Twisunze Bibiliya
Igihe abo mu muryango wawe bafise ukwemera gutandukanye n’ukwawe
TWISUNZE ibitigiri bimwe vyatanzwe mu buryo bwo kugereranya, mw’isi hariho amadini be n’utudumbi tw’amadini birenga 10.000. Mu gihugu kimwe ibice nka 16 kw’ijana vy’abanyagihugu bageze mu bigero usanga barigeze guhindura idini. Ntibitangaje rero kubona hagati y’incuti n’abagenzi habaho ukutumvikana ku vyerekeye ivyo bemera mu vy’idini. Rimwe na rimwe ivyo biratuma ubucuti buhungabana. Ikibazo gica kivyuka rero ni iki: Abakirisu bakwiye gufata gute abo mu muryango wabo bafise ukwemera gutandukanye n’ukwabo?
Ubucuti budasanzwe
Nk’akarorero, rimbura ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ubucuti budasanzwe buri hagati y’abavyeyi n’abana babo. Itegeko ryo muri Kuvayo 20:12 ryo ‘kwubaha so na nyoko’, nta gihe na kimwe ridakora. Kukaba nkako, mu kiganiro Yezu yagize ku bijanye n’iryo tegeko kiboneka muri Matayo 15:4-6, biribonekeza yuko yariko aravuga icubahiro abana bageze mu bigero bohaye abavyeyi babo.
Igitabu ca Bibiliya c’Imigani kiragabisha ku bijanye no gukengera abavyeyi. Mu Migani 23:22 haguhanura yuko udakwiye “[gukengera] nyoko ashitse mu butāmakazi”. Mu buryo budakikiriza, mu Migani 19:26 hagabisha yuko “ūnyaga se [kandi] akirukana nyina [aba ari] umwana w’agatētereza kandi w’agatukisha”.
Twisunze Ivyanditswe, biratomoye yuko tudakwiye gufata minenegwe abavyeyi bacu. Ukuba abavyeyi bacu batemera idini turimwo ntibikuraho ubucuti dufitaniye na bo. Izo ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirakora no ku bo dusangiye amaraso be no ku wo twubakanye. Mu buryo butomoye, twisunze ibibereye be n’ico Ivyanditswe bivuga abakirisu bategerezwa kuguma bakunda incuti zabo.
Kugira ibitegereka birahambaye
Ariko ntiwumve, Bibiliya iragabisha ku bijanye no kwifatanya n’ababi, kandi abo babi bashobora kuva mu ncuti zishika (1 Ab’i Korinto 15:33). Abasavyi b’Imana benshi b’abizerwa bo mu bihe vya kera barashigikiye ibigororotse naho nyene abavyeyi babo batabishigikira. Biboneka yuko ivyo ari ko vyari bimeze ku bana ba Kora (Guharūra 16:32, 33; 26:10, 11). Abakirisu nyakuri ntibakwiye kudohoka ku kwizera kwabo kugira ngo bahimbare abandi, eka mbere naho boba ari incuti zabo.—Ivyakozwe 5:29.
Mu bihe bimwebimwe abavyeyi canke abandi bo mu muryango bararwanya bivuye inyuma ivyo umukirisu yemera. Bamwebamwe boshobora mbere no gucika abansi b’ubukirisu nyakuri. Muri mwene ivyo bihe abakirisu barafata ingingo zitegereka kugira ngo bakingire ukwizera kwabo. Yezu yavuze bikwiriye ati: “Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe. Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ūkunze umuhungu wiwe cank’umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye”.—Matayo 10:36, 37.
Ariko rero, mu bihe vyinshi abakirisu ntibahura n’ukurwanywa gukomeye kuvuye ku bo mu muryango wabo. Incuti zabo usanga gusa zitahura inyigisho za Bibiliya mu buryo butandukanye n’uko umukirisu azitahura. Ivyanditswe Vyeranda biraremesha abayoboke ba Kirisitu gufatana “ubugwaneza” n’ “icubahiro” abatizera (2 Timoteyo 2:25; 1 Petro 3:16, UB). Bibiliya ihanura bikwiriye iti: “Umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose” (2 Timoteyo 2:24). Intumwa Paulo yahanuye kandi abakirisu “kutagira uwo bambika ibara, no kutitoraguza, no kwengenga, berekana ubugwaneza bgose ku bantu bose”.—Tito 3:2.
Nugume ugiranira imigenderanire na bo kandi ubagaragarize urukundo
Muri 1 Petero 2:12, abakirisu bahabwa iyi ndemesho: “Mugire ingeso nziza mu mahanga [mu batizera], kugira ngo . . . ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye”. Kenshi, abo mu muryango wacu tudasangiye ukwizera barabona ivyo Bibiliya yahinduye mu buzima bwacu. Niwibuke yuko abantu benshi bahoze batanegwa ukuri kwa Bibiliya canke mbere bahoze bakurwanya bahinduye ivyiyumviro vyabo. Ku bantu bamwebamwe, bishobora kuba vyarafashe imyaka myinshi yo kwihweza bitonze inyigenzo nziza y’uwo bubakanye canke y’umwana kugira ngo basuzume icatumye bagira iyo nyigenzo. Igihe abantu banse kwemera ukuri kwa Bibiliya, ntibikwiye kuba bitumwe n’uko bafashwe nabi n’umukirisu wo mu muryango wabo.
Ikitoharirwa coco, ukuntu ivy’abantu vyifashe usanga gutandukanye, kandi Ivyabona bakirisu bamwebamwe usanga baba kure y’abavyeyi babo. Hari aho bitoshoboka ko umuntu abagendera nk’uko avyipfuza. Mugabo kwandikira amakete abo mu muryango wacu, kubaterefona canke kuguma duhanahana amakuru mu bundi buryo bizobakura amazinda yuko tubakunda. Abantu benshi batari abakirisu b’ukuri barakunda abavyeyi babo be n’izindi ncuti zabo kandi bama bahanahana amakuru na bo bataravye amadini barimwo. Wumva none Ivyabona bakirisu ari bo bakwiye gukora ibiri munsi y’ivyo?
[Ifoto ku rup. 18]
Kuguma ugiranira imigenderanire n’abo mu muryango wawe bizobakura amazinda yuko ubakunda