ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 53
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova batishura ku bintu vyose babavugako?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova batishura ku bintu vyose babavugako?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Tuburanire Ukwizera Kwacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Naho bahamwa barahimbawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Remesha abandi ukoresheje amajambo meza
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 53
Ivyabona vya Yehova bagumye binumiye igihe umugabo umwe yagomba kuvyura ibihari

Kubera iki Ivyabona vya Yehova batishura ku bintu vyose babavugako?

Ivyabona vya Yehova bakurikiza impanuro Bibiliya itanga yo kutishura ku bintu vyose baba babavuzeko canke ivyo babacokora. Nk’akarorero, hari umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Uwukosora umushinyaguzi aba yikwegeye agateterwe.” (Imigani 9:7, 8; 26:4) Aho kuja mu bihari bidakenewe ngo n’uko batuvuze nabi, turondera canecane guhimbara Imana.​—Zaburi 119:69.

Ego ni ko hariho “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Turishura abantu bipfuza koko kumenya ukuri ku bitwerekeye, mugabo turirinda ibihari bitagira mvura. Aho tuba dukurikije ivyo Yezu n’abakirisu bo mu ntango batwigishije be n’akarorero badusigiye.

  • Yezu nta co yavuze igihe bamwagiriza ibinyoma imbere ya Pilato. (Matayo 27:11-14; 1 Petero 2:21-23) Yezu kandi ntiyishuye ku vyo bamwagiriza ngo ni umuntu akunda inda kandi yatwawe n’umuvinyu. Ahubwo yararetse ibikorwa vyiwe biba ari vyo vyivugira. Ivyo birahuye n’impanuro igira iti: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Ariko igihe vyaba bikenewe, yarishura n’umutima rugabo abamwagiriza ibinyoma.​—Matayo 15:1-3; Mariko 3:22-30.

    Yezu yigishije abayoboke biwe kudacika intege kubera ibinyoma babagiriza. Yavuze ati: “Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama kandi bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose babampora.” (Matayo 5:11, 12) Ariko kandi yavuze yuko igihe ivyo bagirizwa bitumye baronka ingene bashinga intahe, yobafashije. Yabasezeraniye ati: “Nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza.”​—Luka 21:12-​15.

  • Intumwa Paulo yahanuye abakirisu kwirinda guharira n’ababarwanya mu bintu bitagira mvura, avuga ko ivyo bihari “ata co vyungura kandi bitagira akamaro.”​—Tito 3:9; Abaroma 16:17, 18.

  • Intumwa Petero yaremesheje abakirisu kuburanira ukwizera kwabo igihe bishoboka. (1 Petero 3:​15) Mugabo yaratahura ko ivyo vyogirwa neza mu bikorwa gusumba mu majambo. Yanditse ati: “Mu gukora iciza muzivye amajambo y’ukutamenya y’abantu b’imburabwenge.”​—1 Petero 2:​12-​15.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika