ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 128
  • Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Urupfu
    Be maso!—2014
  • Ubugingo Bibugendera Gute Iyo Umuntu Apfuye?
    Bitugendera Gute Iyo Dupfuye?
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 128
Igicapo cerekana uko umuhinga umwe mu vyo gucapa yiyumvira ipurugatori

Ipurugatori yoba ivugwa muri Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

Oya. Ijambo “ipurugatori” ntiriboneka muri Bibiliya, eka mbere Bibiliya ntiyigisha ko imitima y’abantu bapfuye ija gutyororerwa mw’ipurugatori.a Raba ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’icaha n’urupfu. Uraza kubona ko ivyo ivuga ata ho bihuriye na gato n’iyo nyigisho y’ipurugatori.

  • Kwizera amaraso ya Yezu ni vyo bityorora umuntu ibicumuro, si ukumara igihe mu citwa ipurugatori. Bibiliya ivuga ko ‘amaraso ya Yezu Umwana w’Imana, adutyorora igicumuro cose’ be n’uko “Yezu Kristu . . . [adukiza] ibicumuro vyacu mu maraso yiwe.” (1 Yohani 1:7; Ivyahishuwe 1:5, Bibiliya Nyeranda) Yezu yatanze “ubuzima bwiwe ngo abere incungu benshi,” ngo arihe ibicumuro vyabo.​—Matayo 20:28, Bibiliya Nyeranda.

  • Abapfuye nta co bazi. “Ereg’abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5, Bibiliya Yera) Uwapfuye nta na kimwe ashobora kwumva. Ku bw’ivyo rero, umuriro w’ipurugatori ntushobora kumutyorora.

  • Umuntu amaze gupfa, ntasubira guhanirwa ibicumuro aba yarakoze akiri muzima. Bibiliya ivuga ko “impera y’igicumuro [ari] urupfu” be n’uko “uwapfuye yabaye intungane mu vyerekeye igicumuro.” (Abanyaroma 6:​7, 23, Bibiliya Nyeranda) Urupfu ni co gihano gikwiranye n’igicumuro kandi kirahagije.

Inyigisho y’ipurugatori isigura iki?

Inyigisho za Gatolika zivuga ko ipurugatori ari ikibanza abapfuye bajamwo kugira ngo ibicumuro bapfuye bafise bihongerwe maze ngo bace batyororwa.b Nk’uko Ikatikisimu ya Ekleziya Gatolika ivyerekana, ukwo gutyororwa ngo kurakenewe kugira ngo “bashikire ubweranda bukenewe kugira binjire mu buhirwe bw’ijuru.” Iyo Katikisimu yongerako iti: “Umugenzo wa Ekleziya . . . uravuga ibijanye n’umuriro wo gutyorora,” nk’uko vyerekanwa kw’ishusho iri muri iki kiganiro. Ariko, iyo nyigisho ntishingiye kuri Bibiliya.

Inyigisho y’ipurugatori yavuye he?

Abagiriki ba kera barigisha ibijanye n’irimbi hamwe n’ipurugatori. Izo nyigisho zaragize akosho kuri Clement w’i Alexandria, aca aremeza ko abapfuye bashobora gutyororwa ibicumuro vyabo biciye ku muriro wo gutyorora. Ariko rero, nk’uko igitabu kimwe (The History of Christian Doctrines) kivyerekana, papa Grégoire mukuru ni we yatangaje ko umuriro w’ipurugatori ari inyigisho yemewe. Yabaye umupapa kuva mu 590 gushika mu 604 inyuma ya Kristu. Ico gitabu congerako yuko uwo Grégoire “akunze kwitwa ‘uwatanguje ivy’ipurugatori.’” Mu nama yabereye i Lyons (mu 1274) no mu yabereye i Florence (mu 1439) ni ho Ekleziya Gatolika yinjiza icese inyigisho y’ipurugatori mu nyigisho zayo zemewe, ica isubira kuvyemeza mu nama yabereye i Trente mu 1547.

a Ku bijanye n’ipurugatori, igitabu kimwe (Orpheus: A General History of Religions) kivuga giti: “Iryo jambo ntiriboneka mu Njili.” N’ikindi kandi, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (New Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Muri make, inyigisho y’ipurugatori yigishwa muri Gatolika ishingiye ku migenzo, ntishingiye ku Vyanditswe vyeranda.”​—Integuro ya kabiri, igitabu ca 11, urupapuro rwa 825.

b Raba New Catholic Encyclopedia, integuro ya kabiri, igitabu ca  11, urupapuro rwa 824.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika