ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 60-65
  • Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Aziya n’ibihugu vy’Abarabu
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Udutwe
  • Ikiyago cavuyemwo ivyiza vyinshi
  • Ubuhinga bwa none burabafasha gutora abaragi
  • Umutegetsi yarabashimiye
  • Isengesho ryiwe ryarishuwe
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 60-65
Ivyabona vya Yehova b’i Macao bariko barabwira inkuru nziza umugore umwe

Macao

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Aziya n’ibihugu vy’Abarabu

  • IBIHUGU 49

  • ABANYAGIHUGU 4.464.374.770

  • ABAMAMAJI 728.989

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 771.272

Ikiyago cavuyemwo ivyiza vyinshi

Muri Filipine, Jonathan yari arindiriye umuganga. Umukenyezi yitwa Laila yakira abaje kwa muganga abonye ukuntu yambaye neza, yaciye yibaza ko akora mw’ishirahamwe rya asiransi. Jonathan yaramusiguriye ko ari Icabona ca Yehova be n’uko yaje gufasha Icabona yari arwaye. Laila yaratangaye, aca abwira Jonathan ko se wiwe akiriho yakunda gusoma Umunara w’Inderetsi. Jonathan yaramusomeye Yohani 5:28, 29 araheza amuha agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?

Jonathan ariko araha agapapuro k’inkuru nziza umugore akora kwa muganga muri Filipine

Filipine: Jonathan ariko arabwira inkuru nziza Laila

Jonathan agarutse kuri ivyo bitaro, yaje amuzaniye ibindi bitabu aca aramuronderera uwumwigisha Bibiliya. Bidatevye umugabo wa Laila, mwene wabo na Laila na nyina wa Laila, bose bakaba barabana, na bo nyene baratanguye kwiga.

Umubanyi wa Laila yitwa Rose yaramubajije igituma agenderwa n’abashitsi benshi. Laila yaramusiguriye ko yiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Rose na we nyene yaciye atangura kwiga, kandi igihe yaja kuraba mwene wabo ku gatumba, yaciye amubwira n’akamwemwe ivyo yariko ariga. Mwene wabo Abigail yaciye yipfuza kumenya n’ibindi, aca arasaba kwiga Bibiliya. Nyina wa Rose na we nyene yaremeye kwiga Bibiliya.

Laila yabatijwe kw’ihwaniro ry’akarere riheruka, kandi na nyina wiwe aramaze kubatizwa. Rose na mwene wabo babatijwe mu mwaka uheze. Nyina wa Rose ubu ntasiba ku makoraniro. Na bamwe mu ncuti za Laila barabandanya kwiga Bibiliya. Ivyo vyose vyavuye kuri ca kiyago Jonathan yagirana na Laila kwa muganga!

Ubuhinga bwa none burabafasha gutora abaragi

Kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri Sri Lanka biriko biratera imbere. Mu 2015, Ivyabona bari bafise aderese z’abaragi badashika 80 zanditse ku mpapuro. Kuva ico gihe, harashinzwe ishengero rya mbere ry’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Sri Lanka. Baciye bandika muri orodinateri amazina y’abaragi 420 na aderese zabo ziri kumwe n’amakuru afasha umuntu kubona aho baba akoresheje ubuhinga bwa none. Abavukanyi baramaze kuvugana n’abashika 80 kw’ijana muri bo, haba amaso mu yandi, kuri mesaje canke mu kuyaga babonana bakoresheje ubuhinga bwa none. Umugabo n’umugore b’abamisiyonari bavuga bati: “Ubu turashobora guha abamamaji b’abaragi ivyibare bakoreramwo. Kare bagendera gusa abaragi basanzwe bazinanye.”

Umutegetsi yarabashimiye

Abavukanyi bo muri Mongoliya baramamaza ku mugaragaro n’igihe haba hakanye biteye ubwoba. Umutegetsi umwe yaratoye ibitabu maze mu nyuma arandika agakete ko gushima. Kavuga gati: “Ndi umubuda. Ariko ndasoma n’ibitabu vy’ayandi madini, kuko ngendera ku ciyumviro c’uko tudakwiye kwumira ku nzira imwe, ahubwo ko tworonderera n’ahandi. Igihe nasoma bimwe mu bitabu muha abantu, naciye nipfuza kubandikira aka gakete. Biraboneka neza ko mukoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi kugira muronse abantu amakuru yobafasha. Ibitabu vyanyu vyaramfashije kubona ko Bibiliya ari igitabu dukwiye gusoma. Kirimwo ukuri. Bibiliya irimwo impanuro nziza zidufasha mu buzima. Ndashimiye abo bose bigora kugira bahindure ibitabu mu kimongoliya. Ndashimiye n’abo bose bitanga bakaduha ivyo bitabu, haba ku ruzuba canke mu gikonyozi.”

Ivyabona vya Yehova bo muri Mongoliya bariko baramamaza ku mugaragaro mu mbeho y’igikonyozi

Mongoliya: Kwamamaza ku mugaragaro mu mbeho

Isengesho ryiwe ryarishuwe

Umutsimvyi wo muri Hong Kong yitwa Brett yaraganiriye n’umugabo umwe, aramuha agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ni igiki cotuma mu rugo harangwa agahimbare? Uwo mugabo akabonye yaciye akorora amosozi. Yavuze ko yakuriye mu kuri, ariko ko yaciye yomoka afise imyaka 16. Imyaka itanu yakurikiye yayimaze aba mw’ibarabara. Yahavuye yizizirwa n’ibiyayuramutwe gushika atowe n’abagiraneza.

Yavuze kandi ko muri ico gitondo yari yasavye Imana ati: “Nimba idini nakuriyemwo ari iry’ukuri, ndagusavye ubinyereke uno musi.” Yabona ko isengesho ryiwe ryishuwe. Baciye bicara ahantu bararabira hamwe ibivugwa mu gatabu Nugaruke kuri Yehova. Kubera ko uwo mugabo yagomba gusubira mu Bufaransa kuri uwo mugoroba, barahanye inomero za telefone. Mu nyuma, yandikiye Brett ati: “Muvukanyi wanje, Yehova yarishuye amasengesho yanje. Ku wa mungu nzoja ku makoraniro.” Amaze gushika mu Bufaransa yararondeye Ivyabona aca aratangura kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika