Ikintu ciza kuruta ukuba rurangiranwa
NK’UKO VYAVUZWE NA CHARLES SINUTKO
Mu 1957, narasabwe gusinya amasezerano y’akazi k’indwi 13 kajanye n’ivyo kuririmba mu gisagara ca Las Vegas i Nevada muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nkaba nari kuza ndaronka amadorari igihumbi (amafaranga y’amarundi arenga 1.000.000) mu ndwi, nkaba noshoboye kwongerwa izindi ndwi 50 ndamutse ndabigize neza. Ni ukuvuga ko hokwiyongereyeko amadolari ibihumbi 50.000 (amafaranga y’amarundi arenga 50.000.000), ico gihe akaba yari amahera menshi cane. Nimunkundire ndabasigurire ukuntu vyagenze kugira ngo nsabwe gukora ico gikorwa kizana amahera menshi, be n’icatumye gufata ingingo yo kucemera canke kutacemera biba ibigoye.
DAWE, uwari umunya Ukraine, yavukiye mu Buraya bwo mu Buseruko mu 1910. Mu 1913 nyina wiwe yamujanye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yasubiye gusanga umunega wiwe. Dawe yubatse urwiwe mu 1935, nca mvuka haciye umwaka umwe, mvukira mu gisagara ca Ambridge i Pennsylvania. Muri ico gihe, babiri muri bakuru ba dawe baracitse Ivyabona vya Yehova.
Igihe jewe na benewacu batatu twari tukiri bato, umuryango wacu na wo ukaba waba hafi y’igisagara ca New Castle i Pennsylvania, mawe yariganye gatoyi Bibiliya n’Ivyabona. Muri ico gihe, nta n’umwe mu bavyeyi banje yabaye Icabona, mugabo Dawe yaremera yuko benewabo bari bafise uburenganzira bwo kwemera Imana nk’uko bavyipfuza. Naho dawe yari yaratureze ngo tuzobe abantu bakunda igihugu, yama nantaryo avuga ko abandi bafise uburenganzira bwo gusenga uko bashaka.
Umwuga w’ivy’ukuririmba
Abavyeyi banje babona ko ndi umuntu asanzwe afise ingabirano mu vy’ukuririmba, ari co gituma bagize uko bashoboye kwose kugira ngo banteze imbere muri ivyo. Igihe nari mfise imyaka itandatu canke indwi, dawe yarampagarika ku meza batangirako inzoga mu nzu igirirwamwo ibiteramo vyo mw’ijoro, kugira ngo ndirimbe nongere ncurarange n’igitari canje. Naririmba ururirimbo rwitwa “Mawe”. Amajambo y’urwo ruririmbo yashira ahabona amajambo yaza aratangurwa n’indome zigize ijambo “mawe”. Ijambo rimwerimwe ryose ryarashimikwako mu gihe ryaba rikoreshejwe mu kudondora kamere ya inabibondo munyarukundo. Nya ruririmbo rwarangizwa n’aya majambo yaririmbanwa ijwi rigenda ryongerekana: “Zose zishizwe hamwe zivyara ijambo M-A-W-E, rikaba ari ijambo risobanura vyose kuri jewe”. Abagabo baba bakikije nya meza, akenshi inzoga zikaba zaba zibagera i mutwe, baca biha akamo maze bagashira amahera mu nkofero ya dawe.
Ikiganiro canje ca mbere co ku nsamirizi nakigiriye i New Castle mu 1945 ku nsamirizi yitwa WKST, nkaba naririmvye umuziki bita country music. Mu nyuma, nahavuye nshiramwo n’ivyo kuririmba indirimbo zikundwa na benshi zo kuri Hit Parade, ico kikaba cari ikiganiro cacishwa ku nsamirizi nyinshi cashikiriza indirimbo cumi zaba zakunzwe cane mu ndwi. Nabonetse kuri televiziyo ari bwo bwa mbere mu 1950 mu kiganiro c’uwitwa Paul Whiteman. Umuziki yasubiyemwo witwa “Rhapsody in Blue” wa George Gershwin uracari rurangiranwa. Bidatevye, dawe yaragurishije inzu yacu yari i Pennsylvania, maze twimukira mu karere ka Los Angeles i Kaliforoniya, yizigiye guteza imbere umwuga wanje.
Kubera ko dawe yabandanije gukora uko ashoboye, bidatevye naremerewe kuza ndacisha ikiganiro canje bwite ku nsamirizi uko indwi itashe mu gisagara ca Pasadena, ndaronka n’akaryo ko gucisha indirimbo kuri televiziyo mu kiringo c’inusu y’isaha ku ndwi ku ndwi mu ntara ya Hollywood. Narafatishije imiziki ku makaseti kw’Ishirahamwe rijejwe ivyo gufata imiziki (Capitol Records) ndi kumwe n’umugwi w’abacuraranzi ijana w’uwitwa Ted Dale, nongera kandi mba umuririmvyi ku nsamirizi yitwa CBS. Mu 1955, naragiye kugirira ibiteramo vy’umuziki mu gisagara ca Lake Tahoe, mu Buraruko bwa Kaliforoniya. Ndi muri ico gisagara, ivyo nashira imbere y’ibindi mu buzima vyarahindutse bimwe bikomeye.
Ntangura gushira imbere ibindi bintu
Muri ico gihe, mukuru wa dawe ari we John, na we nyene akaba yari yarimukiye i Kaliforoniya avuye i Pennsylvania, yarampaye igitabu kivuga ngo “Que Dieu soit reconnu pour vrai!”ab. Naciye ndagitwara i Lake Tahoe. Inyuma y’igiteramo ca nyuma twagize, icarangiye mu gicugu, naciye ntangura kugisoma kugira ngo niruhure imbere y’uko nja mu busaswa. Nararyohewe cane no kubona muri Bibiliya inyishu ku bibazo nari maze igihe kirekire nibaza.
Bidatevye, akazi kamaze kurangira naca nza ndicara aho twagirira ibiteramo, nkaza ndaganira na bagenzi banje, akenshi nkaba nabigira inyuma yo mu gicugu. Twayaga ku biganiro bimwebimwe, nk’akarorero ubuzima inyuma y’urupfu, igituma Imana ireka ububisha, be no ku bijanye no kumenya nimba umuntu amaherezo azokwihonya akongera agahonya isi. Haciye amezi makeyi, kw’igenekerezo rya 9 Mukakaro 1955, kw’ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Wrigley Field i Los Angeles, narabatijwe bwa kimenyetso c’uko niyeguye ngo nkorere Yehova Imana.
Haciye amezi atanashika atandatu, mu gitondo ca Noweli yo mu 1955, naratumiwe n’Icabona mugenzanje yitwa Henry Russell ngo tujane kugendera Jack McCoy yakora akazi ko kuremesha ibiteramo vyo kunezereza abantu. Henry ubwiwe yari umuyobozi mu vy’imiziki w’insamirizi yitwa NBC. Dushitseyo, Jack yaricaritse abana biwe batatu n’umukenyezi wiwe hanyuma baratwumviriza, naho nyene ari ho bari bagiheza kwugurura ingabirano za Noweli. We hamwe n’umuryango wiwe ntibatevye gucika Ivyabona.
Muri ico gihe, nariganye Bibiliya na mawe, kandi yaremeye koko ukuri kwa Bibiliya. Amaherezo yarabaye Icabona ca Yehova, araba n’umutsimvyi, ni ukuvuga umwamamaji w’inkuru nziza w’igihe cose. Haciye igihe, benewacu batatu na bo nyene barabatijwe hanyuma bamara igihe gito bari mu busuku bw’ubutsimvyi. Muri Nyakanga 1956, ico gihe nkaba nari mfise imyaka 20 y’amavuka, narabaye umutsimvyi.
Ingingo zijanye n’akazi
Muri ico gihe uwitwa George Murphy, akaba yari umugenzi wa databuja, yaritwararitse ivyo kunteza imbere. George yari mu mafilime menshi yari yarasohotse mu myaka ya 1930 no mu ya 1940. Muri Kigarama 1956, bivuye ku vyo Murphy yagiye aragira ku bwanje, narabonetse mu gikino ca Jackie Gleason cerekanywe i New York City kuri televiziyo yitwa CBS. Ico cari ikintu gihambaye giha ingoga nshasha umwuga wanje, kubera ko ivyo bintu vyerekanywe vyarabwe n’abantu bashika ku 20.000.000 tugereranije. Igihe nari i New York, naragendeye ari bwo bwa mbere icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn.
Maze kuboneka muri nya gikino co kuri televiziyo ca Gleason, naciye ngiranira amasezerano y’akazi kajanye n’ivy’amasenema y’imyaka indwi n’ishirahamwe ry’ivy’amasenema ryitwa MGM. Nama ngira uruhara mu masenema yo kuri televiziyo yerekana ubuzima bw’abantu bo mu Burengero bwa Amerika. Ariko rero, haciye igihe gito ijwi ryanje ryo mu mutima ryaciye ritangura kumbuza amahoro, kubera ko nategerezwa gukina uruhara rw’umukinyi w’akamari be n’urw’umuntu karuhariwe mu kurasisha inkoho, ivyo bikaba vyaba birimwo ivy’ubushegabo be n’izindi nyifato ziteye kubiri n’ubukirisu. Kubera ico, naciye nkuramwo akarenge. Abari bajejwe kuremesha ivyo kwidagadura biyumviriye yuko nari nasaze.
Ivyo bidushikanye kuri ka kazi gatanga amahera menshi bansaba gukora i Las Vegas, kamwe navuga mu ntango z’iki kiganiro. Nari gutangura akazi mu ndwi twobaye twagendewe n’umucungezi w’ingenzi. Ndamutse ntemeye ako kazi ico gihe, nari kuburiramwo vyose. Narabuze ico mfata n’ico ndeka, kubera ko dawe kuva kera yari yiteganye igishika yuko nzoronka amahera menshi! Niyumvamwo ko yari akwiriye kuronka inshumbusho ku bw’ibintu vyose yari yarakoze kugira ngo ateze imbere umwuga wanje.
Naciye rero negera umucungezi muhagarikizi wacu ari we Carl Park, na we ubwiwe akaba yari umucuraranzi, akaba kandi yari yarabaye umucuraranzi w’indonongo y’ikizungu ku nsamirizi y’i New York yitwa WBBR mu myaka ya 1920. Namusiguriye yuko ndamutse nemeye gushira umukono kuri nya masezerano y’akazi, noshoboye gukora ubutsimvyi ubuzima bwanje bwose ata ngorane ngize mu vy’amahera. Yambwiye ati: “Sinshobora kukubwira ico ukwiye gukora, mugabo ndashobora kugufasha kubona ico uri bukore”. Yaciye ambaza ati: “Nka hamwe intumwa Paulo yoba yagendeye ishengero ryacu muri iyi ndwi, wogenda?”. Yongeyeko ati: “Wiyumvira ko Yezu yokwipfuza ko ukora iki?”.
Naciye mbona ko ivyo bitomoye cane. Igihe nabwira dawe yuko nafashe ingingo yo kutemera ako kazi k’i Las Vegas, yavuze ko nariko ndamwononera ubuzima. Muri iryo joro yarandindiriye afise agakoho kiwe gatoya. Yari yagabiye kunkuraho mugabo itiro riramutwara, bikaboneka yuko vyatumwe n’uko yari yanyoye inzoga nyinshi. Yaciye agerageza kwiyahurira mu nzu yabikwamwo umuduga akoresheje umwotsi uva mu muduga. Naratabaje umugwi ujejwe gutabara, maze barashobora kumuhembura.
Kubera ko benshi mw’ishengero ryacu bari bazi ko dawe ari umuntu ashavura ningoga, baramutinya, mugabo umucungezi wacu w’umuzunguruko ari we Roy Dowell wewe ntiyamutinya. Igihe Roy yaja kumuraba, sinzi ukuntu vyagenze dawe amubwira ko igihe navuka, vyashoboka cane ko ntobayeho. Dawe yari yasezeraniye Imana yuko hamwe norusimba, yontanze ngo nkore umurimo wayo. Roy yaramubajije nimba yari bwigere yiyumvira ko Imana itoba yiteze ko ashitsa ivyo yasezeranye. Ivyo vyaratangaje dawe. Roy yaciye amubaza ati: “Nimba umurimo w’igihe cose cari ikintu canezereza cane Umwana w’Imana, wumva none utoba ikintu kinezereza cane umwana wawe?”. Amaze kuvuga ivyo, dawe yaciye asa n’uwemeye ihitamwo nari nagize.
Muri ico gihe, muri Nzero 1957, uwitwa Shirley Large yaravuye muri Kanada ari kumwe n’uwo bafatanya igikorwa c’ubutsimvyi baza kugendera abagenzi bamwebamwe. Namenyanye na Shirley igihe najana na we mu musuku bwo mu ndimiro turi kumwe n’uwo bakorana. Inyuma gato y’aho, Shirley yaramperekeje ku kibanza bidagaduriramwo (citwa Hollywood Bowl), aho nafatanije kuririmba n’uwitwa Pearl Bailey.
Nkurikiza ingingo nari nafashe
Muri Nyakanga 1957, nararonse ikete ringena gukorera muri Leta ya Iowa ndi umutsimvyi adasanzwe. Igihe nabwira dawe yuko nafashe ingingo yo kwemera iryo banga, yaciye atangura kurira asevagura. Ntiyashobora gutahura ukuntu nari nsigaye mbona ibintu ku bijanye n’icari gifise agaciro vy’ukuri. Naragiye i Hollywood n’umuduga maze ndahagarika amasezerano yose nari narashizeko umukono. Wa muyobozi rurangiranwa w’umugwi w’abacuraranzi n’umugwi w’abaririmvyi ari we Fred Waring yari mu bo twari twaragiraniye amasezerano y’akazi. Yambwiye ko ntosubiye gukora bwa muririmvyi hamwe ntoshitsa ivyo nemeye. Naciye rero ndamusigurira yuko ngira mpebe umwuga wanje wo kuririmba kugira ngo nagure ubusuku ndangura mu murimo wa Yehova Imana.
Umushingantahe Waring yaranteze ugutwi abigiranye icubahiro igihe nariko ndavuga ido n’ido, maze arantangaza mu kunyishura abigiranye ubwitonzi ati: “Kibondo, ndababajwe n’uko uhevye umwuga mwiza nk’uyu, mugabo imyaka yose mbayeho nayimaze mu vy’umuziki kandi naramenye yuko hariho ibindi bintu mu buzima bihambaye kuruta umuziki. Imana ihezagire ivyo ukora”. Ndacibuka ukuntu natashe amaso yuzuye amosozi y’umunezero, ntahura ko noneho nari mfise umwidegemvyo wo kumara ubuzima bwanje mu murimo wa Yehova.
“Ukwizera kwawe kuri hehe?”
Natanguye gukorera mu gisagara ca Strawberry Point muri Leta ya Iowa, kikaba carimwo abantu bababa 1.200, nkaba nakorana n’uwitwa Joe Triff. Shirley yaraje gutembera maze turaganira ku bijanye n’ukwubakana. Nta mahera nari naraziganije, eka na we nyene kwari ukwo. Amahera nari nararonse yose yagabwa na dawe. Naciye rero ndamusigurira nti: “Nipfuza yuko twokwubakana, mugabo twobaho gute? Nta yandi mahera mfise atari insubizanyo ihabwa abatsimvyi badasanzwe y’amadolari 40 ku kwezi (amafaranga y’amarundi arenga gato 40.000)”. Yaciye avuga atekanye kandi adacisha ku ruhande, nk’uko yari asanzwe yimereye, ati: “Ariko ga Charles, ukwizera kwawe kuri hehe? Yezu yavuze ko nitwabanza kurondera Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, izotwongera ivyo dukeneye vyose” (Matayo 6:33). Ingingo yari ihejeje gufatwa. Twubakanye kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo 1957.
Nariganye Bibiliya n’umurimyi umwe yaba inyuma y’igisagara ca Strawberry Point yari afise akazu k’ibiti k’imetero nka zine kuri zine kari mw’ishamba ryo mw’itongo ryiwe. Ntikari gafise umuyagankuba canke amazi n’ubwogero. Mugabo tubishatse, twari gushobora kuhaba ku buntu. Nya kazu kari kabayabaye, mugabo twahavuye tubona yuko umusi wose twaba twibereye mu busuku, tukaba rero twari dukeneye gusa aho dukika umusaya.
Navoma amazi kw’iriba ryari hafi yo ngaho. Nya kazu twagasusurutsa dukoresheje icuma gitanga ubushuhe kijamwo inkwi kandi tugasomera kw’itara rya peteroli; Shirley yateka ku mashiga y’ikizungu akoreshwa na peteroli. Mu kwiyuhagira twakoresha ikibesani gishaje. Twarumva amabingira aroha mw’ijoro mugabo tukiyumvamwo yuko duhiriwe kuba amfise nanje ndamufise be no kuba dufatanije gusukurira Yehova aho abasuku bakirisu bakenewe kuruta ahandi. Uwitwa Bill Malenfant be n’umukenyezi wiwe Sandra, ubu bakaba bakorera ku cicaro gikuru i Brooklyn, bari abatsimvyi badasanzwe i Decorah muri Leta ya Iowa, nko ku bilometero 100 uvuye ngaho. Baza baracishamwo bakaza kuturaba maze tukamarana umusi mu murimo wo mu ndimiro. Mu nyuma, i Strawberry Point hahavuye haba ishengero ritoya ry’abantu nka 25.
Twinjira mu gikorwa c’ubugenduzi
Muri Rusama 1960, twarasabwe gukora igikorwa c’umuzunguruko, ni ukuvuga ubusuku bw’ingenzi ari co gikorwa c’ubugenduzi. Umuzunguruko wa mbere twakoreyemwo wari muri Karolina ya Ruguru, ukaba wari ugizwe n’ibisagara vya Raleigh, Greensboro, na Durham, be n’udusagara twinshi two hagati mu gihugu. Uburyo bwacu bwo kubaho bwarisununuye kubera twaza turabana n’imiryango myinshi yari ifise umuyagankuba n’utuzu twa surwumwe two mu nzu. Ariko rero, ikintu kitatworohereza ni imburizi twahabwa n’imiryango yari ifise utuzu twa surwumwe two hanze. Baratubwira kuba maso kugira ngo inzoka z’ubumara ntizihave zidukomora mu kayira!
Mu ntango za 1963 twarimuriwe mu muzunguruko umwe muri Leta ya Florida, aho narwaye bimwe bikomeye indwara yitwa pericarditis ifatira ku gashishwa k’inyuma k’umutima, nkaba narahatswe gupfa. Kumbure nari gupfa iyo Bob Mackey n’umukenyezi wiwe Ginny b’i Tampa batahaserukac. Barantwaye ku muganga wabo eka mbere barariha amafaranga yose twasabwe gutanga.
Nkoresha ukumenyerezwa naronse kera
Mu ci ry’umwaka wa 1963, naratumiwe gukorera i New York mu bijanye n’ihwaniro rinini ry’Ivyabona vya Yehova ryari kugirirwa ngaho. Naraherekeje Milton Henschel, akaba yari umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova, ku kiganiro co ku nsamirizi caremeshejwe na Larry King. Umushingantahe King aracari umuremeshabiyago wo kuri televiziyo azwi cane. Yari umuntu yubaha cane kandi mu kiringo c’isaha nk’imwe inyuma ya nya kiganiro, yarabajije ibibazo vyinshi ku vyerekeye igikorwa cacu.
Muri iryo ci nyene Harold King, akaba yari umumisiyonari yaheruka kuva mw’ibohero mu Bushinwa bw’abakomunisita, yari umushitsi ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova. Umusi umwe ku mugoroba, yarashikirije ikiganiro abantu bababa 700, arigana bimwebimwe mu vyamushikiye yongera arasigura ingene imyaka irenga ine yamaze ari mu gasho ka wenyene yakomeje ukwizera kwiwe. Igihe yari mw’ibohero, yaratunganije indirimbo zishingiye kuri Bibiliya no ku busuku bwa gikirisu.
Kuri uwo mugoroba w’intibagirwa narafashije Audrey Knorr, Karl Klein, na Fred Franz, uno akaba yari Icabona wa kera cane yari yaramenyerejwe kuririmba ijwi rigira gatatu, ndabacurarangira igihe bariko bararirimba rwa ruririmbo ruvuga ngo “Ku muhana no ku wundi”, urwahavuye rushirwa mu gitabu c’indirimbo gikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova. Nathan Knorr, uwari ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona ico gihe, yaransavye kuririmba urwo ruririmbo kw’iteraniro ryo mu ndwi yakurikiye ryari ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera” ryabereye ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium, ivyo nkaba narabigize.
Ivyo niboneye mu gikorwa c’ubugenduzi
Igihe twakorera mu gisagara ca Chicago muri Leta ya Illinois, hari ibintu bibiri vyashitse ntazokwibagira. Ica mbere, kw’iteraniro ry’umuzunguruko, Shirley yarabonye Vera Stewart, uno akaba yari yamubwiye inkuru nziza we hamwe na nyina muri Kanada, hagati mu myaka ya 1940. Shirley, uwari afise imyaka 11 y’amavuka ico gihe, yaranezerejwe cane no kwumva muri Bibiliya ivyerekeye imihango Imana yatanze. Yaciye abaza Vera ati: “Wiyumvira ko noshobora kuba muri iyo si nshasha?”. Vera yishuye ati: “Simbona icokubuza kuyibamwo, Shirley”. Nta n’umwe muri bo yibagiye ayo majambo. Kuva ico gihe Shirley yabonana ari bwo bwa mbere na Vera, yaciye amenya ko gukorera Yehova cari co kintu yipfuza kugira.
Ica kabiri, hari Icabona yambajije nimba noba nibuka yuko nasanze umufuko w’ibiraya w’ibilo nka 22 ku rubaraza rwacu mu rushana rwo mu mwaka wa 1958. Mu vy’ukuri, uwo mufuko narawuhasanze. Twawubonye aho dushikiye i muhira bitugoye cane bitewe n’urubura rwinshi rwariko ruragwa cane ku mugoroba! Naho tutari tuzi aho wavuye, nta wundi twawitiriye atari Yehova. Twamaze imisi itanu tutava mu nzu bitewe n’urubura rwaguye muri iyo misi, mugabo twarahimbawe no kurya udutsima dukozwe mu biraya, ibiraya vyokeje, amafiriti y’ibiraya, ibiraya bicucumye, be n’isupu y’ibiraya! Nta zindi mfungurwa twari dufise. Ico Cabona ntiyari atuzi canke ngo amenye aho tuba, mugabo yari yarumvise ko hari abatsimvyi baba muri iyo micungararo bari bamerewe nabi. Yavuze ko hari ikintu camuvyuriye umutima wo gutangura kubaririkiza aho uwo mugore n’umugabo bari bamaze igihe gito bubakanye baba. Abarimyi usanga bazi ibintu vyose ku vyerekeye ababanyi babo, ari co gituma abantu batatevye kumuyobora kuri nya kazu twabamwo, maze atuzanira nya biraya mu rubura rwinshi.
Ndakenguruka ku bw’amahitamwo nagize
Mu 1993, inyuma y’imyaka 33 nari maze mu gikorwa c’ubugenduzi, amagara yanje yari yabaye nabi gushika n’aho biba ngombwa ko mpeba ako gateka k’umurimo. Twe na Shirley twaciye tuba abatsimvyi badasanzwe bafise amagara make, tukaba tukiri bo na bugingo n’ubu. Naho bimbabaza kubona ntagifise inguvu zo kurangura igikorwa c’ubugenduzi, ndahimbawe kubona narakoresheje inguvu zanje mu gikorwa c’igihe cose.
Bakuru banje batatu bo bagize ayandi mahitamwo. Umwumwe wese yahavuye afata ingingo yo gukurikirana amaronko, ari co gituma ata n’umwe muri bo akorera Yehova muri iki gihe. Mu 1958, dawe yarabatijwe. We na mawe barafashije abantu batari bake kumenya Yehova, kumwegurira ubuzima bwabo, no kubatizwa. Bompi bapfuye mu 1999. Gutyo, ingingo nafashe yo guheba ivyo kuba rurangiranwa mw’isi be n’ubutunzi bwo mw’isi, yatumye dawe hamwe n’abantu benshi we na mawe babwiye ukuri kwa Bibiliya bagira icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera. Ndakunda kwibaza nti: ‘Ubwo koko nari kubandanya gukorera Yehova iyo ntahitamwo ivyo nahisemwo?’.
Haciye nk’imyaka itanu mpagaritse igikorwa c’umuzuguruko, amagara yanje yararushirije kuba meza, nkaba rero narashoboye kwagura ubusuku bwanje. Ubu ndi umucungezi muhagarikizi mw’ishengero ry’i Desert Hot Springs muri Kaliforoniya. Naratewe kandi agateka ko kuza ndasubirira umucungezi mu gikorwa c’umuzunguruko, nkagira uruhara mu makomite adasanzwe, kandi rimwe na rimwe nkigisha rya Shure ry’umurimo w’abatsimvyi.
Gushika uyu musi, Shirley aracari umugenzi wanje pfampfe. Numva ata wundi yomara irungu. Twama tugiranira ibiyago vyo mu vy’impwemu biryoshe, twempi tugahimbarwa n’ukuri kwa Bibiliya tuganirira hamwe. Ndacibukana ugukenguruka ca kibazo yambajije atekanye ubu hakaba haciye imyaka 47, ati: “Ariko ga Charles, ukwizera kwawe kuri hehe?”. Nka hamwe abakirisu bimirije kwubakana boza barabazanya gusa ico kibazo, niyumvira yuko muri bo abogira umunezero be n’imihezagiro twagize mu busuku bw’igihe cose boba benshi.
[Utujambo tw’epfo]
a John Sinutko yagumye ari Icabona ca Yehova w’intahemuka gushika ku rupfu rwiwe rwashitse mu 1996 afise imyaka 92 y’amavuka.
b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova mugabo ubu ntikigicapurwa.
c Inomero ya Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Ruheshi 1975, urupapuro rwa 12-16, irimwo inkuru y’ukuntu Bob Mackey yahanganye n’ubumuga, akaba ari we nyene yiganye ukuntu vyagenze.
[Ifoto ku rup. 14]
Uyu ni John mwene wabo na dawe mu 1935, umwaka yabatirijwemwo
[Ifoto ku rup. 15]
Aka ni ka kazu k’ibiti twabamwo
[Ifoto ku rup. 16]
Ifoto yo mu 1975 y’abavyeyi banje bagumye ari intahemuka gushika ku gupfa
[Ifoto ku rup. 16]
Twe na na Shirley muri iki gihe