ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 10
  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abo wandikira
  • Ivyo wandika
  • Igihe wandika
  • Impanuro
  • Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje
    Be maso!—2014
  • Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 1: Nobimenya gute?
    Urwaruka ruribaza
  • Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 2: Nobimenya gute?
    Urwaruka ruribaza
  • Noba ndi umuja w’ivyuma vyo mu buhinga bwa none?
    Be maso!—2011
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 10

URWARUKA RURIBAZA

Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?

  • :-) Ubigiranye ubukerebutsi, ivyo kwandika amamesaje birashobora kugufasha mu kuguma uhanahana amakuru n’abandi.

  • :-( Ubigiranye ukutiyubara, birashobora kwonona ubugenzi ufitaniye n’abandi bigacafuza n’izina ryawe.

Iki kiganiro kirakubwira ivyo ukwiye kumenya ku vyerekeye:

  • Abo wandikira

  • Ivyo wandika

  • Igihe wandika

Iki kiganiro kirimwo kandi:

  • Impanuro ku bijanye na mesaje

  • Umwimenyerezo ujanye na mesaje

Abo wandikira

Imiyabaga myinshi ibona ko kwandika amamesaje ari bwo buryo bwiza kuruta bwo kuyaga n’abandi. Kwandika amamesaje bigufasha guhanahana amakuru n’abo bose ufise inomero zabo, kiretse gusa mu gihe abavyeyi bawe batabishima.

“Dawe ntashima ko jewe na mwene wacu tuyaga n’abahungu kuri telefone. Iyo tubigize na ho, tubwirizwa kuvuganira kuri telefone yo muri salo, kandi abandi bakaba ariho bari.”​—Lenore.

Ico womenya: Uhaye inomero zawe uwo ari we wese, urashobora kwikwegera ingorane.

“Utabaye maso ku bafise inomero zawe, uritega kurungikirwa amamesaje n’amafoto udashaka.”​—Scott.

“Nimba wama wandikira amamesaje uwo mudasangiye igitsina, urashobora gusanga utanguye kwumva umukunze hadaciye na kabiri.”​—Steven.

Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ufashe ingingo na nkeyi zo kwikingira, wosanga wirinze ingorane zitari nke.

Ivyabaye koko: “Umuhungu umwe twari abagenzi kandi twarandikirana amamesaje cane. Nabona ko turi abagenzi somambike gusa. Nagiye kubona ko ari ingorane igihe yambwira ko yagiye arankunda buhorobuhoro. Ntereje amaso inyuma, ndatahura ko ntari nkwiye kumarana umwanya munini na we canke kumwandikira amamesaje.”​—Melinda.

Zirikana: Wibaza ko ivyo uwo muhungu yahishuriye Melinda vyagize ico bikoze gute ku bugenzi bwabo?

Kosora: Melinda yari gukora iki kugira we n’uwo muhungu bagume ari abagenzi gusa, ata kindi kirenzeko?

Ivyo wandika

Kurungika mesaje biroroshe, kuyakira na ho biraryoshe; ariko biroroshe kwibagira ko uwundi yoshobora kuyibonamwo vyinshi.

Ico womenya: Amajambo ari muri mesaje arashobora gutahurwa ukutari kwo.

“Ntushobora kumenya inyiyumvo n’ijwi biri muri mesaje, naho mbere yoba irimwo utumenyetso. Irashobora gutuma haba ugutahurana kutari kwo.”​—Briana.

“Ndazi abakobwa bacafuje amazina yabo, bakaba bazwi ko ari abakobwa bagiranira imimenyerano irenze n’abahungu kubera amamesaje barungikiye abahungu.”​—Laura.

Bibiliya ivuga iti: “Abantu beza bariyumvira imbere yo kwishura.” (Imigani 15:28, Good News Translation) Icigwa ni ikihe? Subira usome mesaje yawe imbere y’uko ufyonda “Envoyer” (Rungika), ni ukuvuga imbere y’uko uyirungika!

Igihe wandika

Ubigiranye ubukerebutsi, urashobora kwishingira imico myiza mu vyo kwandika mesaje.

Ico womenya: Utabaye maso ku kuntu wandika mesaje, abagenzi bazobona ko utagira indero kandi bazogukumira aho kukwiyegereza.

“Biroroshe kwibagira imico myiza mu vyo kwandika mesaje. Hari igihe nsanga ndi mu vyo kwandika mesaje mu gihe mba ndiko nganira n’umuntu canke ndi ku meza.”​—Allison.

“Birimwo akaga kwandika mesaje uriko uratwara umuduga. Uretse kuraba ibarabara, urahakwa kugira isanganya.”​—Anne.

Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, . . . igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:1, 7) Ivyo birajanye n’ivyo kwandika mesaje nk’uko bijanye n’ivyo kuvuga!

Impanuro

Abo wandikira

  • ;-) Nugamburuke ubuyobozi abavyeyi bawe baguha.​—Abakolosayi 3:20.

  • ;-) Nuhitemwo neza abo uha inomero zawe. Wanse mu rupfasoni gutanga amakuru yawe y’ibanga, harimwo n’inomero zawe za telefone, uba uriko uratsimbataza ubuhanga uzokenera umaze gukura.

  • ;-) Ntugiranire imimenyerano irenze mu kurungika amamesaje arimwo ivy’urukundo wifyinira. Nimba hatanguye kujamwo inyiyumvo z’ivy’urukundo, ikizovamwo ni intuntu n’umubabaro.

“Abavyeyi banje bararushirije kunyizigira ku bijanye n’ukuntu nkoresha telefone yanje ngendanwa, rero barizigira ko mfata ingingo nziza ku bijanye n’abo mbika inomero zabo muri telefone yanje.”​—Briana.

Ivyo wandika

  • ;-) Imbere y’uko utangura kwandika mesaje, niwibaze uti: ‘Kwandika mesaje bwoba ari bwo buryo bwiza bwo kuyaga kuri iki kibazo?’ Hari igihe vyoba vyiza uterefonye canke urindiriye mukavugana amaso mu yandi.

  • ;-) Ntiwandikire umuntu ibintu utomubwira imbonankubone. “Nimba bidakwiye kuvugwa, ntibikwiye no kurungikwa muri mesaje.”—Sarah w’imyaka 23.

“Nimba hari uwukurungikiye amafoto atabereye, nubibwire abavyeyi bawe. Bizogukingira vyongere bitume abavyeyi bawe barushiriza kukwizigira.”​—Sirvan.

Igihe wandika

  • ;-)Niwishingire imbere y’igihe ibiringo utazokoresha telefone yawe. Umwigeme umwe yitwa Olivia avuga ati: “Simba mfise telefone yanje ndi ku meza canke ndiko ndiga. Ndayizimya igihe ndi mu makoraniro y’ivy’ugusenga kugira sinje mu kigeragezo co gushaka kuyikoresha.”

  • ;-)Niwiteho abandi. (Abafilipi 2:4) Ntuje mu vyo kwandika mesaje igihe uriko uraganira n’umuntu.

“Narishingiye ingingo nisunga, nko kutandika mesaje igihe ndi mu mugwi w’abagenzi uretse igihe bibaye ngombwa. Kandi simpa inomero zanje umuntu tutamenyeranye.”​—Janelly.

Umwimenyerezo

Akarorero ka 1

Umaze amezi atandatu ukundana n’umuntu, ariko ubu ubonye ko mutaberanye. Muri izi mesaje, ni iyihe ubona ari yo bibereye ko umurungikira?

  1. “Ivyacu birarangiye.”

  2. “Ndakeneye ko tuyaga. Twobonana ryari?”

Inyishu nziza: B. Ivyo guhagarika ubucuti ni ikibazo gihambaye; ni vyiza ko mubiyaga amaso mu yandi kiretse hamwe vyoba bitaranga ubukerebutsi kubigenza gutyo.​—Luka 6:31.

Akarorero ka 2

Uraronse mesaje irimwo ifoto y’ibiterasoni y’umunyeshure mwigana. Muri ibi ni ikihe ubona ko kibereye gukora?

  1. Gufuta nya foto ubwo nyene.

  2. Kurungikira nya foto abagenzi bawe bose.

Inyishu nziza: A. Kurungika mesaje zirimwo ibintu vy’ibiterasoni biratesha icubahiro uwubigiramwo uruhara wese. Niwanke kubigiramwo uruhara!​—Abanyefeso 5:3, 4.

Akarorero ka 3

Uri ku meza kumwe n’umuryango maze ukumva telefone yawe irasonye ko hari mesaje ishitse. Muri ibi ni ikihe ubona ko kibereye gukora?

  1. Kuraba iyo mesaje iyo ari yo wibaza ko umuryango wawe uza kukubabarira ku kuba ubaciriyemwo mu kiyago.

  2. Kurindira ko muheza gufungura ukabona kuraba nya mesaje.

Inyishu nziza: B. Mesaje irashobora kurindira. Banza witeho umuryango.​—Abafilipi 1:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika