ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 27
  • Kubera iki ntagira abagenzi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki ntagira abagenzi?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwimenyerezo ku bijanye n’irungu
  • Ukuri ku vyerekeye ubugenzi hamwe n’irungu
  • Ingene umuntu yotsinda urwo rugamba
  • Ingene wotsinda irungu
    Be maso!—2015
  • Ingene wobitorera umuti
    Be maso!—2010
  • Kumenya ibintu bituma abantu bagira irungu
    Be maso!—2010
  • Nurwanye irungu mu kurondera abagenzi: Ukuntu Bibiliya yogufasha
    Ibindi biganiro
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 27
Umukobwa w’umuyabaga ariko anyinyana n’irungu

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki ntagira abagenzi?

Uri kuri Internet, uriko uraba amafoto y’urubanza ruheruka kuba. Abagenzi bawe bose bari ng’aho, kandi biboneka ko bahimbawe. Ariko hariho ikintu kibuze. Tubivuze dutomora, hariho umuntu abuze, na we akaba ari wewe!

Uribaza uti: ‘None kubera iki ntatumiwe?’

Wariko urondera kumenya ibintu, ariko ubu birahindutse uciye ugira umujinya. Wumva wakumiriwe! Wumva umengo ubucuti mwari mufitaniye bwasambutse bukwi na bukwi nka kurya kw’inzu idakomeye yubakishijwe amakarato. Igihuhusi c’irungu caguteye, maze ukibaza uti: ‘Kubera iki ntagira abagenzi?’

  • Umwimenyerezo ku bijanye n’irungu

  • Ukuri ku vyerekeye ubugenzi hamwe n’irungu

  • Ingene umuntu yotsinda urwo rugamba

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

  • Kudatinya kugiranira ubugenzi n’abandi

Umwimenyerezo ku bijanye n’irungu

Ni vyo canke si vyo

  1. Ufise abagenzi benshi ntuzokwigera ugira irungu.

  2. Ugiye muri vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako ibiberekeye ntuzokwigera ugira irungu.

  3. Ugiye urarungikira ubutumwa abantu benshi kuri telefone ntuzokwigera ugira irungu.

  4. Ugize ivyo ukorera abandi ntuzokwigera ugira irungu.

Ivyo bintu vyose uko ari bine si vyo.

Uti kubera iki?

Ukuri ku vyerekeye ubugenzi hamwe n’irungu

  • Kugira abagenzi benshi si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

    “Nditwararika abagenzi banje, ariko rimwe na rimwe simbona ko nanje banyitwararika. Urashobora kwumva ugize irungu ridasanzwe igihe ukikujwe n’abagenzi ariko bikaboneka ko batagukunda canke batagukeneye.”​—Anne.

  • Kuja muri vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako ibiberekeye si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

    “Hari abegeranya abagenzi nka kurya begeranya udupupe. Ariko kuba umuntu afise utuntu twiza twinshi ntivyigera bituma aca yumva ko akundwa. Igihe ata bucuti buri n’ico buvuze mufitaniye, abagenzi bo kuri “Internet” bakumerera nka kurya kw’udupupe tutagira ubuzima.”​—Elaine.

  • Kurungikira ubutumwa abantu benshi kuri telefone si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

    “Rimwe na rimwe iyo wumva irungu uguma uraba muri telefone ko ata mugenzi yakwandikiye. Igihe wamaze kwumva irungu maze ukabona ko ata n’umwe yagerageje kukurondera, ivyo birashobora gutuma urushiriza kumererwa nabi!”​—Serena.

  • Kugira ivyo ukorera abandi si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

    “Nama ngerageza guha ibintu abagenzi banje, ariko ndabona ko batamfata nk’uko ndabafata. Sinicuza kuba narabahaye ibintu ariko ntivyumvikana ukuntu batigeze vy’ukuri nanje bansubiriza mu ndumane.”​—Richard.

Ico twoshikako: Irungu riba mu mutwe. Umugore umwe akiri muto yitwa Jeanette avuga ati: “Riva indani mu muntu ntiriva hanze.”

Wokora iki wumvise utagira abagenzi ukumva n’irungu?

Ingene umuntu yotsinda urwo rugamba

Umukobwa w’umuyabaga yiyumvamwo ko ata co amaze

Niwiyumvemwo ko hari ico umaze.

“Umuntu arashobora kwumva irungu bivuye ku kuba yiyumvamwo ko ata co amaze. Biragoye kurondera abagenzi igihe utumva ko ubereye gukundwa n’abandi.”​—Jeanette.

Bibiliya ivuga iti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Abagalatiya 5:14) Kugira tugiranire ubugenzi bwiza n’abandi, turakeneye kwiyumvamwo ko hari ico tumaze ku rugero kanaka, ariko ntitwoca tuba abantu bikunda.​—Abagalatiya 6:3, 4.

Umuhungu w’umuyabaga yiganyira cane

Niwirinde kwiganyira.

“Irungu rimeze nk’urushanga. Uko urushiriza kunyika muri rwo ni ko birushiriza kugora ko uruvamwo. Uko uguma wiganyira ni ko abandi bazorushiriza kwumva batagushaka. Rero uzoca urushiriza kwumva irungu.”​—Erin.

Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.” (1 Abakorinto 13:4, 5) Ikizwi coco ni uko igihe twibanze cane ku bitwerekeye, duca turushiriza kutaba abanyempuhwe kandi bigaca bituma abagenzi batumva bakwegerewe kuri twebwe. (2 Abakorinto 12:15) Ico womenya coco ni iki: Nimba kugira uroranirwe bivana n’abandi, uzoba uriko uratuma utaroranirwa! Mu vy’ukuri, amajambo nk’aya ngo “Nta n’umwe yigera anterefona” na “Nta n’umwe yigera antumira” atuma umunezero wawe uva ku bandi. None ukwo ntikwoba ari ukubaha ububasha burenze?

Umuhungu w’umuyabaga yanse itabi

Ntupfe uwo ugize umugenzi.

“Abantu bafise irungu baba bashaka kwitwararikwa, kandi barashobora gushika aho bapfa kwemera kwitwararikwa n’uwo ari we wese. Ico bashaka gusa ni ukwumva ko bari n’agaciro. Ariko hari abantu bazotuma wumva ko uri n’agaciro mugabo bagaca barondera kukwungukirako. Ivyo bizoca bituma urushiriza kwumva irungu.”​—Brianne.

Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Umuntu yishwe n’inzara arya ivyo ari vyo vyose abonye. Muri ubwo buryo nyene, abantu bipfuza cane kuronka abagenzi boshobora kuronderera abagenzi ahantu hatabereye hose. Barashobora mbere no kuba ibikoresho vy’abandi, biyumvira ko ubwo bugenzi ari ikintu gisanzwe kandi ko ata kindi kintu ciza kuruta bokwitega.

Ico twoshikako: Uwo ari we wese birashika akumva irungu; bitandukaniye gusa ku rugero rw’iryo rungu. Kandi naho irungu rishobora kugirira nabi umuntu, amaherezo ni inyiyumvo gusa. Akenshi inyiyumvo zacu zivana n’ivyo twiyumvira, kandi turashobora gucungera ivyiyumviro vyacu.

Ntiwitege ku bandi ibidashoboka. Umwe Jeanette twavuga yigana ati: “Si umuntu uwo ari we wese azokubera umugenzi mwiza ibihe vyose, ariko uzoronka abantu bakwitwararika. Kandi kukwitwararika birahagije. Ivyo bituma utumva irungu.”

Ikindi kintu cofasha. Nusome ahavuga ngo “Kudatinya kugiranira ubugenzi n’abandi.” Nuvome kandi PDF y’ikiganiro kivuga ngo “Gutsinda irungu.”

IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA

Vanessa

“Nubwire umuntu ibijanye n’irungu ufise. Ntunyegeze abandi ukuntu wiyumva. Uzosanga hariho abandi bantu benshi uzi biyumva nk’uko wiyumva. Rimwe na rimwe ico uba ukeneye ni umugenzi umwe gusa atuma wumva umerewe neza.”​—Vanessa.

Taylor

“Ntukwiye kwama ubona ko irungu ufise ryatewe n’abandi. Rimwe na rimwe usanga ari wewe witandukanije n’abandi. Rero, nukore uko ushoboye kwose kugira usubire kuja hamwe n’abandi. Ivyo bidakunze, nugerageze kurondera abagenzi bashasha, kumbure ubaronderere mu bantu utari bwigere ugira abagenzi.”​—Taylor.

Kudatinya kugiranira ubugenzi n’abandi

“Ndafise umugenzi yamana irungu ridahera. Naho akikujwe n’abantu bamwitwararika, aguma yumva ko atawumubona kandi ko adakundwa. Yigira nk’aho hari ico amaze kugira ngo abantu ntibamenye ko ubwiwe yiyumvamwo yuko ata co amaze. Nibaza ko utwigoro agira kugira aboneke ko hari ico amaze mu vy’ukuri dutuma adashobora kugira abagenzi. Abantu bahura na we bibaza ko ata gishika afise, kandi ku bantu batumirako, ivyo bica bibabera intambamyi.

“Umugenzi wanje kandi aratinya ko yohava ababara, rero igihe abantu bagerageje kumenyana na we, aca abatora amahinyu canke akavuga ko badashobora kugiranira ubugenzi buramba. Yumva irungu kubera ko abantu benshi batamutahura, ariko ntashaka kubwira abandi ukuntu yiyumva.

“Umugenzi wanje arakeneye kumenya ko kuganira n’abandi ku rugero kanaka bituma abantu bagiranira ubucuti kandi bigatuma abandi bagutahura. Biratuma bakubera abagenzi ukeneye. Ndizigiye ko umugenzi wanje ivyiwe biriko biragenda neza kandi ko ariko ariga ingene yorengera ugutinya kugiranira ubugenzi n’abandi.”​—Elaine.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika