ku rup. 17]

Ku rupapuro rwa 16, imbata iguye ku mazi: Spectrumphotofile; ku rupapuro rwa 17, icana c’imbata: © All Canada Photos/SuperStock; imbata iriko irajwira: © Roberta Olenick/age fotostock

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika