ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 100
  • Ingene tworonka icizigiro mu 2024: Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene tworonka icizigiro mu 2024: Bibiliya ibivugako iki?
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya iratanga icizigiro
  • Ingene Bibiliya ishobora kugufasha muri iki gihe
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
  • Imvo zotuma tugira icizigiro mu 2023​—Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Niwizigire ko kazoza ari keza
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 100
Umuntu afise ifoto yerekana ibiti bitotahaye agaca abigereranya n’ibiti biri imbere yiwe bitariko amababi.

Thomas Jackson/​Stone via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Ingene tworonka icizigiro mu 2024: Bibiliya ibivugako iki?

Abantu benshi bibaza ko ata muti w’ingorane zizoshika hirya no hino kw’isi mu 2024. Naho ari ukwo, turashobora kuronka icizigiro ca kazoza. None twogikura he?

Bibiliya iratanga icizigiro

Bibiliya isezerana ko Imana izokuraho ingorane zituma dutakaza icizigiro muri iki gihe. Vuba, Imana «izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.»​—Ivyahishuwe 21:4.

  • Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya idusezeranira muri kazoza, nusome ikiganiro kivuga ngo «Niwizigire ko kazoza ari keza.»

Ingene Bibiliya ishobora kugufasha muri iki gihe

Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza gishobora gutuma utihebura kandi ukizigira ko ibintu bizogenda neza. (Abaroma 15:13) Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zirashobora no kugufasha kwihanganira ingorane woba ufise nk’ubukene, akarenganyo n’indwara.

  • Raba ukuntu icizigiro Bibiliya itanga cafashije umugabo umwe kuronka amahoro n’umunezero naho yakuze akenye. Raba ividewo ivuga ngo Juan Pablo Zermeño: Yehova yarampaye ubuzima bufise intumbero.

  • Raba ingene Bibiliya ishobora kugufasha kumenya ukuntu wovyifatamwo neza igihe wiyagiriza, ubabaye, ufise amaganya canke igihe wabuze uwawe. Nusome ikiganiro kivuga ngo «Noba noshobora kuronka ivyiyumviro vyondemesha muri Bibiliya?»

  • Umugore umwe yahoze ari umusoda avuga ko yari umuntu «yashishwe kandi atitaho abandi.» Nurabe ukuntu kwiga Bibiliya vyamufashije kuronka icizigiro. Nurabe ividewo ivuga ngo Narashize inkoho hasi.

Raba ingene Bibiliya ishobora kugufasha kugira ngo umwaka wa 2024 ukugendere neza, wewe n’umuryango wawe. Nugerageze kwiga Bibiliya natwe ata co urishe. Nurabe ukuntu Imana ishobora gutuma ugira «ivyiyumviro vy’amahoro» muri iki gihe, kandi ukagira «kazoza n’icizigiro.»​—Yeremiya 29:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika