ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 8-9
  • Ica 5—Nutume wewe n’umuryango wawe mugira ishaka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ica 5—Nutume wewe n’umuryango wawe mugira ishaka
  • Be maso!—2011
  • Ivyo bijanye
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
    Ibindi biganiro
  • Amagara meza
    Be maso!—2019
  • 1 | Nukingire amagara yawe
    Be maso!—2022
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 8-9

Ica 5​—Nutume wewe n’umuryango wawe mugira ishaka

“Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi.” (Imigani 13:16) Kwironsa amakuru y’ishimikiro yerekeye amagara birashobora gutuma umenya ibikenewe kandi bigatuma ugira ishaka ryo guhindura ibikenewe kugira ngo wewe ubwawe n’umuryango wawe murushirize kugira amagara meza.

Nugume wiga. Mu bihugu vyinshi usanga inzego za Leta be n’inzego zitari iza Leta zitanga inyigisho be n’ibitabu birimwo ibiganiro vyinshi bitandukanye vyerekeye amagara. Nuvyungukireko maze wironse amakuru ajanye n’uburyo bw’ishimikiro wokoresha kugira ngo urushirize kugira amagara meza wongere wirinde kuyashira mu kaga. Nugume urondera kumenya utuntu n’utundi kandi ugire umutima ukunze wo kugira ivyo uhinduye.

Ibintu vyiza wiga maze ukaza urabishira mu ngiro vyoshobora kugirira akamaro cane abana bawe, abuzukuru be n’abuzukuruza. Igihe abavyeyi batanze akarorero keza mu bijanye no gufungura imfungurwa zituma bagira amagara meza, kugira isuku, kuza barasinzira neza, kwinonora imitsi be no mu bijanye n’ukwikingira indwara, ababakomokako boshobora rwose kuzohungukira.—Imigani 22:6.

Ni ibindi bintu ibihe ukeneye kugira? Kugira ngo umuntu abeho afise amagara meza kandi ayagumane, birasaba n’ibindi uretse kwitwararika ivyiwe. Umuntu arashobora gutinya yuko atoshobora guheba rwose ingeso mbi aba amaranye igihe kirekire, kandi kugira ngo agire ivyo ahinduye naho vyoba ibisanzwe akenshi bisaba ko agira ishaka. Mbere n’igihe bamwebamwe boba bahakwa kurwara indwara ikomeye canke gupfa, hari aho ivyo bitotuma bareka gukora ibintu bo babona ko ari vyiza. Ni igiki none cotuma babireka? Cokimwe natwe twese, barakeneye kwama bibuka intumbero iruta izindi mu buzima.

Abubakanye barakeneye kuguma bafise amagara meza kandi bakomeye kugira ngo babandanye gufashanya. Abavyeyi baripfuza kubandanya gushigikira no kumenyereza abana babo. Abana bageze mu bigero barakeneye kwitwararika incuti zabo zitereye mu myaka. Uretse ivyo, usanga dufise icipfuzo ciza co kugirira akamaro ikibano aho kukibera umuzigo. Ivyo vyose bisaba ko dukunda abandi tukongera tukabitwararika.

Ikintu mbere gikomeye gikwiye gutuma tugira ivyo duhinduye, ni agatima tuba dufise ko gukengurukira Umuremyi wacu no kumwihebera. Abantu bemera Imana baripfuza kuzigama ingabirano y’agaciro y’ubuzima yabahaye. (Zaburi 36:9) Mu gihe dufise amagara meza, turashobora gukorera Imana tubigiranye umwete mwinshi. Nta yindi mvo yumvikana kuruta iyo yotuma umuntu yitwararika amagara yiwe.

Niwungukire ku kubaho ufise amagara meza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika