ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 38
  • Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene dukomeza imiryango
  • Guhindura idini vyoba bikwega ingorane mu rugo?
  • Kubera iki Ivyabona vya Yehova bubakana gusa n’abo basangiye idini?
  • Ivyabona vya Yehova boba basambura imibano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ubuyobozi Buva ku Mana mu vy’Uguhitamwo Uwo Muzokwubakana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 38
Abubakanye bajanye umwana wabo kuramutsa sekuru na inakuru

Ivyabona vya Yehova boba basambura ingo canke barazikomeza?

Twebwe Ivyabona vya Yehova turitwararika ko imiryango yacu be n’iy’ababanyi bacu iguma yunze ubumwe. Turubaha uwatanguje umuryango, nawe akaba ari Yehova Imana. (Itanguriro 2:​21-​24; Abanyefeso 3:​14, 15) Mw’ijambo ryiwe Bibiliya, harimwo impanuro zafashije abantu benshi kuronka agahimbare mu ngo zabo.

Ingene dukomeza imiryango

Turihatira gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya kubera ko zidufasha kuba abanega beza, abakenyezi beza eka n’abavyeyi beza. (Imigani 31:10-​31; Abanyefeso 5:22–​6:4; 1 Timoteyo 5:8) Izo mpanuro mbere zirafasha n’imiryango igizwe n’abadasangiye idini kuronka agahimbare. (1 Petero 3:​1, 2) Irabire ivyavuzwe n’abatari Ivyabona ariko bubakanye n’Ivyabona vya Yehova:

  • “Mu myaka itandatu ya mbere namaze nubakanye na Ivete, zari induru gusa. Ariko aho abereye Icabona ca Yehova, yararushirije kuba umukenyezi mwiza kandi yihangana. Ukuntu yahindutse vyatumye umubano wacu udasambuka.”​—Clauir wo muri Brezile.

  • “Ndibuka ko narwanije umunega wanje igihe yatangura kwigana Bibiliya n’lvyabona vya Yehova, kuko nibaza ko Ivyabona basambura ingo. Ariko kuva ico gihe, narabonye ko Bibiliya yadufashije vy’ukuri mu mubano wacu.”​—Agness wo muri Zambiya.

Igihe tubwira abandi inkuru nziza turabereka ingene Bibiliya ishobora kubafasha:

  • Guhitamwo neza uwo bokwubakana

  • Gutsinda urugamba rwo mu mwaka wa mbere w’umubano wabo

  • Kwumvikana n’umuryango w’uwo bubakanye

  • Gukoresha neza amahera

  • Kureka gushwana

  • Kubabarirana

  • Gutoza indero abana

Guhindura idini vyoba bikwega ingorane mu rugo?

Mu vy’ukuri ivyo birashika. Nk’akarorero, mw’itohoza ryagizwe n’ishirahamwe Sofres mu 1998, basanze urugo rumwe kuri 20 zigizwe n’abubakanye n’uwahinduye idini akaba Icabona ca Yehova, rwaragize ingorane zikomeye igihe uno yahindura idini.

Yezu yari yaravuze ko abemera inyigisho ziwe vyoshitse bakarwanywa mu muryango. (Matayo 10:32-​36) Umuhinga mu vya kahise yitwa Will Durant yavuze ko mu gihe c’Inganji y’Uburoma, “abakirisu bagirizwa ko basambura ingo,”a kandi bamwe mu Vyabona vya Yehova ni vyo bagirizwa. None Ivyabona boba ari bo bakwega ingorane mu ngo?

Inyubakwa ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu

Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu

Igihe Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yafata ingingo ku bijanye n’ikirego Ivyabona vya Yehova bagirijwe ko basenyura ingo, iyo Sentare yavuze ko abatari Ivyabona ari bo bakwega ingorane mu muryango bitumwe n’uko “batubahiriza canke ngo bemere uburenganzira uwabaye Icabona ca Yehova afise bwo gukora ibijanye n’idini ryiwe.” Iyo Sentare yongeyeko iti: “Iyo ni ingorane ishikira ingo zose zigizwe n’abubakanye badasangiye idini, si Ivyabona vya Yehova gusa.”b No mu gihe tuba turiko turarwanywa tuzira ivyo twemera, turihatira gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”​—Abaroma 12:17, 18.

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bubakana gusa n’abo basangiye idini?

Ivyabona vya Yehova bakurikiza impanuro basanga muri Bibiliya yo kwubaka “mu Mukama gusa.” Ivyo bisobanura ko bubakana n’abo basangiye idini. (1 Abakorinto 7:​39) Iryo ni itegeko Bibiliya itanga kandi ni ngirakamaro kuryubahiriza. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe c’ingo n’imibano casohotse mu 2010, cavuze ko abubakanye basangiye idini usanga barushiriza kugira umubano mwiza kuruta.c

Ariko ntiwumve, ivyo ntibisobanura ko duca duhimiriza Ivyabona bagenzi bacu bubakanye n’abatari Ivyabona kuvana n’abo bubakanye. Bibiliya ihanura iti: “Nimba hari mwene wacu afise umugore atemera, yamara nya mugore agashima kubana na we, ntamute; kandi umugore afise umugabo atemera, yamara nya mugabo agashima kubana na we, ntate umugabo wiwe.” (1 Abakorinto 7:​12, 13) Rero Ivyabona turisunga iryo tegeko.

a Raba igitabu citwa Sezari na Kristu, ku rupapuro rwa 647.

b Raba ikopi y’urubanza rwaciwe rwitwa Ivyabona vya Yehova b’i Moscou n’ab’ahandi, baburana na Leta y’Uburusiya, ku rupapuro rwa 26-​27, ingingo ya 111.

c Raba ikinyamakuru Journal of Marriage and Family, vol. 72, no 4, Myandagaro 2010, urupapuro rwa 963.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika