ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb17 rup. 84-88
  • Ibiranga Jeworojiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiranga Jeworojiya
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017
yb17 rup. 84-88
Ikigwati co mu karere ka Svaneti ya ruguru muri Jeworojiya

Svaneti ya ruguru

JEWOROJIYA

Ibiranga Jeworojiya

Umugabo ahetse igiseke kirimwo inzabibu; udushami tw’inzabibu

Kwimbura inzabibu biratera umunezero

Igihugu Jeworojiya irangwa n’imisozi iteye igomwe ipfutswe n’ibibarafu, imwimwe ikaba ishobora kurenza imetero 4.500. Ico gihugu kigizwe n’ibice bibiri nyamukuru: Igice co mu buseruko n’ico mu burengero. Igice kimwekimwe cose kigizwe n’uturere tutari duke, kamwe kose kakaba kisangije ikirere, imigenzo, indirimbo, intambo n’ibifungurwa.

Abanyagihugu Abantu 3.700.000 bo muri ico gihugu nka bose ni imvukira zaho.

Idini Benshi mu bantu baho ni aborotodogisi. Abashika ibice 10 kw’ijana ni abisilamu.

Ururimi Ikijeworojiya nta ho gisa gisana n’indimi zo mu bihugu bibanyi. Amakuru ya kahise yerekana ko indome zigize urwo rurimi zatanguye kera cane, imbere y’uko Yezu aza kw’isi.

Ibibatunze Benshi babeshejweho n’uburimyi. Igisata c’ingenzi gisigaye kiri mu bintu vyinjiza amahera menshi muri ico gihugu.

Ikirere Mu gice co mu buseruko ntihashushe canke ngo hakanye. Ku nkengera z’ikiyaga Cirabura mu burengero bwa Jeworojiya harashushe, kandi haragwiriye ivyamwa vyo mu bwoko bw’imicungwe.

Bariko barimbura inzabibu

Bariko barimbura inzabibu mu karere ka Kakheti

Imfungurwa Mu bifungurwa vyaho ntihigera haburamwo umukate. Imikate yaho bayotsa mw’ifuru y’ibumba. Imfungurwa nyamukuru usanga zigizwe n’inyama zivanze n’imboga z’insoromano be n’ibirungo. Kuva kera bamye bakora umuvinyu. Umuvinyu waho barawushiramwo umwambiro, bagaca bawutarika mu mibindi mininiminini. Imiryango myinshi irarima inzabibu, igaca yiganira umuvinyu. Muri Jeworojiya hari ubwoko bushika 500 bw’ibiti vy’imizabibu.

Umugore ariko arakora umukate

Gukora umukate

IGIHUGU (ibilometero kwadarato)

69,700

ABANYAGIHUGU

3.720.400

ABAMAMAJI MU 2016

18.619

HARI UMWAMAMAJI 1 KU BANTU

200

ABITAVYE ICIBUTSO MU 2016

32.216

Ikarata ya Jeworojiya
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika