ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 184
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni impanuro izihe Imana itanga zijanye n’umubano?
  • Bite ho ku bijanye no gutandukana no kwahukana?
  • Vyoba ari ngombwa ko umubano wandikwa imbere y’amategeko kugira wemerwe n’Imana?
  • Ni ibiki Bibiliya isaba abagabo n’abagore?
  • Imana yoba itegeka abubakanye kuvyara abana?
  • Bibiliya yomfasha gute mu mubano?
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nimwubake urugo rukomeye kandi rurangwa agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Mu Gihe Umubano w’Ababiranye Uri mu Gusambuka
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 184
Abubakanye barahimbawe kuba bari kumwe bariko barasangira.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?

Inyishu Bibiliya itanga

Inyuma y’aho Imana iremeye umugabo n’umugore ba mbere, yaciye ibashira hamwe ngo babane. Yatunganije umubano kugira habe ahantu hatekanye umugabo, umugore n’abana bashobora kuba.​—Itanguriro 1:27, 28; 2:18.

Imana yipfuza ko abubakanye bahimbarwa. (Imigani 5:18) Muri Bibiliya, Imana iratanga impanuro zifasha mu mubano hamwe n’ingingo ngenderwako zishobora gutuma abubakanye baroranirwa.

Muri iki kiganiro turaza kubona ibi bikurikira

  • Ni impanuro izihe Imana itanga zijanye n’umubano?

  • Bite ho ku bijanye no gutandukana no kwahukana?

  • Vyoba ari ngombwa ko umubano wandikwa imbere y’amategeko kugira wemerwe n’Imana?

  • Ni ibiki Bibiliya isaba abagabo n’abagore?

  • Imana yoba itegeka abubakanye kuvyara abana?

  • Bibiliya yomfasha gute mu mubano?

  • Ivyanditswe bijanye n’umubano

Ni impanuro izihe Imana itanga zijanye n’umubano?

Kuva mu ntango, Imana yatunganije ko umubano ugirwa n’umugabo umwe n’umugore umwe. (Itanguriro 2:24) Imana ntiyemera ivyo kwubakana n’umuntu arenze umwe, kuryamana kw’abasangiye igitsina canke kwubakana bidaciye mu mategeko. (1 Abakorinto 6:9; 1 Abatesalonika 4:3) Yezu yigishije abayoboke biwe gukurikiza amategeko Imana yatanze kuva mu ntango ajanye n’umubano.​—Mariko 10:6-8.

Imana ibona ko umubano ari uw’ibihe vyose. Igihe umugabo n’umugore bubakanye, basezerana kudahemukiranira no kwama babana igihe cose bazoba bakiriho. Imana yiteze ko bashitsa iyo ndagano.​—Mariko 10:9.

Bite ho ku bijanye no gutandukana no kwahukana?

Hari igihe bishika umugabo n’umugore bakamara igihe kanaka batari kumwe, nk’igihe umwe muri bo yafashe urugendo kugira aje kwitwararika ikintu cihuta mu muryango. Ariko, Bibiliya ivuga ko bitoba ari vyiza gutandukana kubera ingorane zo mu muryango. Ahubwo mu bihe nk’ivyo, isaba abubakanye gutorera umuti izo ngorane.​—1 Abakorinto 7:10.

Ivyanditswe birarekurira abubakanye kwahukana igihe gusa habaye ukurenga ibigo. (Matayo 19:9) Ku bw’ivyo, igihe umugabo n’umugore bahisemwo gutandukana canke kwahukana hatabaye ukurenga ibigo, nta n’umwe muri bo Ivyanditswe birekurira gusubira kwubaka.​—Matayo 5:32; 1 Abakorinto 7:11.

Vyoba ari ngombwa ko umubano wandikwa imbere y’amategeko kugira wemerwe n’Imana?

Imana yiteze ko abakirisu bakurikiza amategeko y’igihugu ajanye n’umubano. (Tito 3:1) Igihe bishoboka ko abubakanye bandikisha umubano wabo, barabigira kugira berekane ko bubaha amategeko y’igihugu hamwe n’itegeko Imana yashizeho rivuga ko umubano ari uw’ibihe vyose.a

Ni ibiki Bibiliya isaba abagabo n’abagore?

  • Ivyo Imana ibasaba bompi. Umugabo n’umugore bakwiye gukundana no kwubahana. (Abanyefeso 5:33) Umwe wese akwiye kwitwararika ivyo mugenziwe akeneye mu vy’igitsina kandi bakirinda guhemukiranira mu buryo ubwo ari bwo bwose. (1 Abakorinto 7:3; Abaheburayo 13:4) Igihe umugabo n’umugore bafise abana na ho, barafashanya mu kubarera.​—Imigani 6:20.

    Inabibondo ariko arafasha agakobwa kiwe gukora agakorwa ko kw’ishure, sebibondo na we ariko arategura ibifungurwa hafi yabo.

    Bibiliya ntitanga amakuru y’ido n’ido y’ukuntu abubakanye bokora akazi hamwe n’ibikorwa vyo muhira. Barashobora kwihitiramwo icokworohera umuryango wabo.

  • Ivyo umugabo asabwa. Bibiliya ivuga ko “umugabo ari umutwe w’umugore wiwe.” (Abanyefeso 5:23) Ni umutwe mu buryo bw’uko ari we akwiye kuyobora umuryango wiwe, agafata ingingo zigirira akamaro umugore wiwe n’abana.

    Abubakanye bariko basomera hamwe Bibiliya bongera banywa aka jus.

    Ategerezwa kwiyemeza neza ko baronka ivyo bakeneye kugira bagumane amagara meza, bahimbarwe kandi bagume biyegereje Imana. (1 Timoteyo 5:8) Arerekana ko aha agaciro kamere z’umugore wiwe be n’ivyo ashoboye mu gusenyera ku mugozi umwe na we hamwe no mu kutirengagiza ivyiyumviro ashikiriza n’ukuntu yiyumva igihe bafata ingingo. (Imigani 31:11, 28) Bibiliya ivuga ko umugabo ategerezwa kwitwararika ivyo asabwa abigiranye urukundo.​—Abakolosayi 3:19.

  • Ivyo umugore asabwa. Bibiliya ivuga ko “umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.” (Abanyefeso 5:33) Igihe umugore yubaha ibanga Imana yajeje umugabo irahimbarwa.

    Umugabo n’umugore bariko baraganira ibijanye n’amahera bafise.

    Afise ibanga ryo gufasha umugabo wiwe gufata ingingo nziza no gushigikira ubukuru bwiwe. (Itanguriro 2:18) Bibiliya irashimagiza umugore ashitsa ibanga ryiwe ridasanzwe mu mubano.​—Imigani 31:10.

Imana yoba itegeka abubakanye kuvyara abana?

Oya. Muri kahise, Imana yarategetse abasavyi bayo bamwebamwe kuvyara. (Itanguriro 1:28; 9:1) Ariko abakirisu ntibacisunga iryo tegeko. Yezu ntiyigeze ategeka abayoboke biwe kuvyara. Eka nta n’umwe mu bigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere yavuze ko abubakanye bategerezwa kugira abana. Abubakanye ni bo bihitiramwo nimba bazovyara.

Bibiliya yomfasha gute mu mubano?

Bibiliya irimwo impanuro zishobora gufasha abubakanye gutangura neza umubano. Vyongeye, impanuro zo muri Bibiliya zirashobora gufasha abubakanye kwirinda ingorane canke kuzitorera umuti.

Impanuro zo muri Bibiliya zirashobora gufasha abubakanye . . .

  • kugaragarizanya urukundo nyakuri.​—1 Abakorinto 13:4-7; Abakolosayi 3:14.

  • gutorera umuti ukutumvikana.​—1 Abakorinto 10:24.

  • gutegana yompi.​—Yakobo 1:19.

  • kugaragarizanya icubahiro.​—Abaroma 12:10.

  • kubabarirana.​—1 Petero 4:8.

  • kudahemukiranira.​—Mariko 10:9.

  • kwihanganirana.​—Abanyefeso 4:2, 3.

  • gusenyera ku mugozi umwe.​—Umusiguzi 4:9.

  • gukomeza umubano.​—Indirimbo ya Salomo 8:7.

a Ushaka kumenya ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’umubano ushingwa hisunzwe imico kama, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2006, urupapuro rwa 21, ingingo ya 12.

Ivyanditswe bijanye n’umubano

Imigani 18:22: “Hari uwaronse umugore mwiza? Yaronse ikintu ciza.”

Ico bisobanura: Bibiliya iravuga ko umubano ari ikintu ciza.

Malaki 2:15: “Ntihagire n’umwe ahemukira umugore wo mu buto bwiwe.”

Ico bisobanura: Imana yipfuza ko abagabo n’abagore badahemukiranira kandi ko bubahana naho boba bamaze imyaka myinshi bubakanye.

Mariko 10:9: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.”

Ico bisobanura: Imana yategekanije ko umubano uba uw’ibihe vyose.

Abaheburayo 13:4: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose.”

Ico bisobanura: Abubakanye bakwiye guha agaciro umubano wabo no kwihata kugira bawukingire.

1 Abakorinto 7:28: “Abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo.”

Ico bisobanura: Nta mubano n’umwe utunganye. Abubakanye barakeneye gusenyera ku mugozi umwe kugira batorere umuti ingorane

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika