Ifoto ya NASA
NUGUME URI MASO!
Hoba hari intwaro itekanye ishobora gutegeka isi? Bibiliya ibivugako iki?
Intwaro zo hirya no hino kw’isi ziriko zirashikirwa n’ingorane nyinshi. Mbere no mu bihugu biboneka ko bitekanye, intwaro zarahungabanye bivuye ku makuru adahumuriza yerekeye abanyapolitike, abitoje baronse amajwi ahakwa kungana, kudahuza ivyiyumviro mu banyapolitike hamwe n’imigumuko y’abanyagihugu.
Bibiliya ivuga ko hariho intwaro imwe itekanye. Ushobora kuba umaze kwumva ivy’iyo ntwaro. Ni ya ntwaro Yezu Kristu yavuga muri rya sengesho ry’akarorero.
«Nimusenge gutya rero: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru.”»—Matayo 6:9, 10.
Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ubwo Bwami?
Ubwo Bwami ni intwaro itekanye
Ubwo bwami buganza buri mw’ijuru.
Yezu yavuze ko iyo ntwaro ari «Ubwami bwo mw’ijuru.» (Matayo 4:17; 5:3, 10, 19, 20) Ni co gituma yavuze ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.»—Yohani 18:36.
Ubwo Bwami buzosubirira intwaro z’abantu.
Bibiliya ivuga iti: «Ubwo bwami . . . buzojanjagura buherengeteze ubwo bwami bwose [bw’abantu], buce buhangama ibihe vyose ari bwonyene.»—Daniyeli 2:44.
Yezu Kristu ni we Mwami w’Ubwami bw’Imana, kandi ubwo Bwami ntibuzokwigera bukurwaho.
Bibiliya ivuga iti: «Ubutegetsi bwiwe ni ubutegetsi bwamaho, butagira iherezo, kandi ubwami bwiwe ntibuzokwigera busenyurwa.»—Daniyeli 7:13, 14.
Ubwo Bwami buzozana amahoro n’umutekano kw’isi.
Bibiliya ivuga iti: «Umwe wese . . . azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni ata n’umwe amutera ubwoba.»—Mika 4:4.
Nurondere kumenya n’ibindi ku vyerekeye ubwo Bwami
Mu kiringo Yezu yamaze kw’isi, umwanya munini yawumaze ariko «yamamaza inkuru nziza y’Ubwami.» (Matayo 9:35) Vyongeye, yaravuze ubu buhanuzi:
«Iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose, maze iherezo rizoca riza.»—Matayo 24:14.
Muri iki gihe, iyo nkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa mu bihugu birenga 240. Turagusavye wige vyinshi ku vyerekeye ubwo Bwami hamwe n’ukuntu bushobora kukugirira akamaro.
Nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?