ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 31
  • Ivyabona vya Yehova koba ari akadumbi k’idini?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova koba ari akadumbi k’idini?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akadumbi ni iki?
  • Ugukorera mu Mpisho mw Izina ry’Umukama
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Mwoba muri akadumbi k’idini ko muri Amerika?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyabona vya Yehova ni bande?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Uburyo bwo gusenga bushimwa n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 31
Icabona ca Yehova ariko yigisha gusoma no kwandika.

Ivyabona vya Yehova koba ari akadumbi k’idini?

Oya, Ivyabona vya Yehova si akadumbi k’idini. Ahubwo turi abakirisu dukora uko dushoboye kwose kugira dukurikire akarorero Yezu Kristu yatanze twongere tubeho twisunga ivyo yigishije.

Akadumbi ni iki?

Ijambo “akadumbi” abantu barisigura ugutandukanye. Raba insobanuro zibiri abantu bakunze guha iryo jambo wongere urabe ingene izo nsobanuro zidahuye n’ibitwerekeye.

  • Hari abibaza ko akadumbi ari idini rishasha canke ari idini ry’icaduka. Ivyabona vya Yehova ntibatanguje idini rishasha. Ahubwo nyabuna, mu bijanye no gusenga, twigana akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere be n’inyigisho bigisha nk’uko bivugwa muri Bibiliya. (2 Timoteyo 3:​16, 17) Twemera ko Ivyanditswe Vyeranda ari vyo umuntu akwiye kwisunga mu bijanye no gusenga.

  • Hari abibaza ko akadumbi ari idini riteye akaga riyoborwa n’umuntu. Ivyabona vya Yehova nta ndongozi y’umuntu bafise. Ahubwo riho, turumira ku ngingo mfatirwako Yezu yahaye abigishwa biwe igihe yavuga ati: “Indongozi yanyu [ni] imwe, ni Kristu.”​—Matayo 23:10.

Aho kuba akadumbi gateye akaga, Ivyabona vya Yehova bagize idini rigirira akamaro abaririmwo be n’abandi bo mu kibano. Nk’akarorero, igikorwa cacu co kwamamaza carafashije abantu benshi guheba ibintu bibi vyari vyarabiziziye, nko kunywa ibiyayuramutwe no kunywa inzoga zirenze urugero. N’ikirushirije, turigisha abantu gusoma no kwandika hirya no hino kw’isi, tugafasha abantu ibihumbi n’ibihumbi bakabimenya. Kandi twama dutabara abashikiwe n’ivyago. Turihatira kugira akosho keza ku bandi, nka kurya nyene Yezu yabitegetse abigishwa biwe.​—Matayo 5:​13-​16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika