ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 61
  • Ivyabona vya Yehova bakoresha gute intererano baronka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyabona vya Yehova bakoresha gute intererano baronka?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uturorero tw’ibikorwa turangura
  • Amahera bakoresha ava he?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “Ingabire igenewe Yehova”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Kubera iki twoha Umwe afise vyose?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava he?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 61
Amafoto: Ibikorwa bitandukanye bijanye no gusenga be n’ivyo gutabara birangurwa n’Ivyabona vya Yehova, bishigikirwa n’intererano zitangwa. 1. Ivyabona bariko barubaka Ingoro y’Ubwami. 2. Icabona akora mu mugwi ujejwe gutabara ahereje amazi umukenyezi yashikiwe n’ivyago. 3. Icabona ariko arabwira inkuru nziza umukenyezi akoresheje agatabu ‘Inkuru nziza.’

Ivyabona vya Yehova bakoresha gute intererano baronka?

Intererano turonka tuzikoresha mu gushigikira ibikorwa bijanye no gusenga turangura be no mu gufasha ababa bari mu vyago. Ivyo vyose tubikora kugira dushigikire igikorwa gihambaye kuruta ibindi twashinzwe co guhindura abantu abigishwa ba Kristu Yezu.​—Matayo 28:19, 20.

Intererano zacu ntizikoreshwa mu gutungisha umuntu n’umwe. Nta bakuru b’idini dufise bahembwa kandi Ivyabona vya Yehova ntibahemberwa igikorwa bakora co kubwira abantu ubutumwa. Abakorera ku biro vyacu vy’amashami be no ku cicaro gikuru, harimwo mbere n’abagize Inama Nyobozi, na bo nyene ntibahembwa.

Uturorero tw’ibikorwa turangura

  • Gusohora ibitabu: Buri mwaka, turahindura Bibiliya n’ibindi bitabu vy’Ijambo ry’Imana mu ndimi nyinshi, tukabirungika mu bihugu bitandukanye tukongera tukabiha abantu, ivyo vyose tukabigira ku buntu. Ivyo dusohora biraboneka kandi ku rubuga rwacu rwa jw.org be no kuri programa ya JW Library kandi ntibigurishwa.

    Icabona akorera mw’icapuriro ariko araraba Bibiliya ihejeje gucapurwa.
  • Kwubaka no kubungabunga inyubakwa zacu: Hirya no hino kw’isi, turubaka tukongera tukabungabunga inyubakwa zibayabaye zo gusengeramwo ngo amashengero aronke ibibanza bibereye akoraniramwo kugira ashemeze Imana. Turubaka kandi inyubakwa z’amashami be n’iz’ibiro vy’ubuhinduzi. Ivyo bikorwa vyose birangurwa n’abitanga babikunze, ivyo bigatuma hasohoka amahera make.

    Icabona ariko yubaka igikwa ku nzu yo gusengeramwo.
  • Guhagarikira igikorwa cacu: Ibikorwa birangurirwa ku cicaro gikuru, ku biro vy’amashami be no ku biro vy’ubuhinduzi hamwe n’ibirangurwa n’abagira ingendo baja kuremesha amashengero vyose bishigikirwa n’intererano zitangwa ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose.

    Umwe mu bakora ibikorwa bijanye no guhagarikira igikorwa cacu ariko akorera mu biro.
  • Kuvuga ubutumwa: Ivyabona ntibahemberwa igikorwa bakora co kuvuga ubutumwa no kwigisha abandi “ijambo ry’Imana.” (2 Abakorinto 2:17) Ariko rero, nk’uko vyagenda ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere, Ivyabona bamwebamwe bamenyerejwe maze bagahitamwo kumara umwanya munini mu gikorwa co kuvuga ubutumwa, bararonswa agafashanyo kabayabaye kabafasha kuriha inzu no kuronka utundi tuntu twa nkenerwa.​—Abafilipi 4:16, 17; 1 Timoteyo 5:17, 18.

    Umugabo n’umugore b’Ivyabona bari mu gikorwa co kuvuga ubutumwa. Bariko bereka umugabo umwe ividewo ishingiye kuri Bibiliya.
  • Kwigisha: Amahera akoreshwa mu bikorane vyacu ava mu ntererano dutanga. Vyongeye, turasohora amavidewo be n’ibindi bintu vyo kwumviriza bishingiye kuri Bibiliya. Turatunganya kandi amashure amenyereza abaja imbere abandi be n’abitanga kumara umwanya munini mu bikorwa vyacu kugira ngo bashobore kurangura neza ivyo bikorwa.

    Abantu benshi bitavye igikorane bariko bararaba ividewo.
  • Gutabara abashikiwe n’ivyago: Turaronsa ibifungurwa, amazi be n’uburaro abashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka canke ivyago vyatewe n’abantu. Ivyo bikorwa vyo gutabara ntibigirira akamaro gusa “incuti zacu mu kwizera,” ariko kandi birafasha n’abatari Ivyabona.​—Abagalatiya 6:10.

    Ivyabona benshi bari mu nzu y’ububiko bariko baregeranya ibintu batwara bagiye gutabara abashikiwe n’ivyago.
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika