ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 48-53
  • Afrika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Afrika
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
  • Udutwe
  • Yarasenze ngo aronke abaragi
  • “Wamenga ni je bariko barabwira!”
  • ‘Jewe sindi umupagani’
  • Basidukanye n’iyonka
  • Agatabu karafashije umubano wiwe
  • Yaragahinduye mu rurimi rwiwe
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 48-53
Abantu bo muri Sierra Leone bariko bararangira Crystal ahari abaragi

Sierra Leone: Bariko bararangira Crystal ahari umuragi

KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Afrika

  • IBIHUGU 58

  • ABANYAGIHUGU 1.109.511.431

  • ABAMAMAJI 1.538.897

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 4.089.110

Yarasenze ngo aronke abaragi

Crystal ni umumisiyonari wo muri Sierra Leone yamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso. Umusi umwe mu gitondo yarasenze asaba ko yoronka abaragi mu cibare ciwe. Muri ico gitondo, yaragiye kuraba umuntu bari baraganiriye, ariko aca mu nzira atahora acamwo. Yarabajije abantu ko ata baragi baba muri ako karere, baca baramwereka umuhana umwe. Yahasanze umugore akiri muto w’umutima mwiza. Uwo mugore yarashimishijwe n’ukuri yongera aremera kwitaba amakoraniro aba mu rurimi rw’ibimenyetso. Abantu bo muri urwo rugo baciye babwira Crystal ngo bamwereke ahandi hantu hari umuragi. No ng’aho nyene yahasanze umuntu yicisha bugufi anyotewe ukuri. Naho Crystal yari amaze gukorera kuri iryo barabara incuro nyinshi, ntiyari bwigere abona abo baragi babiri. Avuga ko atari kwigera aronka abo bantu iyo Yehova atamufasha.

“Wamenga ni je bariko barabwira!”

Muri Liberiya, umuvukanyi yitwa Emmanuel yariko aja ku makoraniro n’imodoka. Yarabonye umusore ahagaze kw’ibarabara yambaye neza ariko asa n’uwubabaye cane. Emmanuel yaciye yumva ko yohagarara kugira amubaze ingorane afise. Uwo musore yamubwiye ko yitwa Musa. Yashaka kwiyahura kuko bari baraye bamwivye amahera yiwe yose. Emmanuel yaramuteze ugutwi, aca amubwira ati: “Ingo twijanire ku Ngoro y’Ubwami.” Baciye bajana. Ivyo yahumviye vyatumye akorora amosozi. Insiguro ya bose irangiye, Musa yaciye avuga ati: “Wamenga ni je bariko barabwira! Ivyabona vya Yehova ntimusanzwe.” Amakoraniro aheze, Musa yaremeye kwiga Bibiliya, kandi ntasiba ku makoraniro.

‘Jewe sindi umupagani’

Aminata ni umunyeshure w’imyaka 15 wo muri Guinée-Bissau. Igihe yari afise imyaka 13, umwigisha yarabasavye gucapa ibintu abaja mu birori vyo kwidagadura bita carnaval bambara kugira biyoberanye. Aminata yaciye yicapira ibikoko n’ibiti, aca yandikako ngo “Iparadizo.” Umwigisha amaze gutora impapuro, yabwiye Aminata ko yacafye ivyo atababwiye, aca amuha ubusa. Batashe, Aminata yaciye abaza uwo mwigisha ati: “Ibirori vya carnaval bigirwa na bande?”

Umwigisha yamwishuye ati: “Abapagani.”

Aminata, umunyeshure w’imyaka 15 wo muri Guinée-Bissau ariko aracapa Iparadizo

Guinée-Bissau: Aminata ariko aracapa “Iparadizo”

Aminata na we ati: “Jewe sindabijamwo kuko ntari umupagani. Ndazi ko Imana iri mu guhindura isi iparadizo. Iyo paradizo ni yo nacafye.” Umwigisha yaciye amubwira ko azomuha ikindi kibazo co kwandika. Aminata yaciye aronka 18 ku 20.

Basidukanye n’iyonka

Mu kagwati kamwe kari kure cane muri Malawi hariyo umugwi ugizwe n’abamamaji indwi. Bagirira amakoraniro mu nzu y’ivyatsi. Indemesho baronse mu ndwi idasanzwe zatumye bagira umwete wo gutumira abantu ku Cibutso. Umuvukanyi yatanze insiguro y’Icibutso yari amurikiwe n’amatara y’ipeteroli yari amanitse ku biti. Ariko vyasa n’uko atagira isaganirizo kubera abantu bari benshi cane. Ba bamamaji 7 bararyohewe cane bumvise ko abitavye Icibutso bari 120!

Icibutso cabereye mu karere ka kure ko muri Malawi citabwe n’abantu 120

Malawi: Haje abantu 120

Agatabu karafashije umubano wiwe

Kwamamaza ku mugaragaro kenshi biravamwo ivyiza bidashoka vyibonekeza. I Lomé ku mugwa mukuru wa Togo, hari umugore yaje atinyatinya maze atora agatabu Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare. Abamamaji bari ng’aho baciye baganira na we gatoyi ku bivugwa mu Banyefeso 5:3, hanyuma barahana inomero za telefone. Haheze indwi zibiri, wa mugore yarabaterefonye ababwira ati: “Sinari nsanzwe nkunda Ivyabona, ariko narasomye ka gatabu kandi nasanze karyoshe cane. Karamaze kumfasha gutunganya ingorane zimwezimwe zo mu rugo kandi ndamaze kugafashisha iyindi miryango ibiri. Bwa bundi nahora niyumvira Ivyabona ukutari kwo. Muraza munyigishe Bibiliya.” Uwo mugore yaratanguye kwiga Bibiliya be n’umwe muri ya miryango ibiri yafasha.

Yaragahinduye mu rurimi rwiwe

Ankasie ni agasagara ko muri Gana. Kw’ibarabara rikuru ryo muri ako gasagara usanga hariho abantu bariko baradandaza. Buri wa mbere, Ivyabona baraza kuri iryo barabara kwamamaza ku mugaragaro. Umuvukanyi yitwa Samuel yaraganiriye n’umusore yitwa Enoch. Enoch yarakiriye agatabu Niwumvirize Imana, aca arabaza Samuel ko ata bitabu vy’igikusaal bafise.

Bariko baramamaza ku mugaragaro i Ankasie muri Gana
Enoch ahaye Samuel agatabu yari yahinduye mu gikusaal

Gana: Yarahinduye agatabu mu gikusaal

Samuel yamwishuye ati: “Nta vyo dufise. Ariko turafise ivy’igifrafra,” ururimi rugomba gusa n’igikusaal. Mu nyuma, igihe Enoch yagomba asubire iwabo, yarasavye ibitabu yoha incuti ziwe.

Enoch agarutse i Ankasie, yarahaye Samuel inkaratasi zanditseko. Yari yahinduye mu gikusaal ka gatabu Niwumvirize Imana! Enoch arabandanya kwitaba amakoraniro no kwiga Bibiliya.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika