ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 88
  • Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’intambara?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’intambara?
  • Ibindi biganiro
  • Ivyo bijanye
  • Intambara zizovaho ryari? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Ni nde azokiza abanyagihugu? Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
  • Umwaka uraheze intambara yo muri Ukraine itanguye: Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?
    Ibindi biganiro
  • Umwaka wa 2023 waranzwe n’ingorane: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 88
Umuntu ariko arasunika ikinga ryiwe mw’ibarabara ryononywe n’intambara, ryuzuyemwo ibicafu n’ibiduga vy’intambara vyapfuye.

Chris McGrath/Getty Images

ISEKEZA RIDASANZWE

Ubwami bw’Imana buzokora iki ku bijanye n’intambara?

Isi ibandanya kwononwa n’intambara zitera imibabaro n’ingorane bitovugwa. Raba aya maraporo:

  • «Ugereranije abahitanywe n’intambara mu mwaka umwumwe kuva mu 1994, muri uwu mwaka uheze ni ho hapfuye abantu benshi kuruta bahitanywe n’intambara, canecane bivuye ku ntambara yabaye muri Etiyopiya no muri Ukraine.»​—Vyavuzwe n’Urwego rumwe rurondera amahoro rw’i Oslo, ku wa 7 Ruheshi 2023.

  • «Intambara yo muri Ukraine ni imwe mu ntambara zari zikomeye cane mu zabaye mu 2022. Mu mwaka uheze, hirya no hino kw’isi ububisha bwariyongereye gushika ku bice 27 kw’ijana bivuye ku kudahuza mu vya politike, bukaba bwaragize ingaruka ku bantu nk’umuliyaridi n’imiliyoni amajana indwi.»​— Vyavuzwe n’ikigo kimwe kiraba ivy’intambara (ACLED), ku wa 8 Ruhuhuma 2023.

Bibiliya iratanga icizigiro. Ivuga ko «Imana yo mw’ijuru izoshiraho ubwami butazokwigera busenyurwa.» (Daniyeli 2:44) Igihe ubwo Bwami buzoba buganza, Imana «[izohagarika] intambara kw’isi yose.»​—Zaburi 46:9.

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ikinyamakuru «Umunara w’Inderetsi» gifise umutwe uvuga ngo «Ubwami bw’Imana ni iki?»

Kuva muri Nyakanga  2023, Ivyabona vya Yehova bariko baragira uruhara mw’isekeza ryo kw’isi yose ryo kumenyesha abantu ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’iki ciyumviro gihambaye. Turagusavye usome iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi gifise umutwe uvuga ngo «Ubwami bw’Imana ni iki?» Nurabe inyishu z’ibibazo nk’ibi:

  • Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

  • Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

  • Ubwami bw’Imana buzokora ibiki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika