Urashobora kwiga kuba umunyamahoro
NAHO twoshobora kuvukana impengamiro mbi zimwezimwe, kuba inkozi y’ikibi akenshi birigwa. Ni na ko biri ku bijanye no kuba umunyamahoro. Ariko none, ni nde yotwigisha ukuntu twoshikira amahoro nyakuri? Nta gukeka ko uwubishoboye kuruta abandi bose ari Umuremyi wacu, we afise ubukerebutsi ntangere. Rimbura ibi vyiyumviro bitanu bikurikira hamwe n’ubukerebutsi bw’agaciro bujanye na vyo buri muri Bibiliya.
1 “Ntiwumvire agashari umuntu w’ubukazi.” (Imigani 3:31) Numenye yuko inkomezi nyakuri zibonekera muri kamere nk’ukwigumya n’ubwitonzi. Mu Migani 16:32 havuga hati: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.” Nka kurya kw’urugomero rukomeye, usanga ashoboye kwigumya igihe asomborokejwe. Nkako, igihe hari uwumushavuje aca agaragaza ubwitonzi, gutyo akaba ‘akebeje ishavu.’ (Imigani 15:1) Umuntu akunda gushavura wewe aca ubwo nyene aserura ishavu igihe hari uwumusomborokeje na gatoya.—Imigani 25:28.
2 Nuhitemwo neza abo mwifatanya. Mu Migani 16:29 havuga hati: “Umuntu w’ubukazi aryosharyosha mugenziwe.” Ariko rero, “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” (Imigani 13:20) Egome, igihe twifatanya n’abantu b’abanyamahoro bigumya kandi bitonda, birashoboka rwose ko tugerageza kubigana.
3 Nukunde abandi urukundo nyakuri. Amajambo adondora urukundo meza kuruta ayandi yose yigeze kwandikwa tuyasanga mu 1 Abakorinto 13:4-7. Amwamwe muri ayo majambo ni aya: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. . . . Ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. . . . Rurenzako muri vyose, . . . rwihanganira vyose.” Yezu yavuze yuko nimba twipfuza kwigana urukundo rw’Imana dutegerezwa gukunda n’abansi bacu.—Matayo 5:44, 45.
4 Niwizigire ko Imana izokuraho ababisha. “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, bakundwa, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’ ” (Abaroma 12:17-19) Igihe twizera Imana n’ivyo yasezeranye, turagira amahoro yo mu mutima abantu batizera badashobora gutahura na gato.—Zaburi 7:14-16; Abafilipi 4:6, 7.
5 Niwizigire ko Ubwami bw’Imana buzozana amahoro nyakuri kw’isi. Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru igiye gukuraho ububi bwose maze itegeke isi yose. (Zaburi 37:8-11; Daniyeli 2:44) Mu gihe c’ubwo Bwami, “umugororotsi azonaga, kandi hazobaho amahoro menshi gushika ukwezi kutakiriho.”—Zaburi 72:7.
Izo nyigisho zo muri Bibiliya zarafashije abantu amamiliyoni, harimwo n’abari inkozi z’ikibi, baraba abakunda amahoro. Rimbura ivyerekeye Salvador Garza.