ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 17
  • Ingene wokwigerera mu kunywa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wokwigerera mu kunywa
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kunywa ku rugero bisobanura iki?
  • Ibimenyetso vyerekana ko urenza urugero mu kunywa
  • Ibintu bitanu vyogufasha kwigerera mu kunywa
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nubone inzoga nk’uko Imana izibona
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Nugumane uburimbane mu kuntu ubona ivy’ukunywa inzoga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 17
Umugore ariko arihweza ikirahuri c’inzoga yicaye muhira wenyene.

Ingene wokwigerera mu kunywa

Abantu benshi iyo bataye umutwe, bafise irungu canke barambiwe, baca banywa inzoga nyinshi. Woba usigaye unywa inzoga nyinshi kuruta uko wahora? Nimba ari ukwo biri, womenya gute ko utariko urarenza urugero canke ko inzoga zitariko zirakwizizira? Raba ivyiyumviro bimwebimwe vyogufasha kwigerera mu kunywa.

  • Kunywa ku rugero bisobanura iki?

  • Ibimenyetso vyerekana ko urenza urugero mu kunywa

  • Ibintu bitanu vyogufasha kwigerera mu kunywa

Kunywa ku rugero bisobanura iki?

Ico Bibiliya ivuga: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.”​—Imigani 23:20.

Rimbura iki kintu: Bibiliya ntibuza kunywa ku rugero. (Umusiguzi 9:7) Ariko, irerekana ko hariho itandukaniro hagati yo kwigerera mu kunywa, kunywa birenze urugero no kuborerwa. (Luka 21:34; Abanyefeso 5:18; Tito 2:3) Naho utoba waborewe, kunywa inzoga nyinshi birashobora gutuma utaba ugifata ingingo neza, bikabangamira amagara yawe hamwe n’ubucuti ufitaniye n’abandi.​—Imigani 23:29, 30.

Abategetsi benshi barazi ko hariho itandukaniro hagati yo kwigerera mu kunywa no kunywa birenze urugero. Ivyo babifatira ku gitigiri c’amacupa umuntu anywa ku musi hamwe no ku ncuro umuntu anywa mu ndwi.a Ariko ntiwumve, inzoga ntizimerera kumwe abantu bose. Hari igihe usanga ikintu ciza umuntu yokora kwoba ukuziheba. Rya Shirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) rivuga riti:

“No kunywa icupa rimwe canke abiri birashobora kuba ukurenza urugero, nk’akarorero:

  • Igihe umuntu yoba ariko aratwara imodoka canke ariko arakoresha imashini ishobora guteza isanganya.

  • Igihe umuntu yibungenze canke yonsa.

  • Igihe umuntu ariko arafata imiti imwimwe.

  • Igihe umuntu arwaye indwara izirana n’inzoga.

  • Igihe umuntu adashobora kwigerera mu kunywa.”

Ibimenyetso vyerekana ko urenza urugero mu kunywa

Ico Bibiliya ivuga: “Duserangure inzira zacu, tuzigendure.”​—Gucura intimba 3:40.

Rimbura iki kintu: Urashobora kwikingira ingaruka mbi ziva ku nzoga hamwe wokwama usuzuma ukuntu unywa maze ukagira ivyo uhinduye igihe bikenewe. Raba ibimenyetso bimwebimwe vyerekana ko urenza urugero.

  • Kugira wumve ko ufise umunezero ubwirizwa kunywa inzoga. Wumva ko utegerezwa kunywa kugira uruhuke canke uhimbarwe. Uranywa kugira ushobore kwihanganira ingorane ufise.

  • Usigaye unywa cane kurusha uko wahora. Usigaye unywa kenshi, ukanywa inzoga zikaze kandi bigasaba ko unywa nyinshi kuruta kugira wumve ko inyota iheze.

  • Inzoga zaraguteje ingorane muhira canke ku kazi. Nk’akarorero, amahera unywa ni menshi kurusha ayo winjiza.

  • Urafata ingingo zo gukora ibintu biteye akaga kandi wanyoye, nko gutwara umuduga, kwoga mu kiyaga canke gukoresha imashini ishobora guteza isanganya.

  • Hari abamaze guserura ko bahagaritswe umutima n’ukuntu unywa. Iyo babikubwiye, uca urondera kwisigura. Uragerageza guhisha abandi ko wanyoye canke bakubajije igitigiri c’amacupa wanyoye, ukabesha.

  • Utanguye kunywa birakugora guhagarika. Waragerageje kugabanya inzoga unywa canke kuziheba, ariko vyaranse.

Ibintu bitanu vyogufasha kwigerera mu kunywa

1. Niwishingire urutonde.

Ico Bibiliya ivuga: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

Ikirangamisi.

Nugerageze iki kintu: Nuhitemwo imisi yo mu ndwi uzonywa inzoga. Nushinge urugero rubereye rw’inzoga uzonywa kuri iyo misi. Buri ndwi, nurabe n’imiburiburi imisi ibiri utazonywa inzoga.

Ishirahamwe ryo mu Bwongereza ryigisha ibijanye no kwigerera mu kunywa rivuga riti: “Kuza umuntu araruhuka kunywa inzoga ni bwo buryo bwiza bwo kwirinda kwizizirwa na zo.”

2. Niwisunge urutonde rwawe.

Ico Bibiliya ivuga: ‘Nimurangize ivyo mwatanguye gukora.’​—2 Abakorinto 8:11.

Ikirahuri c’inzoga kiri iruhande y’icupa ririmwo umutobe.

Nugerageze iki kintu: Numenye icupa rigereranye wofatirako kugira ushobore guharura neza amacupa unywa. Nurondere ibinyobwa bitaboreza woshima, bibe ari vyo uza uranywa.

Urwego rw’igihugu rujejwe ivyo kwirinda kurenza urugero mu kunywa no kwizizirwa n’inzoga rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruvuga ruti: “Ugize utuntu dutoduto uhinduye, birashobora kugabanya ingorane woterwa n’inzoga.”

3. Niwumire ku ngingo wafashe.

Ico Bibiliya ivuga: “Ego yanyu ibe Ego, Oya yanyu na yo, Oya.”​—Yakobo 5:12.

Umuntu yanse kwakira ikirahuri c’inzoga.

Nugerageze iki kintu: Niwame witeguriye kuvuga “Oya” mu rupfasoni hagize umuntu aguha inzoga zotuma urenga ku ngingo wishingiye.

Rwa Rwego rw’igihugu rujejwe ivyo kwirinda kurenza urugero mu kunywa no kwizizirwa n’inzoga rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruvuga kandi ruti: “Uvuze oya udatebaganye biratuma bitoroha ko ugondozwa.”

4. Nugume uzirikana ivyiza bizova ku ngingo wafashe.

Ico Bibiliya ivuga: “Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco.”​—Umusiguzi 7:8.

Urutonde.

Nugerageze iki kintu: Niwandike imvo zituma wipfuza kwumira ku ngingo wafashe yo kutarenza urugero mu kunywa. Nushiremwo ivy’uko bigufasha gusinzira neza, kugira amagara meza, kutonona amahera yawe no gukomeza ubucuti ufitaniye n’abandi. Igihe ubwira abandi iyo ngingo wafashe, nushimike ku vyiza uharonkera, ntushimike ku kuntu kuyishira mu ngiro ari urugamba.

5. Nusabe Imana igufashe.

Ico Bibiliya ivuga: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—Abafilipi 4:13.

Umuntu ariko arasenga.

Nugerageze iki kintu: Nimba uhagaritswe umutima n’ukuntu unywa inzoga, niwiture Imana igufashe. Nuyisabe iguhe inkomezi n’ukwigumya.b Vyongeye, nufate akanya ko kurondera ubukerebutsi ngirakamaro buri mw’Ijambo ryayo Bibiliya. Imana igufashije, uzoshobora kuguma wigerera mu kunywa.

a Nk’akarorero, Urwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rujejwe amagara y’abantu no kubafasha ruvuga ko kunywa birenze urugero ari “ku mugore: kunywa amacupa 4 canke arenga ku musi canke amacupa 8 canke arenga ku ndwi; ku mugabo: kunywa amacupa 5 canke arenga ku musi canke amacupa 15 canke arenga ku ndwi.” Amategeko ajanye no kunywa inzoga aratandukanye bivanye n’igihugu. Nubaze rero umuganga urugero rw’inzoga utorenza.

b Nimba bidakunda ko wigerera mu kunywa, woshobora kandi kwitura abahinga kugira bagufashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika