ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/1/04 rup. 21-23
  • Noshobora gute kutaba nkimenyekanira ku bavyeyi banje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noshobora gute kutaba nkimenyekanira ku bavyeyi banje?
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kumenyekanira ku bavyeyi
  • Ubugarariji si ihitamwo ryiza
  • Ingendo nziza kuruta
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Rwaruka, ivyo mukora biragira ico bikoze ku mutima w’abavyeyi banyu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Kuguma Museruriranira Akari ku Mutima Bitagoranye
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/1/04 rup. 21-23

Urwaruka ruribaza . . .

Noshobora gute kutaba nkimenyekanira ku bavyeyi banje?

“Dawe ni umukurambere azwi cane mw’ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova. Ndamwubaha, mugabo rimwe na rimwe narababazwa no kubona ahantu hose nja, bazi ko ndi umuhungu wa Bill”.—Larrya.

“Kubera ko dawe ari umukurambere amenyekana cane, nabona ko umuntu wese yiteze ko ngira ico ndushije abandi, kandi ivyo vyatuma bitanyorohera na gato kumera uko nsanzwe ndi”.—Alexander.

UKO ukura, ni ibisanzwe yuko wipfuza kugira umwidegemvyo munaka, ni ukuvuga kuba ushoboye kwishiriraho izina ryawe bwite. Igihe wavuka, abavyeyi bawe baraguhitiyemwo izina ribahimbaye. Ubu na ho uriko uraba umuyabaga, ushaka akaryo ko kwihitiramwo “izina” ryawe bwite, ni ukuvuga ukuntu womenyekana.

Wa Mwami Salomo yanditse ati: “Kuvugwa neza kuruta kugira ubutunzi bginshi, kandi kuba rurangwa kuruta kugira ifeza n’izahabu” (Imigani 22:1). Naho ukiri muto, kumbure ushaka kwishiriraho akaranga kawe bwite.

Kumenyekanira ku bavyeyi

Nka kumwe kwa Larry na Alexander, abakiri bato bamwebamwe bumva yuko umenga bamenyekanira kw’izina ry’abavyeyi babo canke ku vyo abavyeyi babo baranguye. Kumbure abavyeyi babo ni abantu bamenyekana mu kibano kubera akazi bakora canke amashure bize. Canke bishobora guterwa n’uko ari abantu bazwi cane mw’ishengero rya gikirisu. Nimba abavyeyi bawe bamenyekanira kuri kimwe muri ivyo, ushobora rimwe na rimwe kwumva yuko uguma uhanzwe ijisho kandi yuko akantu kose ukora kaguma gasuzumwa. Hari aho woterwa ubuyega n’ukwumva uri mu mukazo wo kwigenza mu buryo bunaka kubera gusa ico abavyeyi bawe bari.

Nk’akarorero, se wa Ivan ni umukurambere mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere kabo. Ivan avuga ati: “Kubera yuko dawe yari azwi cane kandi akaba yari umuntu yubahwa, nama numva ko ntegerezwa kuba akarorero kw’ishure no muhira. Nabona yuko abandi bavyeyi bantangako akarorero ku bijanye n’ukuntu bitega ko abana babo bifata. Naho ukwo kwari ukunsiga amavuta, vyatuma numva mpatiwe rwose kubera akarorero abandi. Ivyo vyatuma rimwe na rimwe ntifata ruto kandi bikananira kwemera utunenge mfise”. Alexander avuga ati: “Numva yuko baguma banyitegereza igihe cose kandi yuko ndamutse nkoze agakosa, boca bantunga urutoke”.

Larry, umwe yavugwa mu ntango, yaririnze gukwega amaso y’abantu mu guhisha izina ry’umuryango wabo. Avuga ati: “Mpuye n’abantu bashasha ku mitororokano yo kwidagadura, naca mvuga nti: ‘Bite, jewe nitwa Larry’, ngaca nigereza aho, sinirirwe ndavuga izina twese mu muryango twitwa. Igihe bishoboka, natera mbere umukono nkoresheje iritazirano ryanje gusa. Naratinya ko abantu bohava batamfata cokimwe n’abandi hamwe boramuka bamenye dawe uwo ari we. Nashaka ko abo mu runganwe rwanje bamfata cokimwe n’abandi”.

Erega ni ko, birumvikana yuko abandi bokwitegako vyinshi nimba so wawe ari umukurambere mukirisu canke umukozi w’ishengero. Nakare, abagabo bagenywe mu mabanga nk’ayo bakwiye kuba ‘baganza neza abana babo n’abo mu rugo rwabo’ (1 Timoteyo 3:5, 12). Ntibitangaje rero kuba abantu bitega ko uba intangakarorero! Mugabo none, ico coba cama ari ikintu kibi? Si ikintu kibi iyo urimbuye ivy’uko wa musore w’umukirisu Timoteyo, naho ashobora kuba yari akiri umuyabaga, Paulo yamuhisemwo kugira ngo bajane yongere agire uruhara mu gikorwa c’ubusuku gihambaye (1 Ab’i Tesalonike 3:1-3). Ku bw’ivyo rero, ukwiye kwihatira kuba akarorero, so wawe yaba ari umukurambere yagenywe canke atari we.

Ubugarariji si ihitamwo ryiza

Ariko rero, abakiri bato bamwebamwe baragerageza kwikurako ivyo kumenyekanira ku bavyeyi babo mu kugarariza. Ivan avuga ati: “Vyarashika aho ivy’uko ntegerezwa kuba akarorero bimbuza amahoro. Naragarariza mu kuraba urugero imishatsi yanje yogejejeko mu gukura bataragira ico bayivuzeko”.

Abusalomu, umwe mu bahungu b’Umwami Dawidi, yarakurikiye ingendo y’ubugarariji. Se wiwe yari azwi cane kubera yibanda kuri Yehova kandi agakundwa n’abantu benshi mw’ihanga rya Isirayeli. Abusalomu yari yitezweko vyinshi kubera ko yari mwene Dawidi. Mugabo rero, aho gushitsa ibintu bitegereka yari yitezweko, Abusalomu yahisemwo kwigirira izina ryiwe mu kugarariza se wiwe. Kubera yuko Dawidi yari umuntu yasizwe aserukira Yehova, Abusalomu mu vy’ukuri yariko agarariza Yehova. Ivyo yakoze vyaratukishije umuryango vyongera bimukwegera akarambaraye.—2 Samweli 15:1-15; 16:20-22; 18:9-15.

Kugarariza na wewe vyoshobora kukugirira ingaruka mbi. Rimbura nk’akarorero ico Bibiliya itubwira kuri Nehemiya. Bamwebamwe mu bansi biwe baragerageje kumukwegakwegera mu nyifato y’ukutibanga Imana. Kubera iki? ‘Kugira ngo bande inkuru mbi kandi bamwambike ibara’, nk’uko Nehemiya yabivuze (Nehemiya 6:13). Kugarariza bishobora gutuma ugira izina ribi, izina ryogora abantu kwibagira.

Ikitokwirengagizwa coco ni ingaruka inyifato y’ubugarariji ishobora kugira ku bandi. N’imiburiburi, wotuma abavyeyi bawe batuntura bitari bikenewe (Imigani 10:1). Ivyo ukora vyoshobora kandi kugira ingaruka mbi ku rundi rwaruka. Ivan yiyemerera ati: “Inyifato yanje yaragize ingaruka mbi kuri mwenewacu. Harageze igihe aheba rwose ishengero rya gikirisu, yikurikiranira ibintu biteye kubiri n’ingingo mfatirwako za Bibiliya. Igishimishije ni uko yisubiyeko, ubu akaba yarasubiye gusukurira Yehova kandi akaba ahimbawe”.

Ingendo nziza kuruta

Salomo, uwavukana na Abusalomu kuri se, yafashe ingendo itameze nk’iyiwe. Yari yiteguriye kwigira kuri se Dawidi yicishije bugufi (1 Abami 2:1-4). Aho kurondera kumenyekana, Salomo yarondeye kwihesha izina ryiza ku Mana. Igihe ivyo yabigira, yarateje iteka umuryango wiwe yongera arihesha izina ryiza, ni ukuvuga iryo kuba umwe mu bami ba Isirayeli bari bahambaye kuruta abandi bose.—1 Abami 3:4-14.

Akarorero keza ka Salomo karashira ahabona ibintu bihambaye bibiri: Ica mbere, ntiwishiriraho akaranga kawe bwite mu kurondera kwiyonkora ku muryango wawe, mugabo ukishiriraho mu kwigira kuri kamere nziza z’umuryango wawe. Ikinyamakuru kimwe (Adolescence) kivuga giti: “Ubuyabaga ntibukwiye kuba na gato igihe c’uko urwaruka rwiyonkora ku bavyeyi kugira ngo rushike ku kwumva ko rwifitiye akaranga gakomeye”. Ubushobozi ufise bwo kwishiriraho akaranga kawe bwite “ntibutandukana n’ugushigikirwa n’abavyeyi, ahubwo riho ni kwo kububungabunga”, nk’uko ico kinyamakuru kibandanya kibivuga.

Igishimishije, Salomo ubwiwe yahimirije ati: “Wumvire so yakuvyaye, kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi” (Imigani 23:22). Biragaragara ko Salomo atariko yandikira abana batoyi kubera ko igihe abavyeyi baba bashitse “[mu butama no] mu butāmakazi”, umwana ashobora kuba akuze. Bishaka kuvuga iki? Naho nyene woba ukuze kandi ukaba waramaze gushinga urwawe, urashobora kuguma wungukira ku bukerebutsi bw’abavyeyi bawe. Ivan yahavuye abitahura. Avuga ati: “Uko nkura ni ko ngerageza kwigana kamere nziza z’abavyeyi banje, muri ico gihe nyene nkagerageza kwirinda amakosa yabo”.

Iciyumviro kigira kabiri tworimbura ni ic’uko ico Salomo yashira imbere kutari ukwishiriraho “akaranga” kiwe bwite, ahubwo kwari uguhimbara Yehova. Ego ni ko, hari vyinshi yari yitezweko kubera ko yari mwene Dawidi. Mugabo ukwiheka kuri Yehova kwa Salomo kwaramufashije kurangura amabanga yiwe. Alexander yahavuye abona ibintu muri ubwo buryo. Avuga ati: “Ubu ndemera ivy’uko abana b’abakurambere mu bisanzwe bitegwako vyinshi. Nafashe ingingo yo kubona ibintu muri mwene ubwo buryo, kandi vyarambereye uburinzi. Narashitse ku gutahura yuko uburyo Yehova ambona ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose. Arazi uwo ndi, uretse gusa kumenya uwo nkomokako”.

Daryn, uwo se wiwe yasohotse rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtowerb, rikaba ari ishure rimenyereza abamisiyonari, na we nyene yarize guhangana n’ivy’ukuba afise abavyeyi bazwi cane. Avuga ati: “Igihe nabatizwa, niyeguriye Yehova, siniyeguriye uwundi muntu n’umwe. Mu kubaho nisunga ukwiyegura kwanje uko nshoboye kwose, ndagira amahoro yo mu mutima ava ku kumenya yuko Yehova ampimbarirwa, naho ntashobora gukora ibintu vyose abavyeyi banje bakoze”.

Umwami Salomo yagize uwu mwihwezo: “Kandi n’umwana amenyekanira ku vyo akora, kw ingeso ziwe zizotungana zikaba nziza” (Imigani 20:11). Amaherezo, abantu bazokwibukira ku vyo uvuga no ku vyo ukora. Nube akarorero “mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye”. Nimba uri akarorero, abantu bazogukundira ico uri bongere bakikwubahire!—1 Timoteyo 4:12.

Ariko rero, ku rundi rwaruka, ingorane ni iyo kwikurako ivy’ukumenyekanira ku bo bavukana bashitse ku bintu bihambaye. Ikiganiro kizokurikira kizoca irya n’ino ukuntu ushobora guhangana n’iyo ngorane.

[Utujambo tw’epfo]

a Amazina amwamwe yarahinduwe.

b Ishure ry’i Gileyadi riyoborwa n’Ivyabona vya Yehova kandi akaba ari na bo barihagarikira.

[Iciyumviro ku rup. 22]

Kugarariza nta kindi bizokora atari ugutuntuza abavyeyi bawe no gutuma uvugwa nabi

[Ifoto ku rup. 22]

Akarorero kawe keza karashobora kwungura abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika