TheCrimsonMonkey/E+ via Getty Images
ISEKEZA RIDASANZWE
Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’ingorane ziri mu bidukikije?
«Ingorane zikomeye ziterwa n’ikirere ziriko ziratuma abantu, ibisagara n’ibinyabuzima vyose bitoroherwa. Ibihuhusi bikomeye, bikaba mbere birushiriza gukomera kubera ihinduka ry’ikirere, biriko birasambura amazu, bigatuma kw’isi yose bitoroha ko abantu baronka ikibabeshaho. Ibinyabuzima biba mu mabahari biriko birahura n’ubushuhe bwinshi, ivyo bikaba bishobora gutuma ibikoko vyinshi bipfa.»—Vyavuzwe na Inger Andersen, icegera ca kabiri c’umunyamabanga mukuru wa ONU akaba n’umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibidukikije, itariki 25 Mukakaro 2023.
Intwaro zoba zizoja hamwe kugira zitorere umuti ivyo bibazo bihanze isi? Zoba hoho zishoboye kubikuraho burundu?
Bibiliya iravuga intwaro ishoboye gutorera umuti ingorane zose ziri mu bidukikije kandi ikaba izobikora. Ivuga ko «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami», ni ukuvuga intwaro izotorera umuti ingorane ziri kw’isi yose. (Daniyeli 2:44) Muri iyo ntwaro izoganza isi yose, abantu “nta ngorane n’imwe bazoteza canke ngo bagire ico bonona,” haba hagati yabo canke kw’isi.—Yesaya 11:9.