ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 27
  • Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Kuganira n’Imana mw’isengesho
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Kwiyegereza Imana mw Isengesho
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ingene twosenga: Igisabisho ca Dawe wa twese coba ari co kibereye?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Isengesho rirakomeza ubucuti ufitaniye n’Imana
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 27

Ni ibiki nosaba Imana mw’isengesho?

Inyishu Bibiliya itanga

Urashobora gusenga Imana uyisaba ikintu ico ari cose gihuye n’ivyo isaba biri muri Bibiliya. Ivuga iti: Ico dusaba cose twisunze ukugomba kw’Imana, iratwumva.’ (1 Yohani 5:14) Woba ushobora gushiramwo ibikuraje ishinga? Ego cane. Bibiliya ivuga iti: “Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere [y’Imana].”—Zaburi 62:8, Bibiliya Yera.

Ivyo ushobora gusaba Imana mw’isengesho

  • Ukwizera Imana.—Luka 17:5.

  • Impwemu nyeranda, ari yo nguvu ikora y’Imana, kugira igufasha gukora ibibereye.—Luka 11:13.

  • Inkomezi zo kwihanganira ingorane no kunanira inyosha mbi.—Abafilipi 4:13.

  • Amahoro yo mu mutima, ugutekanirwa.—Abafilipi 4:6, 7.

  • Ubukerebutsi bwo gufata ingingo nziza.—Yakobo 1:5.

  • Ivyo ukenera ku musi ku musi.—Matayo 6:11.

  • Guharirwa ivyaha.—Matayo 6:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika