Ahmad Gharabli/AFP via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Ibihugu vyoba vyoja hamwe kugira birwanye ihindagurika ry’ikirere?—Bibiliya ibivugako iki?
Ku wa mungu, igenekerezo rya 20 Munyonyo 2022, inama igira 27 y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijanye n’ivy’ihindagurika ry’ikirere (COP27) yarasozerewe. Muri iyo nama, barapfunditse ko bofasha ibihugu bikenye guhangana n’ingorane ziterwa n’ihindagurika ry’ikirere. Naho biri ukwo, abenshi babona ko ivyo bitazotorera umuti ingorane nyezina.
“Ndahimbawe n’uko twafashe ingingo yo gushiraho ikigega kigenewe gufasha ibihugu biriko birashikirwa n’ingaruka ziterwa n’ihindagurika ry’ikirere. Ariko turazi ko ivyo bidahagije . . . Umubumbe wacu uracakeneye gutabarwa vyihutirwa.” Vyavuzwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres, ku wa 19 Munyonyo 2022.”
“Ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere, isi igeze ahatemba.” Vyavuzwe na Mary Robinson, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Irlande akaba n’uwahoze ari komiseri mukuru w’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, ku wa 20 Munyonyo 2022.
Urwaruka rurarajwe ishinga cane na kazoza k’uyu mubumbe wacu. Ariko none ibihugu vyoba bishobora gukorera hamwe kandi bigashitsa ico vyiyemeje ku bijanye no kurwanya ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere? Bibiliya ibivugako iki?
Ibihugu vyoba bizororanirwa bigize urunani?
Bibiliya iratomora ko naho hari abagerageza kugira utwigoro tudasanzwe mu kurwanya ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere, kandi bakabitumwa n’imvo nziza, ivyo bashikako bizoguma bifise aho bigarukira. Raba imvo zibiri zibituma:
“Igihetamye ntigishobora kugororwa.”—Umusiguzi 1:15.
Ico bisobanura: Intwaro ziri n’aho zigarukiriza kubera ko abantu bataremwe kugira ngo bitegeke. (Yeremiya 10:23) Naho ibihugu vyogira urunani, ntibizokwigera bishobora gutorera umuti ingorane zihanze isi, naho bokora iki.
“Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . badashaka kwumvikana na gato.”—2 Timoteyo 3:2, 3.
Ico bisobanura: Bibiliya yari yaravuze itihenda ko muri iki gihe abantu bobaye bikunda kandi badashaka gukorana mu bumwe ku bw’ineza y’abandi.
Igituma twogira icizigiro
Naho ari ukwo, kazoza k’uyu mubumbe wacu ntigahagaze ku vyo intwaro z’abantu zisezerana. Imana yarashizeho Umutware w’isi abishoboye akaba ari Yezu Kristu. Ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga iti:
“Ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza, Imana ikomeye, Data ahoraho, Umuganwa w’amahoro.”—Yesaya 9:6.
Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru. (Matayo 6:10) Arafise ububasha, ubukerebutsi, hamwe n’icipfuzo co kwitaho uyu mubumbe wacu hamwe n’abawubako. (Zaburi 72:12, 16) Igihe azoba ategeka iyo ntwaro yo mw’juru, azokuraho abo bose bariko “bahonya isi” yongere atume ibidukikije bisubira kumera neza.—Ivyahishuwe 11:18; Yesaya 35:1, 7.
Kugira umenye vyinshi ku bijanye n’ikintu kizotorera umuti urama ingorane zijanye n’ihindagurika ry’ikirere, nusome ikiganiro kivuga ngo: “Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere na kazoza kacu?” (Kiraboneka mu gifaransa.)