Urwaruka ruribaza
Noshobora gute kwihanganira amaganya?
Ufise amaganya angana iki? Nusige ibara muri ako gacapo werekane urugero ugezako mu kugira amaganya.
․․․․․ Amaganya aranyishe
․․․․․ Nsa n’uwufise amaganya
․․․․․ Ndashobora kunyinyana na yot
․․․․․ Amaganya? Sinzi n’ico ari co
KUNYINYANA n’amaganya bimeze nko gukwega ikonteneri iremereye. Urukamyo rurashobora kuyikwega bitagoranye rukayizungurukana igihugu cose. Mugabo umuduga usanzwe ntiwobishora. Uwo muduga ukweze iyo konteneri, naho woba uyijanye ahantu hafi, imoteri yawo irashobora kwononekara. Ivyo ni vyo vyoshikira ico twokwita imoteri yawe mu gihe urengewe n’amaganya.
None ivyo vyoba bisobanura ko kabaye? Ihibambewe! Kugira ngo ntusanzare, urakeneye kuremurura umutwaro wawe canke kurondera ico twokwita imoteri ikomeye kuruta. Mu vy’ukuri, vyompi urashobora kubigira. Reka tubirabe.
Nuremurure umutwaro wawe
INGORANE: Ibikorwa vy’umurengera.
“Birashika umuntu akansaba kumufasha ikintu kinaka canke kuja kwisamaza hamwe n’abandi igihe mu vy’ukuri mba mfise ivyo ntegerezwa gukora. Sinipfuza kugira uwo mpakaniye.”—Karina.a
UMUTI: Niwige kuvuga oya.
Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imigani 11:2) Ukwifata ruto, ari kwo kwemera ko hari ivyo udashoboye, kuratuma ushobora kuvuga oya igihe ubona ko umutwaro wokuremera cane.
Ego ni ko, kuvuga oya ntivyama ari vyiza, nk’akarorero igihe abavyeyi bawe bakwibukije udukorwa tw’i muhira ubwirizwa gukora. Mugabo uretse uwo ari we wese akakwongerereza umutwaro, amaherezo urakurengera. Mbere n’ibikamyo amahero usanga bifise imizigo bidashobora kurenza.
Impanuro: Nimba bikugora kwankira umuntu, nugerageze kuvuga uti: “Ndaza kuguha inyishu.” Imbere rero y’uko umuha inyishu itomoye, niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri nshobora kuronka umwanya n’inguvu bikenewe ku bw’ico gikorwa?’
INGORANE: Kuba nzobandabikora.
“Mu gihe igikorwa kinaka gisa n’ikigoye, nca mba ndaretse kugikora. Mugabo mu nyuma ndahagarika umutima kubera ko n’ubundi mbwirizwa kugikora. Igihe amaherezo ndagitanguye, mbwirizwa kunyaraguritsa, ivyo bigatuma ndengerwa n’amaganya.”—Serena.
UMUTI: Nugitangure naho nyene utoshoka ugiheza.
Bibiliya ihanura iti: “Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu.” (Abaroma 12:11) Kuba ufise igikorwa kigoye ubwirizwa gukora ubwavyo ntivyoroshe; kubera iki none wokwongerako uwundi mutwaro mu kucigizayo? Ivyo bituma kikugumako.
Kugira ngo uvyurirwe umutima wo gukora ibikorwa binaka, nugire urutonde rwavyo. Nugabagure ibikorwa bikomeye ku buryo bikworohera gukora. Umwigeme umwe yitwa Carol avuga ati: “Ndakunda kugira urutonde. Akenshi ibintu bingora ni vyo nshira imbere y’ibindi, maze uko ndabishirako akamenyetso kerekana ko ndabirangije, bica birushiriza kunyorohera gukora ibisigaye. Utabiciye n’ikanda, urashobora gusanga ushikiriye ibintu bikuryohera gukora mu buzima.”
Impanuro: Nimba bikugora gutangura igikorwa kinaka, niwishingire kukimarako umwanya w’iminuta 10 canke 15 maze uce utangura kugikora. Iyo minuta irangiye, igikorwa uzoba ukoze muri uwo mwanya kizoba kirangiye. Ko rero uzoba wagitanguye, woshobora gutangazwa n’ukuntu bizorushiriza kukworohera gukora n’ibisigaye.
Nurondere ico twokwita imoteri ikomeye kuruta
● Nubungabunge umubiri wawe. Abahinga baremera yuko gufungura neza, kwama winonora imitsi no gusinzira neza bituma ukora ibikorwa vyinshi.b Ntuhagarike umutima, kubungabunga umubiri wawe ntibigoye na gato. Bigusaba gukora ibintu bikeyi gusa kugira ngo utangure. Nk’akarorero, gusinzira. Nugerageze ibi bintu bikurikira.
1. Nusinzire bihagije. Niwishingire isaha ntabanduka yo kuryamirako no kuvyukirako, n’imiburiburi mu misi y’ishure n’iy’akazi.
2. Nufate umwanya uhagije wo gutezurira umubiri. Ntiwinonore imitsi hasigaye amasaha atatu ngo uje kuryama, kandi wirinde gufungura utuntu twinshi canke ibintu birimwo kafeyine hegereje ko uja kuryama.
3. Hageze ko uja kuryama, nuzimye amatara, wongere utume mu cumba cawe haba ahantu hatekanye kandi hameze neza.
● Nuhanahane ivyiyumviro n’abandi. Ntiwitinye kwitura abavyeyi bawe n’abagenzi kugira ngo bagufashe. Hoba vy’ukuri hari ico vyofasha? Cane nyene, kuko ivyigwa vyagizwe vyerekana ko kuremeshwa bigabanya ingaruka mbi ukurushiriza kugira amaganya bishobora kugira ku mutima wawe, ku mitsi itwara amaraso no ku bushobozi umubiri ufise bwo kwirwanira.
Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga; ikaba igira iti: “Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza.” (Imigani 12:25) Igihe urengewe n’ “amaganya,” abagenzi nyakuri barashobora kukubwira “ijambo ryiza” ryo kukuremesha, akaba ari ryo gusa woshobora kuba ukeneye kugira ngo wihangane.
Woba ugikeneye gufashwa mu bijanye no kwihanganira amaganya? Raba ibigabane bikurikira mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1 n’ica 2, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
IGITABU CA 1
Ikigabane ca 18: Novyifatamwo gute mu mikazo yo kw’ishure?
Ikigabane ca 21: Nokoresha neza gute umwanya wanje?
IGITABU CA 2
Ikigabane ca 26: Nocungera gute inyiyumvo zanje?
Ikigabane ca 27: Kuki nshaka ko vyose biba ibitunganye?
Guhera kuri Be maso! yo muri Nzero 2013, ibiganiro bivuga ngo “Urwaruka ruribaza” bizoza biraboneka gusa ku muhora wa Internet www.jw.org
[Utujambo tw’epfo]
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
b Nimba wipfuza impanuro zerekeye ugufungura n’ukwinonora imitsi, raba ikigabane ca 10 mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]
Ntusanzaze ibintu. Igihe ubwirizwa gusakambura mu bintu biri mu kajagari urondera agakorwa wahawe kw’ishure ko gukorera i muhira canke impuzu zimesuye wokwambara, bituma amaganya ufise yongerekana. Kugira ngo ntukore ibintu wihutagiza mu gitondo, nufate umwanya w’iminuta itanu kugira ngo ushire ibintu ku rutonde imbere y’uko uja kuryama.
[Uruzitiro ku rup. 19]
IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGAAY
Patricia—Igihe mfise amaganya, kwinonora imitsi, nko kwiruka, kunyonga ikinga, canke kugira imyimenyerezo yo kugorora imitsi biramfasha guturura. N’ikindi kandi, ndaserurira akari ku mutima abavyeyi banje canke umugenzi wanje somambike, abo bakaba ari abantu nshobora kwizigira kandi bantahura. Kuba bamfata mu mugongo biramfasha vy’ukuri.
[Ifoto]
Zachary—Narabonye ko mfise agatima ko guhagarika umutima cane, ivyo bikaba bituma ngira amaganya bikongera bigatuma ibintu vyunyuka. Ndagerageza rero kubona neza uko ibintu biri koko. Ingorane zanje zifashe gute ndazigereranije n’iz’abandi badashobora no kuronka aho baba canke ivyo bafungura?
[Ifoto]
Gregory—Ikintu gituma ntagira amaganya menshi ni ugutegekanya ivyo nkora buri musi. Ivyo biramfasha kuba umunyarutonde no gukora ibintu vyose mbwirizwa gukora mu mwanya wavyo. Muri ubwo buryo, sinigera ncererwa. Ndashobora kwanka canke kwemera amabanga ndabigiranye urupfasoni kandi ata buryarya bivanye n’umwanya mba mfise.
[Ifoto]
Hailey—Igihe nzi yuko mfise udukorwa tw’i muhira mbwirizwa gukora, ndagira urutonde mw’ijoro buca ndadukora, ngashinga umwanya nkwiye gukorerako agakorwa kamwekamwe kose. Nk’akarorero, igihe nsukura inzu, ndishingira umugambi w’uko nza kuba nahejeje gusukura igikoni mu mwanya munaka, ivyumba mu masaha abiri akurikira, gutyo gutyo. Mu vy’ukuri biragenda neza!
[Ifoto]
[Uruzitiro ku rup. 20]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Ni amaganya nyabaki mugira mu buzima bwanyu? Ni uburyo ubuhe bwo kuyihanganira mwasanze buvamwo ivyiza kuruta?
[Igicapo ku rup. 18]
[Ifoto ku rup. 20]
Niwiyemeze neza ko ico twokwita imoteri yawe gishobora kwikorera umutwaro wawe