ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/12 rup. 9
  • Nari inkazi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nari inkazi
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • «Sinkiri inkozi y’ikibi»
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Kwumira kw’ibanga vyaratumye ngira umunezero
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Nari umuntu yadundumiwe kandi yitwaza igikenye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Inkuru ya Ricardo na Andres
    Be maso!—2019
Ibindi
Be maso!—2012
g 8/12 rup. 9

Nari inkazi

Nk’uko vyavuzwe na Salvador Garza

NKIRI muto, nari inkazi kandi nararwana n’umuntu wese yaba anshavuje. Hari umuntu wo mu karere twabamwo yari karuhariwe mu vyo guterana ibipfunsi yabonye ico kintu maze arabinyigisha. Mu nyuma, naratanguye kuza ndafata ingendo hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ngiye guterana ibipfunsi. Mu nyuma, narashinzwe igikorwa co gucungera ubuzima bw’umwe mu bari bagize akagwi k’inkozi z’ikibi.

Narabandanije kuba inkazi n’inyuma y’aho nubakiye urwanje nkavyara abana batandatu. Ico gihe nari nsigaye mfise ikirabo natunganirizamwo ibiteramo. Naho abantu bagerageje akatari gake kunyica, narakunda cane ukwo kwidagadura. Igihe kimwe nararashe abagabo babiri turiko turarwana, ndabakomeretsa cane. Twe n’abagenzi banje bamwebamwe twaranagize umugambi wo kunyuruza umunyapolitike akomeye. Mugabo abapolisi barubuye uwo mugambi maze baramfata. Igihe abapolisi bagira bafate abo bandi, bararasanye na bo maze abo bagenzi banje bose baricwa. Ndanezerewe rero kuba nari mw’ibohero ico gihe!

Haciye imyaka, nararekuwe maze ndaronka akazi. Umusi umwe mvuye ku kazi, narafashwe n’umutwe bukwi na bukwi ku buryo ata kintu nshobora gukora. Narahagaritse umutima cane ku buryo nsenga nsaba gufashwa. Umukenyezi wanje Dolores, uno akaba yari amaze igihe yigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yari yarambwiye yuko Imana ifise izina, ari ryo Yehova. (Zaburi 83:18) Narasenze rero ndoma kuri iryo zina ryayo.

Maze gukira, Dolores yarandemesheje kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova ku Ngoro y’Ubwami yabo. Ubuntu n’ubwitwararitsi nyakuri Ivyabona bagaragaza vyatumye nkorora amosozi. Ico vyavuyemwo, ni uko na jewe nyene natanguye kwiga Bibiliya maze ndatangura guhindura ukuntu nabona ubuzima. Narakunda ivyo nariko ndigishwa.

Ariko rero, kwiga gucungera ishavu ryanje vyafashe igihe. Nk’akarorero, umusi umwe ndi mu busuku bw’inzu ku nzu ndi kumwe n’umugenzi wanje Antonio, twarahuye n’umuntu aradutuka. Naciye ndurumba ishavu maze ndamusimbirako. Igishimishije ni uko Antonio yaciye antangira. Mu nyuma, abigiranye ukwihangana yaramfashije kuzirikana ukuntu Yezu yihanganiye ugutyekezwa gukomeye n’ibitutsi vyinshi. Intumwa Petero, uwakoranye cane na Yezu, yanditse ati: “Igihe yatukwa, ntiyasubizayo igitutsi.” (1 Petero 2:23) Narafashe nkama ayo majambo.

Nibutse amahinduka nagize mu myaka n’iyindi ihaciye, nama nshimira Yehova ku bw’impwemu nyeranda yiwe, iyidufasha kugaragaza ukwigumya no kuba abanyamahoro vy’ukuri. (Abagalatiya 5:22, 23) Umuryango wanje urunze ubumwe kandi urahimbawe, vyongeye dufise ubuzima butekanye kandi burangwa amahoro. N’ikindi kandi, ndafise agateka ko gusukura ndi umusuku w’igihe cose, ngafasha abandi kugira amahoro y’Imana.

[Ifoto ku rup. 9]

Kwiga Bibiliya vyarafashije Salvador kugira amahoro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika