Hejuru i bubamfu: Marek M. Berezowski/Anadolu Agency via Getty Images; hasi i bubamfu: Halfpoint Images/Moment via Getty Images; hagati: Zhai Yujia/China News Service/VCG via Getty Images; hejuru i buryo: Ismail Sen/Anadolu Agency via Getty Images; hasi i buryo: E+/taseffski/via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Umwaka wa 2023 waranzwe n’ingorane: Bibiliya ibivugako iki?
Ibintu vyabaye hirya no hino kw’isi mu 2023, birerekana ko tubayeho mu kiringo Bibiliya yita «imisi ya nyuma.» (2 Timoteyo 3:1) Nurabe ingene ibiriko biraba bihuye n’ibintu Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye muri iki gihe.
Ibintu Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye
«Intambara n’amakuru y’intambara.»—Matayo 24:6.
«Imishamirano ikomeye iriko iriyongera ahantu henshi kw’isi.»a
Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Ni nde azokiza abanyagihugu?» hamwe n’ikivuga ngo «Amahera akoreshwa mu gisirikare ararenga imiliyaridi 2.000 z’amadolari.»
«Vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi.»—Mariko 13:8.
«Kuva mu ntango z’umwaka wa 2023, harabaye ibinyamugigima bikomakomeye 13 hirya no hino kw’isi, ico akaba ari kimwe mu bitigiri biri hejuru vya nyamugigima zabaye mu mwaka umwe, kuva batanguye kubika amakuru ajanye n’ibinyamugigima vyagiye biraba.»b
Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Ibinyamugigima bikomeye vyarateye muri Tirkiya no muri Siriya.»
«Ibintu biteye ubwoba.»—Luka 21:11.
«Igihe c’ubushuhe kw’isi yose carangiye; ubu hoho haje igihe co kwaka kubera ubushuhe bukaze.»—Vyavuzwe na António Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU.c
Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bushuhe bukaze bwo mu ci ryo mu 2023?»
«Inzara.»—Matayo 24:7.
«Mu mwaka wa 2023, abantu ntiborohewe kuronka ibitunga imiryango yabo.»d
Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuntu intambara be n’ihindagurika ry’ikirere biriko birateza inzara kw’isi?»
«Ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.»—2 Timoteyo 3:1.
«Hirya no hino kw’isi, umuntu umwe mu bantu umunani arafise ingorane kanaka yo mu mutwe.»e
Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ingene indwara zo mu mutwe zirushiriza kwongerekana ku bakiri bato?»
Twokwitega iki mu 2024?
Nta n’umwe yoshobora kuvuga atihenda ibizoba mu 2024. Ariko ibiriko biraba kw’isi birerekana ko Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru, bugiye gusubirira intwaro z’abantu, maze bukureho ibintu vyose bituma abantu bashikirwa n’ingorane be n’amaganya.—Daniyeli 2:44; Ivyahishuwe 21:4.
Mu kurindira, igihe twumva dufise amaganya, nidusabe Imana idufashe. Bibiliya ivuga iti:
«Ni wewe nizigira igihe mfise ubwoba.»—Zaburi 56:3.
Twokwerekana gute ko twizigira Imana? Turagusavye urondere kumenya n’ibindi Bibiliya isezerana ku bijanye n’ingene muri kazoza ingorane zose zizoba zakuweho. Nugerageze kwiga Bibiliya natwe ata co urishe kugira ubone ingene ivyo Bibiliya isezerana bishobora kugirira akamaro wewe n’umuryango wawe.
a Foreign Affairs, “A World at War: What Is Behind the Global Explosion of Violent Conflict?” by Emma Beals and Peter Salisbury, ku wa 30 Gitugutu 2023.
b Earthquake News, “Year 2023: Number of Major Earthquakes on Course for Record,” ku wa 27 Mukakaro 2023.
c Ikiganiro umunyamabanga mukuru wa ONU yagiraniye n’abanyamakuru ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere, ku wa 27 Mukakaro 2023.
d Raporo y’Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kurwanya inzara (PAM) ku bijanye n’ubukene bw’ibifungurwa kw’isi yose.
e Raporo y’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS yasohotse itariki 10 Gitugutu 2023 ku musi wahariwe amagara yo mu mutwe.