ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 58
  • Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye
    Be maso!—2013
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Inyishu z’ibibazo cumi bijanye n’ivy’igitsina
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 58

Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?

Inyishu Bibiliya itanga

Aho kubuza kuryoherwa mu vy’igitsina, Bibiliya irerekana ko iyo ari ingabirano Imana yahaye abantu bubakanye. Yaremye abantu ari “umugabo n’umugore” kandi yabonye ko ico yari yakoze cari “ciza cane.” (Itanguriro 1:​27, 31) Igihe yahuza umugabo n’umugore ba mbere mu mubano w’ababiranye, yavuze ko “[baba] umubiri umwe.” (Itanguriro 2:​24) Aho harimwo kuryohererwa amabanga mpuzabitsina be no kwiyumvanamwo cane.

Bibiliya idondora muri ubu buryo agahimbare abagabo baronkera mu mubano wabo w’abubatse iti: “Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe . . . Amabere yiwe nakuboreze ibihe vyose. Wame watwawe ubwenge n’urukundo rwiwe.” (Imigani 5:​18, 19) Imana kandi ishaka ko abagore bahimbarirwa amabanga mpuzabitsina. Bibiliya ivuga iti: “Umugabo nahe umugore wiwe ivyiwe; umugore na we nyene agirire kuno umugabo wiwe.”​—1 Abakorinto 7:3.

Uturimbi mu bijanye no kuryoherwa mu vy’igitsina

Ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina Imana yabigeneye ababiranye gusa, nk’uko mu Baheburayo 13:4 havyerekana hati: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo.” Umugabo n’umugore babiranye bategerezwa kudahemukiranira kandi bakagumya isezerano bagiraniye. Agahimbare gakomeye ntibakaronkera mu kurondera kwiryohererwa babigiranye ubwikunzi, ahubwo bakaronkera mu gushira mu ngiro iyi ngingo ngenderwako ya Bibiliya igira iti: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika