ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 147
  • Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no kubaho ibihe bidahera
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Woba ushobora kubaho ibihe bidahera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 147
Umuntu agenda arakura kuva mu bwana gushika abaye umugabo

Wokora iki kugira uzobeho ibihe bidahera?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya isezerana iti: “Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yohani 2:17) None Imana ishaka ko ukora iki?

  • Niwige ivyerekeye Imana n’Umwana wayo Yezu. Mw’isengesho Yezu yatuye, yabwiye Imana ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) None twokora iki kugira ‘tumenye’ Imana na Yezu? Twobamenya mu kwiga Bibiliya no mu kubaho twisunga ivyo ivuga.a Bibiliya iraduhishurira ivyiyumviro vy’Umuremyi wacu Yehova Imana. (Ivyakozwe 17:24, 25) Iratubwira kandi ivyerekeye Umwana wayo Yezu, we yigishije “amajambo y’ubuzima budahera.”​—Yohani 6:67-69.

  • Niwizere incungu ya Yezu. Yezu yaje kw’isi “kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Incungu ya Yezu yaratumye abantu baronka akaryo ku kubaho ibihe bidahera mw’iparadizo ng’aha kw’isi.b (Zaburi 37:29) Yezu yavuze ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Urabona ko kwemera Yezu vyonyene bidahagije. Dutegerezwa ‘kumwizera,’ ni ukuvuga kubaho twisunga ivyo yigishije hamwe n’ivyo Se wiwe agomba.​—Matayo 7:21; Yakobo 2:17.

  • Nugiranire n’Imana ubucuti bukomeye. Imana ishaka ko tuyiyegereza, tukaba abagenzi bayo. (Yakobo 2:23; 4:8) Imana yamaho. Ntizokwigera ipfa kandi ishaka ko abagenzi bayo na bo nyene babaho ibihe bidahera. Ijambo ryayo riratwereka ko yipfuza yuko abayirondera bose ‘babaho ibihe bidahera.’​—Zaburi 22:26.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no kubaho ibihe bidahera

Iciyumviro kitari co: Abahinga bazotuma dushobora kubaho ibihe bidahera.

Ukuri: Naho iterambere mu vy’ubuvuzi ritanga icizere c’uko imyaka yacu yo kubaho ishobora kwongerekana, utwo twigoro ntituzokwigera dutuma dushobora kubaho ibihe bidahera. Yehova wenyene ni we ashobora kuduha ubuzima budahera, kubera ari we “sôko ry’ubuzima.” (Zaburi 36:9) Asezerana ko “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera” maze agaha ubuzima budahera abantu bose bamugamburukira.​—Yesaya 25:8; 1 Yohani 2:25.

Iciyumviro kitari co: Abantu bo mu bwoko bumwebumwe ni bo gusa bazobaho ibihe bidahera.

Ukuri: Imana ntigira nkunzi. Ahubwo “mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35) Abantu bo mu moko yose no mu bihugu vyose bagamburukira Imana barashobora kubaho ibihe bidahera.

Iciyumviro kitari co: Ubuzima budahera buzoba burambira.

Ukuri: Imana ni yo yasezeranye kuduha ubuzima budahera. Iradukunda kandi yipfuza ko duhimbarwa. (Yakobo 1:17; 1 Yohani 4:8) Irazi ko kugira duhimbarwe dukeneye kuba dufise akazi keza. (Umusiguzi 3:12) Imana isezerana ko abazobaho ibihe bidahera bazoba bafise akazi keza, kazobagirira akamaro n’imiryango yabo.​—Yesaya 65:22, 23.

Vyongeye, abazobaho ibihe bidahera bazobandanya kwiga ibintu bishasha vyerekeye Umuremyi wabo hamwe n’ibintu vyinshi yaremye. Yaremanye abantu icipfuzo co kubaho ibihe bidahera no kwiga ibimwerekeye, naho “[batazokwigera] bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.” (Umusiguzi 3:10, 11) Ku bw’ivyo, abazobaho ibihe bidahera bazokwama bafise ibintu vyinshi vyo kwiga no gukora.

a Ivyabona vya Yehova barigisha abantu Bibiliya ku buntu. Ushaka ayandi makuru, raba ividewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya.

b Raba ikiganiro kivuga ngo “Yezu adukiza gute?”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika