Ishure ry’abatsimvyi ryabereye hafi y’i Zugdidi
JEWOROJIYA | 1998-2006
Imihezagiro “mu gihe ciza [no] mu gihe kigoye.”—2 Tim. 4:2.
KUVA mu mpera z’imyaka ya 1990, igitigiri c’abamamaji n’abantu bashimishwa n’ukuri muri Jeworojiya carongerekanye cane. Mu 1998, abantu 32.409 ni bo bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kristu.
Ariko rero, abamamaji benshi ushizemwo n’abakurambere, bari bashasha mu kuri kandi ntibari bwamenye utuntu n’utundi. Benshi muri bo bari bakeneye kumenyerezwa mu bikorwa vy’ishengero no mu ndimiro. None bomenyerejwe gute?
Ishirahamwe ryongera kuhaseruka
Arno Tüngler n’umugore wiwe Sonja, bakaba bari basohotse Ishure rya Gileyadi (kw’ishami ryaryo ryari mu Budagi), bararungitswe muri Jeworojiya muri Ntwarante 1998. Muri uwo mwaka nyene, Inama Nyobozi yaremeye ko muri Jeworojiya hugururwa ibiro vy’igihugu bihagarikiwe n’ishami ry’Uburusiya.
Komite y’igihugu yaciye itangura guhagarikira igikorwa co kwamamaza. Tumaze kwemerwa n’amategeko, ibitabu vyari bisigaye biza bivuye kw’ishami ry’Ubudagi (ubu ryitwa ishami ry’Uburaya bwo hagati). Kwemerwa n’amategeko vyaratumye kandi turonka uburenganzira bwo kugura ibibanza vyo kwubakamwo Ingoro z’Ubwami n’ibiro vy’ishami.
Ikiringo c’ukumenyerezwa
Mu myaka yose igikorwa camaze kibujijwe, abamamaji batari bake ntibashobora kwamamaza inzu ku nzu. Arno Tüngler yigana ati: “Abamamaji benshi baramamaza mu mabarabara, mugabo si bose bari bamenyereye kwamamaza inzu ku nzu no gusubira kuraba abashimishijwe.”
Arno na Sonja Tüngler
Davit Devidze yatanguye gukorera muri ivyo biro vy’igihugu bishasha muri Rusama 1999. Yigana ati: “Akazi kari kenshi mu ndimiro no kuri Beteli. Hariho ibintu twari twarasomye mugabo tutazi ingene bikorwa. Twaza turavyigira ku bavukanyi bazi utuntu n’utundi barungikwa n’Inama Nyobozi.”
Haciye hatangura ikiringo c’ukumenyerezwa kw’urutavanako. Ariko rero, nk’uko bikunze kugenda ku baja gukorera ahakenewe abamamaji, abavukanyi bo muri Jeworojiya si bo bonyene bahungukiye. (Imig. 27:16) Abari baje kubamenyereza na bo nyene barabigiyeko ibintu vyinshi.
Ivyabona b’abasangwa bari intore
Arno na Sonja ntibazokwibagira ukuntu abavukanyi babakiranye urweze bagishika muri Jeworojiya. Abavukanyi bo ng’aho nta ko batagize kugira babafashe kumenyera ubuzima bushasha.
Sonja aribuka umutima wo gutanga cane w’abo bavukanyi. Yigana ati: “Hari umugabo n’umugore twabana hafi baguma batuzanira ibifungurwa biryoshe. Umudada umwe yaratujanye mu ndimiro, aradufasha kumenyera ishengero ryacu rishasha yongera aratubwira ibitari bike ku mico yo muri Jeworojiya. Uwundi mudada yaratwigishije ururimi rw’ikijeworojiya n’ukwihangana kwinshi.”
Warren Shewfelt n’umukenyezi wiwe Leslie barungitswe muri Jeworojiya mu 1999 bavuye muri Kanada. Bavuga bati: “Urukundo rw’abavukanyi bo muri Jeworojiya rwaradukoze ku mutima cane rwongera ruraduha icigwa. Abavukanyi bose, ushizemwo n’abana, ntibatinya kubwirana ko bakundana.”
Abavukanyi b’abasangwa barakoranye n’abamisiyonari bazi utuntu n’utundi ku biro vy’igihugu
Abamisiyonari barungitswe muri Jeworojiya barirengagiza ingorane zabashikira, bakibanda kuri kamere nziza abantu baho bafise. Ukwicisha bugufi n’urukundo vyabo vyatumye abavukanyi bo muri Jeworojiya banyaruka kubiyumvamwo.
Abantu batinya Imana bakira ukuri
Mu myaka ya 1990, abantu benshi b’inziraburyarya barabandanije kwakira ukuri. Mu 1998 honyene, habatijwe abantu 1.724. None ni igiki catumye Abanyajeworojiya benshi bashimishwa n’ukuri?
Tamazi Biblaia yamaze imyaka myinshi ari umucungezi w’ingenzi. Asigura ati: “Gukunda Imana bisanzwe biri mu mico y’Abanyajeworojiya. Igihe rero tubabwiye ubutumwa bwo muri Bibiliya, baca babwakira neza.”
Davit Samkharadze, akaba ari umwigisha mw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami, avuga ati: “Igihe umuntu atanguye kwiga Bibiliya, akenshi usanga incuti n’ababanyi baca bahaguruka. Baragerageza kumujijura ngo ahagarike kwiga, ariko benshi muri bo na bo nyene baruhira kwiga Bibiliya!”
Ubutumwa bw’Ubwami bwarakwiragiye bwongera burafasha benshi guhindura ubuzima. Muri Ndamukiza 1999, igitigiri c’abitaba Icibutso carongerekanye gishika ku 36.669.
“Abarwanizi ni benshi”
Ku bijanye n’igikorwa intumwa Paulo yaranguye muri Efeso, yanditse ati: “Nugururiwe umuryango munini uja ku gikorwa, ariko abarwanizi ni benshi.” (1 Kor. 16:9) Amajambo yiwe arahuye neza n’ivyashikiye Ivyabona bo muri Jeworojiya haciye amezi makeyi habaye ca Cibutso c’intibagirwa co mu 1999.
Muri Myandagaro uwo mwaka nyene, aborotodogisi b’intagondwa bari bayobowe n’umupatiri Vasili Mkalavishvili yari yarabogojwe muri iryo banga, baragize imyiyerekano i Tbilisi, baraturira ibitabu vyacu izuba riva. Iyo yabaye intandaro y’uruhamo rukaze rwamaze imyaka ine.
Kuva mu 1999, harabaye imyiyerekano yo kwiyamiriza Ivyabona, ibitabu vyabo biraturirwa bongera baragirirwa nabi
Ku wa 17 Gitugutu 1999, abanyedini b’intagondwa bakeyi barakoranije abantu 200, baca baja guhungabanya ishengero ry’i Gldani ryari ryibereye mu makoraniro. Baje bitwaje amahiri n’imisaraba y’ivyuma maze birara mu bavukanyi, bituma abatari bake baja mu bitaro.
Ikibabaje, abo babisha ntibafashwe kandi Ivyabona barabandanije kugirirwa nabi. Abategetsi batari bake, harimwo n’umukuru w’igihugu Shevardnadze, bariyamirije ivyo bitero ariko nta ngingo n’imwe bafashe kugira bihagarare. Akenshi mbere igipolisi cashika ahabereye ivyo bitero ababikoze bamaze kwigira.
Muri ico gihe nyene, umushingamateka Guram Sharadze yaratanguje isekeza ry’akataraboneka ryo kwambika ibara Ivyabona. Yabagiriza ngo barateye akaga. Vyasa n’uko ca “gihe ciza” co kwamamaza inkuru nziza cari cakamanganye.
Ishirahamwe ntiryagumye rireze amaboko
Ishirahamwe rya Yehova ryaciye ryihutira gufasha Ivyabona bo muri Jeworojiya. Abavukanyi barabwiwe ingene bovyifatamwo baramutse batewe. Baribukijwe kandi igituma bishika abakirisu b’ukuri bagahamwa.—2 Tim. 3:12.
Vyongeye, ishirahamwe rya Yehova ryarituye ubutungane. Umuvukanyi umwe yakora mu Rwego rujejwe ivy’amategeko kw’ishami ryo muri Jeworojiya, avuga ati: “Muri iyo myaka ine, twashingishije imanza zirenga 800 twitwarira Vasili n’akagwi kiwe. Twarituye abategetsi n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kugira badufashe. Icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova caratanguje isekeza ryo gushira ahabona amabi abavukanyi bariko barakorerwa, ariko nta cavuyemwo.”a
a Ushaka ayandi makuru ajanye n’ingene twaburaniye agateka kacu, raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Nzero 2002, urupapuro rwa 18-24.