ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwhf ikiganiro 6
  • Igihe mutabona ibintu kumwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe mutabona ibintu kumwe
  • Icofasha umuryango
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico ukwiye kumenya
  • Ico wokora
  • Gufata ingingo mu mwumvikano
    Be maso!—2014
  • Igihe ubugenzi burenze urugero
    Be maso!—2013
  • Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?
    Icofasha umuryango
  • Igihe ivyo wari witeze mu mubano bitarangutse
    Be maso!—2014
Ibindi
Icofasha umuryango
ijwhf ikiganiro 6
Umugabo n’umugore bashavuye, bariko bararaba hanze bacishije mu madirisha y’umuduga

ICOFASHA UMURYANGO

Igihe mutabona ibintu kumwe

Igihe abubakanye badashimishwa n’ibintu bimwe, badakunda gukora ibintu bimwe canke bafise kamere zitandukanye, birashobora guteza ingorane. Ariko usanga birushiriza kuba urugamba igihe batabona ibintu kumwe mu bintu bimwebimwe nk’ibi:

  • Umwanya bomarana n’incuti

  • Ukuntu bokoresha amahera

  • Kwibaruka ibibondo canke kutibaruka

Wokora iki igihe mwe n’uwo mwubakanye mutabona ibintu kumwe?

  • Ico ukwiye kumenya

  • Ico wokora

Ico ukwiye kumenya

Kuba muhuza ntibisigura ko muca mubona ibintu kumwe. N’umugabo n’umugore bahuza mu kantu kose ntibama babona ibintu kumwe, mbere no mu bintu bihambaye cane.

“Nakuriye mu muryango ufatanye mu nda cane. Mu ma wikendi twaba turi kumwe na sokuru na nyokuru, ba marume, ba datawacu, ba senge, ba mamawacu na bavyara bacu. Umugabo wanje wewe yakuriye mu muryango utandukanye n’uwo. Rero, ntitubona ibintu kumwe mu bijanye n’umwanya twomarana n’abo mu muryango canke uwo twomara tuganira n’incuti ziba kure.”​—Tamara.

“Twe n’umugore wanje ntitubona ibintu kumwe mu bijanye n’ingene twokoresha amahera kubera ukuntu twarezwe. Mu mezi ya mbere inyuma y’ubugeni, vyarashika tugaharira kuri ico kintu. Kugira dushobore guhuza vyasaba ko tuganira akatari gake.”​—Tyler.

Umugabo n’umugore bariko bararaba ikintu kimwe ariko mu mpande zibiri zitandukanye

Abantu babiri barashobora kuraba ikintu kimwe ariko bakakibona mu buryo butandukanye. Ni ko bimeze no ku kibazo abubakanye badahurizako

Hari ingorane zidatorerwa umuti no gupfa kugira ico umuntu ahevye. Nk’akarorero, vyogenda gute hamwe incuti y’uwo mwubakanye yoba irwaye, igakenera uwuyitwararika? Canke vyogenda gute hamwe umwe muri mwebwe yoba yipfuza kwibaruka ibibondo ariko uwundi atabishaka?a

“Twe n’umugore wanje twaraganiriye akatari gake ibijanye no kwibaruka ibibondo. Aguma avyiyumvira cane, kandi uko haca igihe, tugenda turabona ibintu mu buryo butandukanye. Sinumva ko nomuhebera.”​—Alex.

Kuba mutabona ibintu kumwe ntibisigura ko umubano wanyu utazororanirwa. Hari abahinga bavuga ko igihe mudahuza n’uwo mwubakanye ku kibazo gikomeye, ukwiye gukora ibishoboka vyose kugira uronke ivyo wipfuza, naho vyosaba ko muvana. Ariko ico ciyumviro gishira imbere inyungu zawe, kikirengagiza indagano wagize imbere y’Imana yo kubana akaramata n’uwo mwubakanye naho hoba iki.

Ico wokora

Nimwiyemeze kwumira ku ndagano y’ukwabirana mwagize. Ivyo bizotuma mufatana mu nda mu gutorera umuti ibibazo mufise.

Ico Bibiliya ivuga: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”​—Matayo 19:6.

Nimuharure ico bizobasaba. Nk’akarorero, dufate ko umwe muri mwebwe yipfuza kwibaruka ibibondo ariko uwundi akaba atavyipfuza. Hariho ibintu bitari bike mwozirikanako, nk’ibi:

  • Umubano wanyu ukomeye ku rugero rungana iki?

    Mwoba mwokwongerako imyitwarariko yo kurera umwana?

  • Ibanga ry’ubuvyeyi.

    Kurera abana ntibigarukira gusa ku kubaronsa ivyo bafungura, ivyo bambara n’aho baba.

  • Uko ivy’ubutunzi vyifashe.

    Mwoba mwoshobora gufadikanya akazi, umuryango n’ayandi mabanga?

Ico Bibiliya ivuga: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka?”​—Luka 14:28.

Nimuzirikane imice yose y’iyo ngorane. Mwoshobora gusanga mutoreye umuti ibibazo bimwebimwe mudahurizako. Nk’akarorero, nimba ari ikibazo kijanye no kwibaruka ibibondo, uwutavyipfuza yoshobora kwibaza ati:

  • ‘Igihe mvuze ko ntipfuza kwibaruka ibibondo, noba mba nshatse kuvuga ko ntipfuza kuzokwigera nibaruka, canke gusa ko ntavyipfuza ubu?’

  • ‘Noba ntabishaka kubera nibaza ko ntoshobora kuba umuvyeyi mwiza?’

  • ‘Noba ntinya ko uwo twubakanye atazobandanya kunyitwararika cane?’

Ku rundi ruhande, uwipfuza kwibaruka yoshobora kwibaza ati:

  • ‘Twoba twiteguriye ibanga ry’ubuvyeyi?’

  • ‘Twoba dufise amahera ahagije yo gutunga umwana?’

Ico Bibiliya ivuga: “Ubukerebutsi buva hejuru . . . bugira ibitegereka.”​—Yakobo 3:17.

Rimbura ivyiza biri mu kuntu uwo mwubakanye abona ibintu. Abantu babiri barashobora kuraba ikintu kimwe ariko bakakibona mu buryo butandukanye. Muri ubwo buryo nyene, abubakanye boshobora kuba bariko baraganira ku kibazo kimwe, ariko bakakibona mu buryo butandukanye, nk’akarorero ku bijanye n’ingene bokoresha amahera. Mu kuganira ikibazo mutabona kumwe, nimuhere ku vyo muhurizako.

  • Ni imigambi iyihe muhurizako?

  • Ni ivyiza ibihe biri mu kuntu umwe wese abona ibintu?

  • Kugira mukomeze umubano wanyu, hoba hari umwe muri mwebwe canke mbere mwempi, yohindura ukuntu abona ibintu kugira anezereze mugenziwe?

Ico Bibiliya ivuga: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”​—1 Abakorinto 10:24.

Nayeli na Gabriel

“Twaratahuye ko atari ngombwa ngo twame duhuza mu kuntu twiyumvira canke mu kuntu dukora ibintu. Dukeneye gusa kwubaha uko umwe wese abona ibintu. Uretse uwundi akaronka ico yipfuza ntibisigura ko uca utakaza umunezero.”​—Nayeli n’umugabo wiwe Gabriel.

a Ibibazo bikomakomeye mukwiye kubiganira imbere y’ubugeni. Ariko, harashobora kwaduka ibintu mutari mwiteze canke uko umwe muri mwebwe yiyumva kukagenda kurahinduka uko haca igihe.​—Umusiguzi 9:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika