ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 78
  • Imana yoba ibaho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ibaho?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?
    Be maso!—2015
  • Numva ntamerewe neza: idini, Imana canke Bibiliya vyoba bishobora kumfasha?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ni nde yumva amasengesho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 78
Imishwarara y’izuba iriko irasira mu bicu

Imana yoba ibaho?

Inyishu Bibiliya itanga

Ego cane, Bibiliya iratanga ikimenyamenya kijijura c’uko Imana iriho. Ituremesha kwizera Imana, atari ugupfa kwemera ivyiyumviro bishikirizwa n’amadini, ahubwo tugakoresha “ububasha bwo kwiyumvira” be n’“ubushobozi bwo gutegera.” (Abaroma 12:1; 1 Yohani 5:​20) Zirikana ku vyiyumviro bikurikira bishingiye kuri Bibiliya:

  • Urutonde rurangwa mu binyabuzima biri kw’isi no ku kirere rurerekana ko hariho Umuremyi. Bibiliya ivuga iti: “Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Abaheburayo 3:4) Naho ico ari iciyumviro gisanzwe, abantu benshi bize babona ko gikomeye cane.a

  • Twebwe abantu turafise icipfuzo mvukanwa co gutahura intumbero y’ubuzima, ico cipfuzo kikaba gishobora kugumaho naho twoba tumaze kwironsa ivyo dukenera mu vy’umubiri. Ico kiri mu bintu “vy’impwemu” Bibiliya ivuga ko dukeneye, ivyo bikaba birimwo icipfuzo co kumenya Imana no kuyisenga. (Matayo 5:3; Ivyahishuwe 4:​11) Ico cipfuzo nticerekana gusa ko Imana ibaho, ariko kandi kirerekana ko ari Umuremyi yuzuye urukundo yipfuza kuturonsa ivyo dukenera.​—Matayo 4:4.

  • Hari ibintu vy’ido n’ido vyanditswe muri Bibiliya hagisigaye imyaka amajana ngo bibe, biraheza biba nk’uko vyari vyaravuzwe. Ukuntu vyarangutse ata gahaze birerekana neza ko bitavuye ku muntu.​—2 Petero 1:​21.

  • Umubumbe w’isi umuntu awurabiye mu kirere

    Abanditse Bibiliya bari bafise ubumenyi bwo mu vya siyansi burengeye ugutahura kw’abantu bo mu gihe cabo. Nk’akarorero, kera abantu benshi biyumvira ko isi yari iteretse ku gikoko, nk’inzovu, ingurube y’inyeshamba canke ishuri. Ariko rero, Bibiliya ivuga ko Imana “isi iyeneneka ku busa.” (Yobu 26:7) Bibiliya kandi iradondora neza imero y’isi, ikavuga ko ari “umuzingi,” canke “umubumbe.” (Yesaya 40:22; Douay Version) Abantu benshi babona yuko ubwo bumenyi buhanitse ari ikimenyamenya c’uko ivyo abanditsi ba Bibiliya banditse vyava ku Mana.

  • Bibiliya irishura ibibazo vyinshi bitoroshe, ibibazo bishobora gutuma umuntu ahakana ko ata Mana ibaho aramutse atabironkeye inyishu zishimishije. Nk’akarorero: Nimba Imana idukunda kandi ikaba ishoboye vyose, ni kubera iki isi yuzuye imibabaro n’ibibi? Kubera iki idini akenshi rituma haba amabi aho gutuma haba ivyiza?​—Tito 1:​16.

a Nk’akarorero, ku bijanye n’isi hamwe n’ibiri mu kirere, umuhinga mu vy’imibumbe Allan Sandage igihe kimwe yavuze ati: “Mbona ko ari ikintu kidashoboka na gato yuko urutonde nk’urwo rwoba rwapfuye kwiyadukiza. Hategerezwa kuba hariho icatumye habaho urwo rutonde. Kuri jewe Imana ni ikintu gisiga ubwenge, mugabo ni yo yokwitirirwa ca gitangaro c’ukubaho kw’ibintu, igituma ibintu biriho.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika